S Africa: Ramaphosa arashikiriza ivyo azi ku biturire mu gihe ca Zuma

Cyril Ramaphosa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Cyril Ramaphosa azomara iminsi ibiri ashikriza ivyo azi umugwi Zondo Commission ukora amatohoza ku biturire

Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yahakanye ibineguro vy'uko ataco yakoze ku vyavugwa ku biturire mu gihe c'intwaro c'uwo yasubiriye ku butegets bw'igihugu, Jacob Zuma.

Yariko aravuga ivyo azi imbere y'umugwi w'igihugu wiswe Zondo Commission, ukora amatohoza ku biturire mu nzego z'igihugu.

Uwo mugwi washinzwe kugirango ukore amatohoza mu bivugwa ko Zuma yaretse umuryango utunze cane w'aba Gupta ukanyonyeza itunga ry'igihugu igihe yari ku butegetsi, ivyatumye Afrika y'Epfo ihomba miriyaridi 81 z'ama dorari mu kigega ca reta ikongera igatakaza amahirwe atari make.

Cyril Ramaphosa yari icegera c'umukuru w'igihugu n'umugambwe ANC uri ku butegetsi ku gice kimwe c'ico kiringo c'ubutegetsi bwa Jacob Zuma.

Uwo mukuru w'igihugu w'imyaka 68 yabwiye uwo mugwi ko amaze kumenya ko hari abagirizwa ibiturire yaciye afata ingingo yo kuguma mu nzego z'umugambwe kugira agwanye ibiturire ahereye imbere.

Mu nyuma yahavuye yitoza kuba umukuru w'igihugu yemera kuzorwanya ibiturire muri reta no muri ANC.

Jacob Zuma

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Jacob Zuma mu mera z'ukwezi kwa gatandatu yakatiwe amezi 15 yo gupfungwa kubera kwanka kwitaba sentare ku rubanza rw'ibiturire

N'amajambo akomeye yashikirijwe na Ramaphosa - amajambo azotuma habazwa ibibazo vyinshi muri uwo mugwi w'amatohoza.

Pumza Fihlani, umunyamamkuru wa BBC ari Johannesburg, avuga ko benshi muri ico gihugu biteze ko hari vyinshi bizoja ahabona muri iyo minsi ibiri umukuru w'igihugu azoba ariko arashikiriza ivyo azi.

ANC, uvuga ko ari umugambwe w'uburongozi rusangi, ubu nawo ushinzwe ijisho.

Pumza Fihlani avuga ko abanya-Afrika y'Epfo bifuza kumenya abazobazwa ibiturire vyaranze imyaka 10 iheze, vyatumye reta idashitsa ivya nkenrwa ku bakene, bituma kandi ubuzi butakara mu mahinguriro amwe amwe.

Yaba Zuma, waba n'umuryango w'aba Gupta , bose barahakana ko ata caha bakoze.