Umukuru w’igihugu ca Tunisia aranegurwa ku vyo yaraye avuze ku bimukira

Perezida Kais Saied aranegurwa ku majambo yiwe ku bimukira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Kais Saied aranegurwa ku majambo yiwe ku bimukira

Umukuru w’igihugu ca Tunisia, Kais Saied, asaba ko hafatwa “ingingo zihutirwa” kugira ngo bahagarike ibitigiri vy’umurengera vy’abimukira badafise ivya ngombwa bava muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara.

Perezida Saied asubirwamwo avuga ko abimukira binjira mu gihugu bashobora gutoba umugambi wa demokarasi w’igihugu ciwe, amajambo anegurwa n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko ari ay’ivanguraruhu.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo amajambo yiwe avuga ati: “Intego itaramenyekana y’uru rukurikirane rw’abimukira mu buryo butemewe n’amategeko ni ugufata Tunisia ko ari igihugu ca Afrika kidafitaniye isano n’ibihugu vy’Abarabu n’ivya ki-Islam”.

Uyu mukuru w’igihugu yavuze ibi mw’ijambo yashikirije ejo ku wa kabiri mu nama yagiranye n’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano.

Umuvugizi w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Tunisia, Forum for Economic and Social Rights, avuga ko amajambo ya Saied "ashingiye kw’ivanguraruhu nk’uko bimeze i Bulaya …ingendo y’umukuru w’igihugu ifise intumbero yo gushiraho umwansi atabaho ku banya-Tunisia mu ntumbero yo kubibagiza ingorane nyamukuru zibahanze”.

Tunisia ni inzira nyamukuru ikunze gukoreshwa n’abimukira hamwe n’abarondera ubuhungiro barondera kujabuka baja i Bulaya.

Muri kuno kwezi, abategetsi ba Tunisia barahagaritse abimukira batari bake mu ruhigi bwakoze kuri bo.