Cyril Ramaphosa: Arthur Fraser yagiriza prezida wa South Africa kunyuruza abantu no kurya igiturire

Ahavuye isanamu, AFP
Uwahoze arongoye iperereza rya Afrika y'Epfo yagiriza Cyril Ramaphosa kunyuruza abantu no kurya igiturire mu rubanza yajanye mu gipolisi.
Arthur Fraser avuga ko urwo rubanza ruraba ukugerageza kwiba imiliyoni 4 z'amadolari mu 2020 mu nyubakwa imwe ya prezida, no mu twigoro two gushaka kuzimanganya ivyabaye.
Ramaphosa yavuze "nta shimikiro ivyo yagirizwa bijanye n'ubwicanyi bifise.".
Fraser abonwa na bamwe nk'umuntu yegereye cane uwahoze ari umukuru w'igihugu Jacob Zuma.
Bamwe bemeza ko ivyo bivugwa bifitaniye isano n'indyane zirangwa mu mugambwe uri ku butegetsi ANC (African National Congress), imbere y'uko haba amatora y'indongozi nshasha mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Igipolisi kiremeza ko cigeze kwakira urwo rubanza kandi ko "kizobandanya kurukurikirana nk'uko amategeko abitegekanya", harimwo n'amatohoza yabaye ubwambere.
Fraser, yatwaye urwego rw'igihugu rujejwe umutekano SSA (State Security Agency ) hagati y'umwaka wa 2016 na 2018, yavuze ko yatanze amafoto, nimero za konte na video mu gipolisi.
Mw'itangazo, yavuze ko abasuma bateye inyubakwa iri mu ntara ya Limpopo mu kwezi kwa kabiri mu 2020 bashaka kwiba imiliyoni zirenga zine z'amadolari.
Baciye bapfungwa baranabazwa kuvyerekeye ubwo busuma hanyuma biyemeza kutazocira amate hasi ku vyahabereye, nk'uko iryo tangazo ribivuga.
Mu kwishura, Ibiro vya Ramaphosa vyemeje ko habaye ubusuma mu nzu yiwe iri Limpopo "aho hibwe amahera yavuye mu ruhigi rw'ibikoko".
Prezida, ico gihe yari mu rugendo mu mahanga, yaramenyesheje ivyabaye ku gipolisi kijejwe kumucungerera umutekano, nk'uko biri mw'itangazo ryo mu biro vyiwe.
Yongeyeko ko"yiteguye gukorana n'abari bo bose bazogira amatohoza kuri ivyo vyashitse".
Inyuma yo kurongora igisata ca SSA, Fraser yaciye ashingwa amabanga yo kurongora igisata kijejwe amabohero mu gihugu.
Mu kwezi kw'icenda guheze, ni we yafashe ingingo yo kurekura vy'agateganyo Zuma kubera ubugwayi mu kiringo c'amezi abiri mu mezi 15 y'igipfungo kubera kugarariza ubutungane - ingingo yanebaguwe na benshi muri Afrika y'Epfo.
Yaragirijwe kandi gufasha abarya igiturire igihe yari akirongoye igisata ca SSA n'ivyabona mu matohoza ku biturire vyo muri ico gihugu mu gihe c'ubutegetsi bwa Zuma, mu ciswe akanama ka Zondo.
Fraser yagirije ivyo vyabona ko bariko baramubeshera.
Ramaphosa yabaye prezida mu kwezi kwa kabiri mu 2018 inyuma y'itanga imihoho rya Zuma kubera kwagirizwa kurya ibiturire mu buryo butandukanye, ivyo yahakanye.
Umugambwe ANC uracagabuyemwo ibice hagati y'abashigikiye abo bagabo babiri.
Bitegekanijwe ko haba amatora mu mpera z'uyu mwaka y'uwozoserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu 2024.
Uwo mukuru w'igihugu yagize igikorwa nyamukuru kugwanya igiturire muri reta yiwe.
Ariko ishirwa mu ngiro ry'uwo mugambi ryaranebaguwe kubera ikoreshwa ry'amahera agenewe abanyagihugu, na cane cane ayari agenewe kugwanya ikiza Covid-19, vyabandanije ku butegetsi bwiwe.
Igihe yaba icegera c'umukuru w'igihugu mu 2024, Ramaphosa yari umugwizatunga akomeye cane afise imitahe mu mabuye y'agaciro, mw'itumatumanako, mu bimenyeshamakuru, mu binyobwa no mu makompanyi agurisha indya zitetse.
Mu 2014, yamenyesheje inama nshingamateka ko atunze imiliyoni 5 z'amadolari mu mitahe hamwe n'inzu ziri mu bisagara 30. Ariko bizwi hose ko ubutunzi bwiwe burenze ngaho kuri n'iyo.








