Ibintu 7 nyamukuru biri mu masezerano ya Amerika na Ukraine kw'itunga kama

Trump na Zelensky bahanye ukuboko muri White House umukuru wa Ukraine avuye mu mudoka. Trump yambaye cositumu y'ubururu n'ikaravato itukura , Zelensky ari mu mwambaro usa n'uwa gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Paul Kirby, James FitzGerald na Tom Geoghegan
    • Igikorwa, BBC News

Amerika na Ukraine baraye bashize umukono ku masezerano azotuma Amerika ishikira ubutunzi kama bw'ico gihugu kiriko kiratabagurwa n'intambara.

Ayo masezerano, yari amaze amezi ariko arategurwa, ashinga ikigega c'imitahe Ukraine yizeye ko kizotuma imfashanyo ya Amerika ikomera mu gihe kiriko kiragwa kivyuka kugira civune Uburusiya inyuma y'imyaka itatu bukigavyeko intambara.

BBC yabonye integuro y'ayo masezerazo ariko si inyandiko ya nyuma[yasinywe]. Ifatiye kuri iyo no ku majambo yashikirijwe n'impande zompi, ng'ibi ibintu ndwi umuntu yomenya.

Ukraine ntizoriha ivyo yari imaze guhabwa na Amerika

Trump mbere yahora asaba ko Ukraine iriha miriyaridi 350 z'ama dorari y'imfashanyo avuga ko Ukraine yahawe na Amerika muri iyo ntambara - ivyo Zelensky akaba yaravyanse.

Ariko Amerika biboneka ko ico yagihevye. Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal yavuze ko amasezerano adategeka Ukraine kuriha icoba gifatwa ''nk'umwenda''.

Trump nawe nyene yavuze ko ayo masezerano ari intsizi ku ruhande rwiwe, avuga ko igihugu ciwe kizogaruza ''vyinshi cane mu bishoboka'' gusumba ama miriyaridi yahawe Ukraine n'uwo yasubiriye Joe Biden.

Imvugo ikaze kuri Putin gusumba uko vyahora

Igishoka kiboneka mu mvugo yakoreshejwe na Amerika mu gutangaza ayo masezerano ni uko ikaze ku Burusiya kurusha uko vyahora mu butegetsi bwa Trump.

Mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika, bwakoresheje amajambo ''Igitero c'Uburusiya ku gihugu cose'' ryongerako ko ''ata gihugu canke umuntu yahaye Uburusiya uburyo bw'amafaranga canke ibikoresho muri iyo ntambara azokwemererwa kuja muri uwo mugambi wo gusanura Ukraine.''

Ibi birahimbara umutima wa Ukraine, yari isanzwe isaba ko Uburusiya bwotswa igitutu gusumba mu biganiro vyabwo na Amerika mu kurondera amasezerano yo guhagarika intambara.

Ibitoro na gaz hamwe n'ubutare

N'ubwo vyinshi mu biganiro kuri ayo masezerano vyari vyerekeye ubutunzi bw'ubutare bwa Ukraine, ayo masezerano arimwo kandi ingingo zerekeye imigambi mishasha ku bitoro na gaz, n'ibikorwa remezo bijanye.

Muri vyose ariko, ubutunzi buguma ari ubwa Ukraine, n'ubwo Amerika izobushikira ifatanije n'ico gihugu.

Ibi vyabonywe nk'ukworosha kw'aho Ukraine yari ihagaze, kuko ntivyari bisanzwe biri mu nteguro z'amasezerano z'imbere yaho.

Nta ntambamyi kuri Ukraine ku kwinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya

Ukraine kuva kera yamye ishaka kwinjira mw'ishirahamwe rya Buraya kandi ivyo kwemererwa vyatanguye kwigwa mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze.

Muri Ukraine hari amakenga ko ayo masezerano yari kubera intambanyi ico gihugu ku bushobozi bwaco bwo kwinjira muri UE, hamwe coha ikibanza ca nkunzi abanyamitahe ba Amerika, kuko Ukraine isanganywe amasezerano yo gufashanya n'ishirahamwe rya Buraya ku vyerekeye ubutunzi kama budahinguwe.

