Côte d’Ivoire na Guinée biriko bitahukana abantu bavyo bari muri Tunisia kubera ivanguramoko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu bibiri vya Afrika y’Uburengero biriko biratahukana abanyagihugu bavyo bari muri Tunisia inyuma y’amajambo yo guturira yashikirijwe na Perezida Kais Saied mu ndwi iheze.
Perezida Saied yavuze ko uruja n’uruza rw’abimukira ari “amanyanga” yo gusambura ico gihugu, akagiriza “ibihemu bikorana n’ibihugu vyio hanze”.
Kuva ico gihe, abimukira bava muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara barahagarikwa.
Côte d’Ivoire na Guinée bivuga ko biriko birarungika indege zavyo kugira zitahukane abanyagihugu bavyo.
Umuvugizi wa reta ya Côte d’Ivoire, Amadou Coulibaly, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Ikintu nyamukuru cihutirwa ni ukurokora ubuzima, kugira ntihagire abahakomerekera”.
Tunisia ifise abimukira bababa 21.000 bavuye mu bihugu vya Afrika biri musi y’ubugaragwa bwa Sahara mu 2021, nk’uko biri mu biharuro bitangwa n’ubutegetsi vyasubiwemwo n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu yagiriza Saied “gukokeza urwanko” hamwe “n’ivangura ruhu ku bimukira b’abanya-Afrika”.
Saied arahakana ko ata vangura akoresha.
Inyuma y’amajambo yiwe, abimukira benshi baratakaje ubuzi bwabo n’amazu babamwo mw’ijoro rimwe. Bamwe bavuga ko bakubaguwe.
Umunyeshure akomoka muri Afrika y’ubumanuko yabwiye BBC ati: "Aya majambo yabaye akaryo keza ku bantu benshi bari basanzwe ari abanyamacakubiri”.
Uyu mwigeme avuga ko abanyafrika benshi bava mu bihugu biri musi y’ubugaragwa bwa Afrika batinya gusohoka inyuma y’aho abandi “batuririwe amazu, bamwe bagakubitwa, abandi bagahohoterwa, abandi nabo bagatukwa”.
"Twumva tudatekaniwe kwitura abategetsi kubera twumva ko bamwe muri bo bashigikiye iyi ngendo…bamwe mu bagenzi banje b’abanya-Tunisia bavuga ko batewe isoni no kwitwa Abanya-Tunisia kubera ibiriko biraba”.
Abanya- Côte d’Ivoire n’abanya-Guinée baharurwa mu majana baramaze kwiyandikisha kuva ico gihe ku biro vy’ubuserukizi bw’ibihugu vyabo kugira ngo batahukanwe.
Saied yavuze ati: “Intego itaramenyekana y’uru rukurikirane rw’abimukira mu buryo butemewe n’amategeko ni ugufata Tunisia ko ari igihugu ca Afrika kidafitaniye isano n’ibihugu vy’Abarabu n’ivya ki-Islam”.
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika - Tunisia na yo nyene irimwo – bwariyamirije aya majambo buvuga ko “ababaje”, bunagabisha “ku majambo y’ivanguraruhu”.
Ejo ku wa gatatu, umukinyi karuhariwe wa tennis w’umunya-Tunisia Ons Jabeur yaracishije ku rubuga rwa Twitter ubutumwa bwo kwiyamiriza “ivanguraruhu” asaba ko “buri muntu wese agira uburenganzira bwo kubaho mw’iteka”.
Abanya-Tunisia 80% bemeza ko ivanguraruhu mu gihugu cabo ari ingorane – igitigiri kinini gusumba ibindi bihugu vyo mu burasirazuba bwo hagati no mu buraruko bwa Afrika, nk’uko biri mu cigwa casohowe mu mwaka uheze n’igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’icarabu.












