'Rishi Sunak yari afise amakenga ku mugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda' - Inyandiko

Ahavuye isanamu, PA MEDIA
- Umwanditsi, By Laura Kuenssberg
- Igikorwa, BBC News
Rishi Sunak yari afise amakenga menshi kw'irungikwa ry'abimukira mu gihugu c'Urwanda igihe yaba umushikiranganji wa mbere, nk'uko biri mu nyandiko BBC yasomye.
Izo nyandiko zivuga ko yashaka kugabanya ibiri mu migambi ya mbere yo mu bushikiranji bwa mbere. .
Zerekana kandi ko Sunik atizeye neza ko bishobora guhagarika abajabuka Manche.
Izo nyandiko kandi zirerekana ko yari afise amakenga yo gutanga amahera yo kwubaka ibigo vyo kwakira abimukira hakubashira mu mahoteli canke mu mazu yigenga kuko "amahoteli azimbutse".
Nk'umushikiranganji wa mbere, ku gitsure c'umugambwe wiwe, Sunak yagize umugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda umwe mu yihutirwa.
Umugambi wo kurungika bamwe mu basaba ubuhungiro mu Rwanda kugira higwe amadosiye yabo binashobotse bahabwe ubuhungiro, mu ntumbero yo guca intege abajabuka Manche bari mu mato mato mato, wari watangajwe ubwa mbere n'uwari umushikiranganji wa mbere Boris Johnson mu kwezi kwa kane mu 2022.
Ayo masezerano yagiye yigizwa inyuma incuro nyinshi kubera ukuyiyamiriza biciye mu butungane, gushika ubu akaba ata mwimukira n'umwe arirukanwa mu Bwongereza.
Inyandiko zo mu bushikiranganji bwa mbere zateguwe muri Ntwarante (3) mu 2022, imbere gato y'uko hashirwa umukono ku masezerano n'Urwanda ku kungene abimukira bagiye gufatwa.
Izo nyandiko zivuga ko Sunak yari atewe umutima uhagaze n'uburyo buzokoreshwa mu kurundika abimukira muri ico gihugu co muri Afrika, akaba mu ntango yashaka kugabanya ico gitigiri.
Zigira ziti: " Umushikiranganji wa mbere ashaka mu ntango kurungika igitigiri gito, 500 hakuba 1.500 mu mwaka wa mbere, hanyuma 3.000 hakuba 5.000 mu mwaka ugira kabiri n'uwa gatatu."
Izo nyandiko zirerekana ubudasa bukomeye bw'uko ibintu bibonwa hagati y'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere n'ubushikiranganji bw'ikigega ca reta kuco uwo mugambi woshikako, zikemeza ko ibiro vy'umushikiranganji wa mbere bibona ko "guca intege abimukira bitazokunda".
Sunak kandi avugwa nk'umuntu adashaka gutanga amahera yo gutegura "ibigo vy'iyakiriro bimeze nk'ivyo mu Bugiriki", ibigo bishobora guha indaro abimukira, hakubashira mu mahoteli bivugwa ko abatwara imiliyoni 3.5 z'amapawundi buri musi, nk'uko biri muri izo nyandiko.

Ahavuye isanamu, Reuters
Izo nyandiko zivuga ko abajejwe ubutunzi bahisemwo kurungika abimukira kuba hirya no hino mu gihugu, ico bita "kubanyabagiza".
Zirashira ahabona kandi ko ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyamuhanuye (Sunak) ko ategerezwa "kugenzura uko akunzwe mu bantu bato bato" mu gihe yoba ariko arakwega amaguru mu gushigikira impinduka mu bijanye n'abimukira, harimwo n'umugambi wo ku Rwanda.
N'aho uwo mugambi wiyamirijwe na sentare ntahinyuzwa yo mu Bwongereza ko udakurikije amategeko, umushikiranganji wa mbere yariyemeje guhindura amategeko kugira indege zishobore guhaguruka zijana abimukira mu Rwanda.
Ariko ishirwa ahabona ry'ayo makenga yiwe kuri uwo mugambi bishobora kumuhungabanya, narirya bamwe mu bashingamateka bo mu mugambwe wiwe bamusavye gukora ibindi birenze kugira ashike ku ntego yiwe yo kubuza abimukira kujabuka Manche, nko kuva mu masezerano ya Buraya y'agateka ka zina muntu.
Umwe mu begereye umushikiranganji wa mbere yabwiye BBC ati:"Umushikiranganji wa mbere yamye ashigikiye inzira yo guca intege abimukira iri muri uwo mugambi.
"Nk'umushikiranganji wa mbere, n'igikorwa ciwe co kuraba neza ko ibizovamwo vyokwubahirizwa kandi ko amafaranga y'abanyagihugu akoreshwa neza".
Uwundi wo muri reta agira ati:"Nk'umushikiranganji wa mbere, Rishi yaratanze amahera ku mugambi w'Urwanda anawushira no mu bintu 10 biri mu migambi yiwe nkoramutima amaze kuba umushikiranganji wa mbere.
"Ubu yemeje integuro y'itegeko ku Rwanda bivuye ku rubanza rwaciwe na sentare ntahinyuzwa kugira indege zishobore kujana abimukira mu Rwanda. Ni we mushikiranganji wa mbere abaye uwa mbere akurikiraniye hagufi igabanywa ry;amato mato mato ajabuka Manche gushika ku bice 36% mu mwaka uheze.
Mw'itangazo, umushingamateka wo mu mugambwe w'abakozi, Yvette Cooper yagize ati:"Ibi vyerekana ingene umugambi w'aba Conservateurs ku Rwanda ari uruhendo n'ingene Rishi Sunak ata nguvu agifise.
"Umushikiranganji wa mbere yari azi ingene uwo mugambi wari uzimvye kandi ko utazokunda, kandi yarateye igere n'aho yari umushikiranganji wa mbere. Ariko nta nguvu agifise ku buryo ubu yemeye gutanga imiliyoni 400 y'ama pawundi ku Rwanda ata muntu n'umwe ararungikayo, mu kugerageza gukomeza ubutegetsi bwiwe.
"Haba Urwanda canke gukoresha amahoteli, aba Conservateurs baguma barondera ibintu ata co bivuze hagufata ibintu mu minwe.
"Harageze ko bava muri ivyo ata co bimaze, bashire mu ngiro umugambi w'umugambwe w'abakozi mu guhangana n'inkozi z'ikibi zifasha abantu kujabuka, mu kuganira ku masezerano mashasha y'umutekano n'Uburaya, mu gukingira imbibe zacu no gushiraho uburyo bwo gusubiza inyuma vyihuse abadafise uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu c'Ubwongereza.