Ariko ayo masezerano avuga ko Amerika yemera icifuzo ca Ukraine co kwinjira mw'ishirahamwe rya Buraya n'uko bikenewe ko aya masezerano atorwanya uwo mugambi.

Avuga kandi ko hamwe Ukraine yokenera gusubiramwo ibiri muri yo kubera ''izindi nshingano ziyongeyeko'' muri uwo mugambi wo kwinjira mw'ishirahamwe rya Buraya, ko Amerika yemera gusubira kubiganirako n'umutima mwiza.

Vyongeye, Ukraine ivuga ko Amerika izoshigikira kwongereza imitahe n'ubuhinga, bivuye mw'ishirahamwe rya Buraya canke ahandi.

Inyungu izoshirwa mu mitahe muri Ukraine mu kiringo c'imyaka 10

Ikindi kiri muri ayo masezerano ni uko, mu myaka 10 ya mbere y'ico kigega co gusanura Ukraine, inyungu ''zose zizoshirwa mu mitahe mu butunzi bwa Ukraine''.

Iki kirakomeye hamwe ata kunguko k'amafaranga Amerika yoba izokuramwo mu kiringo c'imyaka 10. Ukraine yiteze ko amafaranga yose azoshirwa muri ico kigega azoja mu gusubira kwubaka igihugu no mu migambi mishasha.

Inyuma y'ico kiringo ca mbere c'intango, akunguko gashobora kugaburwa hagati y'abafatanyabikorwa. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ikigega ca reta yabwiye ikinyamakuru Fox News ko ayo masezerano ari ikimenyeteso ku banyamerika ko ''turonse amahirwe yo kugira uruhara, turonke amwe mu mafaranga n'ibigwanisho, twirihe amafaranga y'ivyo twongere tube abafatanyabikorwa ku vyiza abanya-Ukraine bazoshikako''.

Imfashanyo ya gisirikare ya Amerika yongeye kwigwa...

Amerika yashingiye kuri ayo masezerano nk'ikintu gihambaye co gusinya niba Ukraine ikeneye kubandanya ironka imfashanyo ya gisirikare.

Icegera ca mbere c'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Yulia Svyrydenko - yagiye i Washington gusinya ayo masezerano - yavuze ko yiteze ko Amerika muri kazoza izotanga iyindi mfashanyo, nk'ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

N'iki nyene, coba kibaye impinduka mu mikenyuro ya Trump - yari yashitse afata inzira yo kugabanya imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine kuva agarutse ku butegetsi.

Ikibazo kigisigaye ni ukumenya ico ayo masezerano amaherezo asigura ku ho intambara igeze. Uburusiya ntaco buravuga kuri nayo masezerano.

...ariko Amerika ishobora kubivamwo umwanya uwo ari wo wose

Biboneka ko ata ngingo zifadika zo kwizera umutekano Amerika itanga, ico naco akaba ari co Ukraine n'Uburaya bamye barondera ko Amerika itanga.

Trump yagumye agonanwa kugira ivyo yiyemeza mu vya gisirikare nk'uko Joe Biden yabigize.

Ahubwo, inyungu ziwe mu kuguma hari imfashanyo ya Amerika kuri Ukraine ireka kwigaragaza gusumba, kubera ivyo vy'ubutunzi vyiyemejwe muri ayo masezerano.

Ivyo bisigura ko n'ubundi haguma hari ikigoyagoya mu kwiyemeza gushigikira Ukraine kw'uwa mbere akomeye mu bashigikiye ico gihugu.

Ubutare bw'agaciro nkenerwa cane buri muri Ukraine:

  • Tutanium na
  • Zirconium bugwiriye mu bice vy'amajahagati
  • Graphite nkenke mu majahagati
  • Terres Rares (Rare Earths) mu muhoro uva mu buraruko bushira uburengero uja mu bumanuko bushira ubuseruko
  • Lithium hamwe hamwe mu majagati