Intambara ya Ukraine: Ubwato bwa mbere butwaye intete bwahagurutse

Ubwato butwaye intete

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ubwato bwa mbere butwaye intete bwahagurutse ku kivuko ca Ukraine hisunzwe amasezerano y'akataraboneka n'Uburusiya.

Abategetsi ba Turkia na Ukraine bavuze ko ubwo bwato bwavuye ku kivuko co mu bumanuko ca Odesa kare mu gitondo ku musi wa mbere.

Kuva mu kwezi kwa kabiri, Uburusiya bwari bwugarije ico kivuko ca Ukraine, ariko izo mpande zibiri zarumvikanye ku masezerano yo kureka ubwato butwaye intete bukarengana.

Vyitezwe ko ayo masezerano azotuma ibifungurwa bisubira kuboneka kw'isi, anagabanure igiciro c'intete.

Turkia yavuze ko ubwo bwato buriko idarapo rya Sierra Leone, bwitwa Razoni, bushobora gushikira ku kivuko ca Tripoli muri Libani, yongerako ko hari n'ubundi bwato butegekanijwe guhaguruka mu ndwi ziri imbere.

Ikigo co kugenzura ico gikorwa gihuriyemwo n'impande zose, cashinzwe hisunzwe ayo masezerano i Istanbul, cavuze ko ubwo bwato butwaye amatoni 26.000 y'ibigori, bikaba vyitezwe ko bushika mu mazi ya Turkia kugira bugenzurwe ku musi wa kabiri.

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres yakiranye urweze iryo haguruka ry'ubwo bwato anashimagiza Turkia ku ruhara yagize mw'ishirwa mu bikorwa ry'ayo masezerano.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe inyubako, Alexander Kubrakov yanditse kuri Facebook ati: "Uyu musi Ukraine, turi kumwe n'abo dukorana, twagize iyindi ntambwe mu gukinga inzara kw'isi."

"Iyugururwa ry'ibivuko rizotuma haboneka imiriyaridi imwe avuye mu guhanahana ibidandazwa hamwe n'akaryo keza ku gisata c'uburimyi ko kwitegurira umwaka uza."

Mu gihe ubwo bwato bwera bwa Ruzoni bugaragara mu mazi y'ikiyaga cirabura cuzuyemwo amamine vyerekana intambwe ishimishije, ico gikorwa gitegerezwa kumara igihe kirekire kugira kigirire akamaro ubutunzi bwa Ukraine bubangamiwe cane no kugira abantu ama miliyoni bageramiwe n'inzara kw'isi bacungukiremwo.

Ariko Kubrakov yavuze ko ayandi mato 16 arindiriye guhaguruka ku bivuko vyo mu karere ka Odesa mu ndwi ziri imbere.

Amasezerano yo mu kwezi guheze - yahagarikiwe na Onu hamwe na Turkia - yafashe amezi abiri kugira ashikweko bikaba bitegekanijwe ko amara imisi 120. Ashobora kwongererezwa ikiringo mu gihe impande zose zobihurizako.