Ivana Trump, umugore wa mbere wa Donald Trump, yapfuye ku myaka 73

Ivana Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivana Trump

Ivana Trump, umugore wa mbere wa Donald Trump akongera akaba na nyina w’abana biwe batatu, yasandavye ku myaka 73.

Aciye ku rubuga hwaniro rwiwe bwite, Truth Social, Trump yanditse ti: “Yari umugore w’intore, mwiza kandi atangaje, yabayeho mu buzima bukomeye kandi bwigisha”.

Ivana Trump, umugore yavukiye mu citwa République tchèque, yarongowe n’uyu yahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika mu 1977. Bagiye kwahukana inyuma y’imyaka 15 mu 1992.

Bavyaranye abana batatu - Donald Jr, Ivanka na Eric Trump.

Igipolisi kivuga ko ashobora kuba yahitanywe n’isanganya, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Assiciated Press.

Amasoko yabwiye iki kinyamakuru ko umupfasoni Trump yatowe yataye ubwenge ku ngazi i muhira iwe mu gisagara ca New York, bikavugwa ko yoba yaguye.

Donald na Ivana Trump baramenyekanye cane mu myaka ya 1980 na 1990, mbere ukwahukana kwabo kwaravuzweko vyinshi.

Bamaze kwahukana, Ivana yaciye atanguza urudandaza rwiwe rw’ibimoga, impuzu n’ibisharizo vy’umubiri (bijoux).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gitabo ciwe co mu 2017 yise Raising Trump, Ivana arishimira kuba yarareze abana babo, akavuga ko "yafashe ingingo ku bijanye n’indero yabo, ibikorwa vyabo, ingendo, mu kubitaho no kubaha ivya nkenerwa” gushika muri kaminuza.

Muri iki gitabo, avuga ko ubucuti bwiwe na Trump bwiyongereye cane kuva bahukanye, akavuga ko yama avugana nawe rimwe mu ndwi.

Mw’itangazo wasohoye, umuryango wa Trump wamukengurukiye mu kuvuga ko yari “inguvu mu bikorwa, umunonotsi wo ku rwego mpuzamakungu, ubwiza bw’agahorurore, umugenzi, akaba n’umuvyeyi yitaho umuryango”.

“Ivana Trump ni umucikacumu. Yahunze ubutegetsi bw’igikomunista ahungira muri iki gihugu ”, niko itangazo rivuga.

“ Yarigishije abana biwe ubutwari n’ubwira, kugira impuhwe no kudacika intege”.

Umwana wiwe mukuru, Ivanka avugwa ko yari yegereye cane nyina wiwe, yanditse mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa Instagram ko ababaye cane.

Yanditse ati: "Mama yari incabwenge, afise igikundiro, afise ishaka kandi atwenza cane. Yarerekanye inguvu, ubutwari n’ishaka mu bikorwa vyiwe vyose. Yabayeho ubuzima bwuzuye - ntiyigeze atakaza amahirwe yo gutwenga no gutamba ”.

Donald Trump yabaye umugabo wiwe wa kabiri. Uwa mbere, Alfred Winklmayr, yari umunya-Autriche yigisha urukino rwa ski n’umugenzi wiwe, akaba yari yemeye kurongorwa nawe kugira ngo aronke ubwenegihugu bwa Autriche.

Ivana na Donald Trump mu birori vyo kwegeranya uburyo (Met Gala) mu 1985

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivana na Donald Trump mu birori vyo kwegeranya uburyo (Met Gala) mu 1985

Ibi vyamufashije kuva mu gihugu ciwe ca gikomunista - ico gihe kikaba citwa Tchécoslovaquie - atari uko yari ahunze.

Igihe yaba muri Canada mu myaka ya 1970, yakoze nk’umwigisha w’urukino rwa ski akongera akaba n’umunyamideri.

Igihe yari mu rugendo rw’akazi mu gisagara ca New York mu 1976, yabonanye na Trump ari mu murwi w’abanyamideri.

Baciye barongorana mu mwaka wakurikiye, ubwo nyene baca batangura kuvugwa cane mu binyamakuru.

Igihe yari akiri kumwe na Trump, Ivana yaranguye amabanga atandukanye mw’ishirahamwe rya Trump (Trump Organization), harimwo no kuba umukuru w’ihoteri Plaza Hotel i Manhattan.

Ariko bivugwa ko Trump yamwugaraniye hanze y’ibiro vyiwe kuri iyo hoteri mu 1990 bivuye ku kutumvikana ku bintu bine vyari mu masezerano bagiriraniye imbere y’uko barongorana.

Igihe bahukaniye, Ivana yarongowe incuro zibiri, ubwa mbere n’umurwizatunga w’umutaliyano Riccardo Mazzucchelli, kuva 1995-97; hanyuka kandi n’umukinyi w’amareresi w’umutaliyano nyene Rossano Rubicondi, kuva 2008-09.

Umukenguzamateka w’umu Repubulika Lindsey Graham, incuti ya hafi cane ya Donald Trump, ati : “ Yarabayeho mu buzima bw’ikinyamerika ”.

Mu 2017, Ivana yabwiye ikiganiro ca ABC, Good Morning America, ko atagomvye gutera ubwishime umugore wiwe w’ubu Melania amuhamagaye muri Maison Blanche/White House. Yavuze ati : “ Ni jewe ndi umugore mukuru wa Trump. Uravyumva ? Ni jewe ndi First Lady ”.

Ni amwe mu majambo menshi akomeye uyu yahoze ari umunyamideri yasubiwemwo.

Mu gakino yagizemwo uruhara mu 1996 kiswe The First Wives Club, yabwiye abagore bari bahukanye ati: "Bapfasoni, mutegerezwa kwihagararako kandi mukigenga. Kandi mwibuke, ntimushavure, rondere vyose”.