Inyuma y'umubonano wiwe na Zelensky i Vatikano, Trump ntabona neza nimba koko Putin yipfuza amahoro
- Umwanditsi, Emma Rossiter, Paul Kirby & Ian Aikman
- Igikorwa, BBC News
Donald Trump aribaza nimba koko Vladimir Putin afise ishaka ryo kurangiza intambara muri Ukraine, ni inyuma y'umubonano wa Perezida Volodymyr Zelensky w'iki gihugu igihe bahurira mu birori vyo gushingura Papa Fransisko i Vatikano ejo ku wa gatandatu.
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro imbere y'uko ava i Roma, Trump yavuze ko afise ubwoba ko Putin ariko "arankinirako" inyuma y'ibitero vy'Uburusiya kuri Ukraine muri ino ndwi, akongerako yuko ata "mvo n'imwe Putin yari afise yo kurasa ibisasu vya misire mu bibanza vya gisivire".
Mu masaha ya kare kuri uwo musi, Trump na Zelensky babonetse bariko baraganira bashimitse muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda imbere yuko ibirori bitangura.
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yavuze ko uno mubonano w'iminota 15 na Zelensky wari "ngirakamaro cane". Uno mukuru w'igihugu ca Ukraine na we akaba yavuze ko "washobora kuba iw'imbonekarimwe".
Bwari bwo bwa mbere Trump abonanye amaso mu yandi na mugenziwe wa Ukraine inyuma y'igihe cari kihaciye bateranye amajambo muri Maison Blanche muri Ruhuhuma (2).
Muri ubu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, Trump yavuze ko ibitero vy'Uburusiya ku bisagara vya Ukraine "bituma nibaza ko kumbure adashaka ko intambara ihagarara, ariko arankinirako gusa, rero ategerezwa gufatwa ukundi".
Imbere y'aha, Trump yari yavuze ko Uburusiya na Ukraine vyari "hafi cane yo gushika ku masezerano" inyuma y'ibiganiro vy'amasaha atatu hagati y'intumwa yiwe Steve Witkoff n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya ku wa gatanu.
Hagati aho, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yavuze ejo ku wa gatandatu ko Putin yemereye Witkoff ko Uburusiya bwiteguye kwinjira mu biganiro bitaziguye na Ukraine "ata kirinze gusabwa" .

Ahavuye isanamu, Andriy Yermak/Telegram
Igihe baherukana kubonana muri Maison Blanche, Trump yari yabwiye Zelensky ati "nta yandi mahitamwo ufise " kandi ko atariko aratsinda Uburusiya.
Muri ino ndwi, Trump yarasubiyemwo ano majambo, mu kuvuga ko uyu mukuru w'igihugu ata "yandi mahitamwo afise". Imbere y'aha, yaragirije Ukraine ko ari yo yatanguje intambara, anagiriza Zelensky incuro zitari nke ko ari we ntambamyi y'ibiganiro vy'amahoro.
Ariko Maison Blanche yarerekanye imvugo nziza kuri uno mubonano w'ejo ku wa gatandatu, mu gihe Zelensky na we yavuze ko uno mubonano ari "ikimenyetso gikomeye" kandi gishobora kuvamwo ibintu bikomeye "ari nka hamwe twoshika ku ntego rusangi".
Amasanamu abiri y'uno mubonano yarashizwe ahabona, yerekana Trump muri kositime y'ubururu na Zelensky mu mwambaro wirabura, bari mu kiyago gikomeye, bicaye barabana.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybiha na we nyene yarasohoye isanamu imwe y'uno mubonano iherekejwe n'amajambo ngo: "Nta majambo akenewe kugira ngo umuntu adondore uburemere bw'uno mubonano w'akataraboneka. Abategetsi babiri muri Bazilika yitiriwe Petero mweranda bariko barondera amahoro ".

Ahavuye isanamu, Andriy Yermak/Telegram
Iyinsi sanamu yasohowe n'intumwa za Ukraine zari imbere muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda yerekana aba bagabo babiri bahagararanye na Sir Keir Starmer, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, ikiganza ciwe ku rutugu rwa Zelensky.
Ibi bigasigura ko aba bategetsi babiri ba Bulaya - mbere bakaba bama bakora nk'abahuza ba Trump na Zelensky - bari bafashije mu guhuza aba bategetsi, mu gihe bari barindiriye ko ibirori bitangura.
Inyuma y'uno mubonano, Trump na Zelensky baciye baja gufata ivyicaro vyabo muri bazilika, aho Zelensky yakirijwe amashi n'abari aho.
Mu nsiguro ziwe, Kardinali Giovanni Battista Re yayoboye imisa yagarutse ku kungene Papa Fransisko atahengeshanya gusaba amahoro. "'Mwubake ibiraro, aho kwubaka impome' yamye ari amajambo yagumye asubiramwo incuro nyinshi", niko uno mukardinali yavuze.
Abategetsi ba Ukraine bari bavuze ko bari gusubira kubonana ariko haciye akanya indege ya Trump yaciye iva i Roma.
Hagati aho, Zelensky yarabonanye na Macron mu kigo ca Villa Bonaparte, ahasanzwe hari ibiro vy'ubuserukizi bw'Ubufaransa i Vatikano.
Yarabonanye kandi na Sir Keir muri Villa Wolkonsky, umuhana w'umuserukizi w'Ubwongereza i Roma, yongera agiriranira kandi n'ibiganiro n'umukuru w'Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen.

Ahavuye isanamu, PA Media
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Macron yavuze ko guhagarika intambara muri Ukraine ari intumbero "dusangiye na Perezida Trump", yongerako ko Ukraine yiteguriye "guhagarika intambara ata kirinze gusabwa".
Umuvugizi wa Downing Street (ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza) yavuze ko Starmer na Zelensky bavuganye ku ntambwe nziza zari ziherutse gushikwako kugira ngo "haboneke amahoro nyayo kandi arama muri Ukraine", kandi ko aba bategetsi babiri bemeranije "kudatezura" no "gusubira kuvugana vuba bishoboka habonetse akaryo".
Igihe haba uguterana amajambo muri Ruhuhuma muri Maison Blanche, Trump yagirije Perezida Zelensky "gukina n'intambara ya gatatu y'isi yose" mu kwanka integuro ya Washington (ubutegetsi bwa Amerika) yo guhagarika intambara.
Kyiv imaze igihe iterwa igitsure na Trump ayihatira kwemera guheba ubutaka, nka kimwe mu vyoba biri mu masezerano yo kurangiza intambara.
Ubu butaka Ukraine yoheba bivugwa ko bwoba burimwo guheba uturere tutari duto, harimwo n'akarere ka Crimée/Crimea kihagiwe n'Uburusiya mu 2014.
Zelensky abandanya yamirira kure iki ciyumviro. Ku wa gatanu, yabwiye BBC ko ari ngombwa ko "intambara ihagarara burundu kandi ata kirinze gusabwa kugira ngo ibintu vyose biganirweko".














