Impamvu zitangaje z'igituma Abanyaburaya ba kera baryama mu bubati bw'ibiti

Ahavuye isanamu, Alamy
- Umwanditsi, Zaria Gorvett
- Igikorwa, BBC
Ibi vyumba biteye nk’ububati bwo kubikamwo impuzu bivugwa ko vyashobora gukwirwamwo abantu bashika batanu. None ni ukubera iki vyataye igihe?
Mu nzu ndangakaranga y’ahitwa Wick, mu buraruko bwa Ecosse/Scotland hari ikintu gisa n'akabati k'imbaho kanini cane ko kubikamwo impuzu. Gifise imiryango ibiri n'amasandugu amanitse hejuru yako. Nta kibanza koronka mu cumba co mu bihe vya none.
Imbaho zigakoze ziteranijwe mu buryo vyoroha kugasambura ku wifuza kukimura ngo ashike agateraniriza ahandi. Ariko aka kabati si ako kubikamwo amashati canke amakoti. Nta hategekanijwe kumanikako canke kurambikako imouzu. Iki ni igisandugu c’uburyamo - ikintu cari cakozwe kugira ngo abantu basinziriremwo.
Igitangaje, iki gisandugu c’uburyamo cari cari gikunzwe cane i Bulaya kuva mu kinjana nk’ica gatanu gushika mu ntango y’ica 20. Ibi bintu vyari bikozwe mu mbaho kandi biremereye cane vyarimwo ivyo umuntu yokwitega - igisandugu gikozwe mu mbaho kirimwo igitanda.
Bimwe vyari bisanzwe, bikozwe n'imbaho gusa. Ibindi bikozwe neza bishajije, mu mbaho zisaruwe kandi isize ku mpande. Kenshi ubu bubati bwaba bufise imyango yugarwa kugira butume uwusinziriye aja mu kizime, canke idirisha ririrko igitambara (irido). Bwiza muri bwo bwakoreshwa mu buryo bwinshi, hariwmo n’aho kwicara.
Mu myaka ibinjana, abakozi bo mu ndimo, abarovyi, eka mbere nabo mu miryango yubashwe barinjira muri ivyo biruto vy'ibiti buri joro, bakirinda gusa kutiseka inkokora bariko barinjira, bakiyugaranirayo.

Ahavuye isanamu, Alamy
Ubwo bubati bwo kuryamamwo bwakoreshwa ibintu bitandukanye. Kenshi bwakoreshwa nk'utwumba duto two kuryamamwo – aho kuja kuryama mu gihe ata handi haba hasigaye ikibanza co kuryamamwo.
Mu 1890, umuryango waba mu misozi yo muri Ecosse wari munini ku buryo utashobora gukwirwa mu nzu y’icuma kimwe. Rero bamwe mu bari bawugize barara muri ako kabati karimwo igitanda mu kigega, bakararana n’imbwa hamwe n'ifarasi, nk’uko bivugwa n'ikigo ndangakaranga Wick Society.
Bwakunda kandi gukoreshwa ku bakozi b’abimukira mu duce tumwe tumwe, nk'abaza mu karere ka Wick mu gihe c'ukuroba – aho wasanga abantu batanu canke 6 bakenera gusangira icumba.
Mu vy'ukuri, kuryamana muri ako kabati k’uburyamo hagati y'abagize umuryango canke abakorana vyari ibintu bisanzwe. Mu gikino ciswe The Factory Lad co mu 1825, abakozi baryama mu vyumba vy'ububati ari babiri canke batatu muri kimwe.
Bimwe vyari bifise intoboro zizana akayaga, ariko barundanyeyo ari benshi vyashobora gutuma babura impemu – umugani umwe wo mu kinjana ca 13 mu Bufaransa uvugwamwo umugore yanyegeje mu gitanda abashitsi baje mu mpisho, mu nyuma bapfira muri ico cumba cari cuzuye ibindi bintu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ububati bwo kuryamamwo bwari burwiriye cane mu Bwongereza no ku mugabane wa Bulaya. Inkuru imwe ivuga ko mu 1840, menshi mu mazu yo mu gihugu hagati muri Bretagne mu Bufaransa yaba afise ubwo bubati akenshi bwaba bukozwe mu mbaho z'igiti ca chêne (oak) bukareha na 1.20m burimwo ivyo gusasa no kwifuka.
Ariko hari n’kandi karusho k'izo sandugu zo kuryamamwo: gususurutsa. Mu gihe ata buhinga bwo gususurutsa bugezweho bwari buhari, ivyumba vy'uburyamo vyarakonja – ari co gituma vyari ibintu bisanzwe kuryamana wambaye ikofero kugira hasigare haboneka mu maso gusa. Ico gihe vy'ukuri haba hakonje cane.

Ahavuye isanamu, Alamy
Akabati ko kuryamamwo kahavuye gafatwa nk’ajanye n'ubukene n'ubuzima bwo mu gihugu hagati mu nyuma karahava karahebwa. Gushika hagati mu kinjana ca 20, ntibwari bukiboneka cane. Ariko ubu, ibintu bisa na vyo biriko biragaruka buke buke.
Ubu urashobora kugura amahema y'igitanda agahindura aho kuryama mu twumba tumeze nk'amasenga kugira hiyongereko kuba uri ukwa wenyene koko, mu gihe utundi ''twumba'' dusa cane n'ububati bw'ivyumba tugurishwa ku bifuza kudushira mu mazu y'ubuzima nk'ubwo mu gihugu hagati.










