Russia-Ukraine: umugambi wa UK wo kwigisha ingabo za Ukraine watanguye

Uumrwi wa mbere w'ingabo za Ukraine washitse mu Bwongereza mu nyigisho
Insiguro y'isanamu, Uumrwi wa mbere w'ingabo za Ukraine washitse mu Bwongereza mu nyigisho

Umurwi wa mbere w’ingabo za Ukraine watanguye inyigisho za gisirikare nshasha mu Bwongereza mu ntumbero yo gufasha ico gihugu kurwanya ingabo z’Uburusiya zateye igihugu cabo.

Abasirikare ba Ukraine bagera kuri 10.000 nibo bazoronswa izi nyigisho ku birindiro bitandukanye vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu gihugu cose mu mezi make ari imbere.

Uyu mugambi uzofasha abitangira igihugu cabo kuronka ubuhinga bukenewe bwo kurwana ku rubuga rw’intambara, nk’uko ubu bushikiranganji bubivuga.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Ben Wallace avuga ko iyi yari yo “ntambwe ikurikira” mu twigoro tw’Uwongereza two gufata mu mugongo ingabo za Ukraine.

Abasirikare bababa 1050 b’Ubwongereza nibo bahawe iki gikorwa co kwigisha ingabo za Ukraine ku bigo bitandukanye mu gihugu cose – ku birometero birenga 1600 uvuye ku rubuga rw’intambra mu karere ka Donbas mu buseruko bwa Ukraine.

Uwu mugambi w’Ubwongereza ufise intumbero yo kwigisha abanya-Ukraine gushika ku 10.000 mu misi 120, ariko “bibaye ngombwa bazokwiyongera”, nk’uko umushikiranganji wo kwivuna abansi abivuga.

Ati: "Turi mu minwe y’abanya -Ukraine.

"Dukoresheje ubuhinga karuhariwe kw’isi bw’igisirikare c’Ubwongereza, tuzofasha Ukraine kunagura igisirikare cayo tubongerereze n’ubushobozi bwo kwivuna mu gihe bariko bararwanira ubwigenge bw’igihugu cabo be n’uburenganzira bwo kwihitiramwo ku vyerekeye kazoza kabo”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi vyigwa bishingiye ku nyigisho shingiro z’igisirikare c’Ubwongereza, harimwo gukoresha ibirwanisho, ubutabazi bwihuta ku rubuga rw’intambara, kwiga akarere, amayeri yo gukizura hamwe n’amategeko ajanye n’intambara ya gisirikare.

Ingabo za Ukraine zababa 22.000 ziramaze kwigishwa n’Ubwongereza mu ciswe, Operation Orbital, hagati ya 2015 na 2022.

Gushika ubu, Ubwongereza bumaze guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyaridi 2.3 z’amapawundi mu guhangana n’igitero c’Uburusiya, harimwo ibirwanisho birenga 5000 bisambura vya bimodoka ntamenwa (NLAW) hamwe na vya muzinga vyo mu bwoko bwa M270 birasa ibisasu vya rokete vyinshi ica rimwe.

Umushikiranganji Wallace, mu gihe afatwa nk’uwushobora kuba ari imbere mu bazosubirira Boris Johnson nk’umushikiranganji wa mbere n’umukuru w’umugambwe w’aba Convervateurs /Conservative, avuga ko uwuzomusubirira mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’’Ubwongereza azokenera kwiyemeza gushira uburyo mu gisata co kwivuna abansi.

Abanya-Ukraine kandi bariko barahabwa inyigisho zidasanzwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Intwazangabo nkuru nkuru ziriko ziriga ku kigo ca Fort Leavenworth mu ntara ya Kansas, abahinga bakavuga ko inyigisho bahakura zizobaha ubushobozi bwo gutegura urugamba rukomeye rwo kwivuna umwansi ateye igihugu cabo.