Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo ashobora kubogozwa ku busuma bwabereye mw’itongo ryiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Elsa Maishman
BBC News
Umukuru wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa ashobora kubogozwa bitewe n’ikibazo c’ubusuma bwabereye mw’itongo ryiwe, rizwi nka Farmgate.
Ramaphosa yagirizwa kunyegeza ubusuma bw’imiriyoni zine z'amadorari y'abanyamerika bwabereye mw’itongo ryiwe mu 2020, harimwo kunyuruza no guha ibiturire abasuma nk’igipfukamunwa.
Icegeranyo c'umurwi wigenga cagiye ahabona ariko cari kikiri mw'ibanga gisanga Ramaphosa yakoresheje ububasha afise kandi ko ashobora no kuba yarahonyanze itegeko rirwanya igiturire.
Arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko ayo mafaranga yavuye mw’igurishwa ry’imbogo.
Ivyo uyu murwi washitseko mu matohoza yawo vyashikirijwe inama nshingamateka kugira ngo ivyihweze hanyuma ifate ingingo nimba bikwiriye canke bidakwiriye ko mu ndwi iza batangura igikorwa co kumubogoza.
Haracasigaye ikiringo kiri musi y’ukwezi kugira ngo habe inama izofata ingingo nimba Ramaphosa yokwitoreza ikiringo kigira kabiri mu mugambwe wiwe, uzwi nka African National Congress (ANC), mu 2024. Ibi bishobora kugira ingaruka mbi kuri uno mugambi wiwe.
ANC itegura inama y’abagize ibiro nshingwabikorwa vyawo kuri uyu wa kane, aho vyitezwe ko iki kibazo kiza kwigwa.
Ikibazo ca Farmgate cagiye ahabona mu kwa gatandatu, aho uwahoze arongoye igisata ca Afrika y’Epfo kijejwe igendereza, Arthur Fraser, yitwaye ku gipolisi yagiriza umukuru w’igihugu ko yahishije ubusuma bw’imiriyoni zine z’amadorari mw’itongo ryiwe rya Phala Phala mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu mu 2020.
Fraser, umugenzi pfa-mpfe wa Jacob zuma yahoze arongoye iki gihugu, avuga ko aya mahera ashobora kuba yavuye mu busuma no mu biturire, akagiriza umukuru w’igihugu kunyuruza no guha igiturire abasuma.
Kubika amafaranga menshi nk’aya mu madorari bishobora guhonyanga amategeko agenga igenzura ry’ingene amafaranga mvamakungu avunjwa.
Ramaphosa aremeza ubu busuma, ariko ko amafaranga yibwe ari make cane ugenereranije n’aya avugwa, agahakana kandi ko atagerageje kubihisha.
Avuga ko amadorari 580.000 - yari yishuwe ku mbogo - yibwe aho yari abitswe musi y'imisego y’intebe mu nzu iri muri iryo tongo.
Nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, Ramaphosa yandikiye uwo murwi ati: "Ntabwo nakoze uruhigi ku bakoze ubu busuma, nk’uko bivugwa, kandi nta mabwirizwa natanze kugira ngo ibi bibe”.
Uyu murwi wanzuye ko habaye ibibazo vyinshi bitishuwe, ukavuga ko ari “ikibazo gikomeye cane”.
Nta makuru menshi ahari ku mugabo afatwa ko yatanze amafaranga y’iyi mbogo nk’uko uru rwandiko rubivuga, kandi ko ataratwara izo nyamaswa inyuma y’imyaka ibiri n’igice.
Uyu murwi uvuga kandi ko ari ibintu bitumvikana ingene aya mafaranga yagumye anyegejwe mu ntebe, hakuyabika mu gisandugu ntamenwa (safe/coffre-fort) kandi ko yari gushobora kujanwa mw’ibanki.
Iki cegeranyo kigira kiti: "Twibaza ko umukuru w’igihugu hari ivyo ategerezwa kwishura ku mamuko y’aya mafaranga mvamakungu yibwe, hamwe n’icerekeye ingene yayaronse”.
Congerako kiti: "Umukuru w’igihugu yarakoresheje ububasha bwiwe nk’umukuru w’igihugu kugira ngo ico kibazo ntigikorweko amatohoza be no mu gusaba umukuru w’igihugu ca Namibia kumufasha kugira ngo uwabikoze ntafatwe”.
Umukuru w’igihugu ca Namibia Hage Geingob aherutse guhakana ko ata ruhara afise muri ivyo bintu.










