Amatora ya Tanzania: 'Uwurondera guhonyanga itegeko ntaze yidoge' - Igipolisi

 Amatora muri Tz

Abanyagihugu ba Tanzania bari mu matora rusangi kuri uno wa 29 Gitugutu (10) 2025, aho abiyandikishije bagera ku miriyoni 37 batora umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abajenama b'uturere.

Vyari vyitezwe ko ano matora atangura isaha imwe mu masaha yo muri ico gihugu mu bibanza vy'amatora 99.000 mu gihugu cose, Tanzania na Zanzibar.

Perezida Samia Suluhu Hassan wo mu mugambwe uri ku butegetsi CCM (Chama Cha Mapinduzi) ariko arondera ikiringo ciwe kigira kabiri c'imyaka itanu, akaba ahanganye n'abandi bakandida cumi na batandatu.

Perezida Samia Suluhu Hassan amaze gutora yatanze ubutumwa asaba abanyagihugu "gutora mu mahoro n'ituze"

Samia yatoreye ahitwa Chamwino mu gisagara ca Dodoma, umurwa mukuru wa poritike wa Tanzania.

Muri ano matora agira indwi kuva iki gihugu cinjiye mu ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu 1992, imigambwe mikuru mikuru itavuga rumwe na CCM iyabona ukundi.

Umugambwe mukuru utavuga rumwe n'uno uri ku butegetsi, CHADEMA, ntiwitavye ano matora ukabandanya usaba ko haba impinduka mu nteguro z'ano matora kuko ku bwawo, iyisanzwe ihari yorohereza umugambwe uri ku butegetsi.

Ni mu gihe umugambwe wundi utavuga rumwe na CCM, ACT-Wazalendo, udafise uwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu inyuma y'uko Luhaga Mpina akuriwe mw'ihiganwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko atakwije ibisabwa n'amategeko agenga amatora.

Perezida Samia Suluhu ku murongo agire aje gutora i Dodoma

Ahavuye isanamu, Ikulu Tanzania

Insiguro y'isanamu, Perezida Samia Suluhu ku murongo agire aje gutora ku murwa mukuru Dodoma
Hussein Mwinyi, (afise ikaramu mu minwe) ariko arondera ikiringo kigira kabiri co kurongora izinga rya Zanzibar
Insiguro y'isanamu, Hussein Mwinyi, (afise ikaramu mu minwe) ariko arondera ikiringo kigira kabiri co kurongora izinga rya Zanzibar

Ni mu gihe kandi mu mazinga ya Zanzibar hoho imirwi y'abanyagihugu barangura amabanga adasanzwe, harimwo nk'abasirikare, abakozi bo mu murwi ujejwe gutegura amatora hamwe n'abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi, batoye ejo ku wa kabiri.

Muri iryo zinga urugamba rukomeye rwo kurondera uwurirongora ruri hagati y'abahiganwa kw'izina ry'imigambwe mikuru mikuru ibiri, uwuserukira umugambwe CCM , Hussein Mwinyi hamwe na Othman Masoud Othman yitoza kw'izina ry'umugambwe ACT-Wazalendo.

Benshi mu batora barashima ingene umurwi ujejwe gutegura amatora wayiteguriye n'ingene uhimiriza abanyagihugu kuyitabira ku bwinshi.

Ahatari hake, amatora yataguye ku gihe
Insiguro y'isanamu, Ahatari hake, amatora yataguye ku gihe
Abatora
Uno ni umusi ugira kabiri muri Zanzibar, aho ibibanza vy’itora 1.756 mu ntara zayo zibiri za Unguja na Pemba vyiteze kwakira abiyandikishije bashika 700.000 baza gutora muri aya matora rusangi, gushika ubu umutekano ukaba ari wose muri iri zinga rifise kahise k’amatora yagiye arangwamwo imvururu rimwe na rimwe.
Insiguro y'isanamu, Uno ni umusi ugira kabiri muri Zanzibar, aho ibibanza vy'itora 1.756 mu ntara zayo zibiri za Unguja na Pemba vyiteze kwakira abiyandikishije bashika 700.000 baza gutora muri aya matora rusangi, gushika ubu umutekano ukaba ari wose muri iri zinga rifise kahise k'amatora yagiye arangwamwo imvururu rimwe na rimwe.

Umurwi ujejwe amatora uvuga ko ibizova muri ano matora y'igihugu cose bizotangazwa mu masaha 72 kuva arangiye, amakuru ava mu bice bitandukanye vya Tanzania akavuga ko ariko aba mu mutekano ntangere.

Ariko nubwo bimeze uko, mu gihe reta n'imigambwe bahimiriza abanyagihugu kuyitabira ku bwinshi, hari iyindi mirwi yoyo yiyita ko iharanira uburenganzira ihimiriza imyiyerekano, ivuga ko ari yo nzira yo gushikiriza akari ku mutima ku co ivuga ko ari inanirwa ryo kuzana impinduka mu vya poritike.

Igipolisi coco gishimangira ko ivy'iyi myiyerekano bivugwa afise intego yo guhungabanya umutekano. Icegera c'umukuru w'igipolisi DCP David Misime yaraye atangaje ati: "Uwuzorondera guhonyanga itegeko ryo ku wa 29 Gitugutu ntaze yidoge".

Abagabo batoye umurongo bagiye gutora ku biro by'itora bya Kilimani mu mujyi wa Dodoma muri Tanzania
Insiguro y'isanamu, Abagabo batoye umurongo bagiye gutora ku biro by'itora bya Kilimani mu mujyi wa Dodoma muri Tanzania

Amatora yo muri Tanzania mu ncamake

Amatora Tz
Amatora Tz
Amatora Tz
Amatora Tz
Amatora Tz
matora Tz