UK- Rwanda: Nta mwimukira azosubizwa inyuma, azoca ajanwa mu Rwanda – niko Suella na Biruta bumvikanye

Ahavuye isanamu, Ministry of Foreign Affairs & Int'l Cooperation
Ubwongereza bwaraye buteye igikumu ku masezerano n’Urwanda azotuma umuntu wese yinjiye mu buryo buciye kubiri n’amategeko kandi adashobora gusubira iyo yaje ava, azoca ajanwa muri kino gihugu co muri Afrika y’Ibiyaga binini.
Ni ivyaraye bivuye mu rugendo rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Ubwongereza, Suella Braverman, ari na we ajejwe ibibazo vy’abimukira, aho mu gitondo c’ejo ku wa gatandatu yashika i Kigali, mu ntumbero yo kuvugana n’abategetsi b’Urwanda kuri ano masezerano yerekeye abimukira hagati y’ibi bihugu vyompi.
Kwari ukunagura amasezerano yo gufashanya mu bijanye n’uruja n’uruza hamwe n’ubutunzi hagati y’ibi bihugu bibiri yateweko igikumu mu kwa kane kw’umwaka uheze.
Aya masezerano ategekanya ko abimukira bazokwinjira mu Bwongereza mu nzira ziteye kubiri n’amategeko bazoca barungikwa mu Rwanda kugira ngo basabireyo ubuhungiro.
Abatari bake, harimwo abanyaporitike, abaharanira uburenganzira bwa muntu, ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi UNHCR n’abandi, bariyamirije aya masezerano yateweko igikumu n’uwari umushikiranji ajewe imigenderanire y’Ubwongereza, Priti Patel, hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda, Vincent Biruta, bavuga ko ahonyanga agateka ka muntu.
Hagati aho, abategetsi b’ibi bihugu vyompi bagumye bashimangira ko ata ngorane ateye, Ubwongereza bukavuga ko Urwanda ruri mu bihugu vya mbere bitekanye.
Muri uru rugendo rw’imisi ibiri, abashikiranganji Suella Braverman na Vincent Biruta bateye igikumu kuri ano masezerano anaguwe ejo ku wa gatandatu.
Umushikiranganji Braverman avuga ko aya masezerano aha Ubwongereza akaryo ko kwitegura gushira mu ngiro ingingo ziri mu nteguro y’itegeko ryerekeye uruja n’uruza ruteye kubiri n’amategeko yashikirijwe inama nshingamateka mu ndwi iheze.
Umugambi w’Ubwongereza wo kurungika abimukira mu Rwanda wagiye uburizwamwo n’abawurwanya, mu gihe wategerezwa gutangura gushirwa mu ngiro mu kwa gatandatu kw’umwaka uheze, igihe indege ya mbere yari yitezwe gutwara mu Rwanda umurwi wa mbere w’abasaba ubuhungiro ariko bikanka ku munota wa nyuma.
Reta y’Ubwongereza ibona ko iyi ari yo nzira nyayo yo kurangiza ikibazo c’abimukira binjira mu gihugu bidaciye mu mategeko, ariko abawurwanya bobo bafata ko ari “ubugome buteye isoni”.










