Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora ya Tanzania: 'Uwurondera guhonyanga itegeko ntaze yidoge' - Igipolisi
Abanyagihugu ba Tanzania bari mu matora rusangi kuri uno wa 29 Gitugutu (10) 2025, aho abiyandikishije bagera ku miriyoni 37 batora umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abajenama b'uturere.
Vyari vyitezwe ko ano matora atangura isaha imwe mu masaha yo muri ico gihugu mu bibanza vy'amatora 99.000 mu gihugu cose, Tanzania na Zanzibar.
Perezida Samia Suluhu Hassan wo mu mugambwe uri ku butegetsi CCM (Chama Cha Mapinduzi) ariko arondera ikiringo ciwe kigira kabiri c'imyaka itanu, akaba ahanganye n'abandi bakandida cumi na batandatu.
Perezida Samia Suluhu Hassan amaze gutora yatanze ubutumwa asaba abanyagihugu "gutora mu mahoro n'ituze"
Samia yatoreye ahitwa Chamwino mu gisagara ca Dodoma, umurwa mukuru wa poritike wa Tanzania.
Muri ano matora agira indwi kuva iki gihugu cinjiye mu ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu 1992, imigambwe mikuru mikuru itavuga rumwe na CCM iyabona ukundi.
Umugambwe mukuru utavuga rumwe n'uno uri ku butegetsi, CHADEMA, ntiwitavye ano matora ukabandanya usaba ko haba impinduka mu nteguro z'ano matora kuko ku bwawo, iyisanzwe ihari yorohereza umugambwe uri ku butegetsi.
Ni mu gihe umugambwe wundi utavuga rumwe na CCM, ACT-Wazalendo, udafise uwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu inyuma y'uko Luhaga Mpina akuriwe mw'ihiganwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko atakwije ibisabwa n'amategeko agenga amatora.
Ni mu gihe kandi mu mazinga ya Zanzibar hoho imirwi y'abanyagihugu barangura amabanga adasanzwe, harimwo nk'abasirikare, abakozi bo mu murwi ujejwe gutegura amatora hamwe n'abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi, batoye ejo ku wa kabiri.
Muri iryo zinga urugamba rukomeye rwo kurondera uwurirongora ruri hagati y'abahiganwa kw'izina ry'imigambwe mikuru mikuru ibiri, uwuserukira umugambwe CCM , Hussein Mwinyi hamwe na Othman Masoud Othman yitoza kw'izina ry'umugambwe ACT-Wazalendo.
Benshi mu batora barashima ingene umurwi ujejwe gutegura amatora wayiteguriye n'ingene uhimiriza abanyagihugu kuyitabira ku bwinshi.
Umurwi ujejwe amatora uvuga ko ibizova muri ano matora y'igihugu cose bizotangazwa mu masaha 72 kuva arangiye, amakuru ava mu bice bitandukanye vya Tanzania akavuga ko ariko aba mu mutekano ntangere.
Ariko nubwo bimeze uko, mu gihe reta n'imigambwe bahimiriza abanyagihugu kuyitabira ku bwinshi, hari iyindi mirwi yoyo yiyita ko iharanira uburenganzira ihimiriza imyiyerekano, ivuga ko ari yo nzira yo gushikiriza akari ku mutima ku co ivuga ko ari inanirwa ryo kuzana impinduka mu vya poritike.
Igipolisi coco gishimangira ko ivy'iyi myiyerekano bivugwa afise intego yo guhungabanya umutekano. Icegera c'umukuru w'igipolisi DCP David Misime yaraye atangaje ati: "Uwuzorondera guhonyanga itegeko ryo ku wa 29 Gitugutu ntaze yidoge".