Rwanda-UK: 'Abadatinya gupfa ntibazotinya kurungikwa mu Rwanda' -uwurungika abantu mu kinyegero

Jane Corbin

BBC Panorma

Icijiji c'umwe w'umuntu

Umuntu akora urudandazwa rwo kwinjiza abantu mu kinyegero avuga ko umugambi w’Ubwongereza wo kurungika mu Rwanda abajabuka kurondera ubuhungiro muri ico gihugu utazoca intege abakiriya biwe. Jane Corbin yagiye kumuraba aho akorera muri Turkia.

 Ni ku mugoroba w’ijoro ubwo ndiko ndurira ingazi zinjana mu nzu ikoreraa mu kinyegero iri ku kabarabara katagira izina muri Istanbul, muri Tirkia. Ndi ngaha kugira mbonane n’umwe mu bakora urudandazwa rw’abantu mu kinyegero – vyasavye amezi n’ayandi kugira hatunganywe uwu mubonano, biciye ku wundi muntu w’umwizigirwa.

Ni umusozo w’igikorwa c’amatohoza ya BBC Panorama ku kugene bigenda ngo abantu ibihumbi n’ibihumbi bajabuke bashike ku nkengera z’ubumanuko bw’Ubwongereza kurondera ubuhungiro.

 Uwo muntu akora urwo rudandazwa aturuka mu Burasirazuba bwo hagati- akiri muto kandi avuga bukebuke, yambaye neza impuzu zirabura. Yemeye kumbwira ivyerekeye urudandazwa rwiwe twemeye kudashira ahabona umwidondoro wiwe.

Abamucungerera umutekano bari hanze baraba agakoma kose, ariko atawomenya ko arico bajejwe.

Ndamubwiye ko kwinjiza abantu mu kinyegero biteye kubiri n’amategeko, ati : ”Ndazi ko ivyo bitemewe n’amategeko, ariko kuri jewe, ivyo bijanye n’ubuntu -kubikora bikenewe kuruta kwubaha amategeko.

"Dufasha abantu, tubafata neza, turubaha abagore -nta n’umwe dusuzugura canke ngo tugirire nabi.”

Mu mwaka uheze hafi abantu 2.000 barapfiriye mu kiyaga Mediterranee.

Mu kwezi kwa Ndamukiza (4), reta y’Ubwomgereza yumvikanye n’Urwanda ku masezerano aciye miriyoni 120 z’amafaranga y’abongereza canke pound (£), yo kurungika abarondera ubuhungiro cane cane abakiri bonyene (batagira abagore, abagabo canke abana) kugira ivy’ubuhungiro bwabo bikorerwe mu Rwanda.

Abantu barondera ubuhungiro biremetse ubwato babujana mu mazi imbere y'uko bagerageza kujabuka baja mu Bwongereza bidaciye mu mategeko , Mukakaro 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu barenga 30.000 baramaze kujabuka Manche ( English Channel) gushika ubu muri uyu mwaka
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Reta yavuze ko intumbero ari uguca intege urwo rudandazwa rw’abinjiza abantu mu kinyegero no guhagarika ingendo zibangamye zo kujabuka ikiyaga Manche (English Channel).

Gushika ubu muri uyu mwaka, abantu barenga 30.000 baramaze kujabuka n’ubwato, abo bahakwa kungana n’abajabutse mu mwaka uheze wose.

Uwo muntu arungika abantu mu kinyegro arungika amajana mu Bwongereza. Ntateba kwemera ko urwo rudandazwa rwiwe rwinjiza amafaranga menshi kandi ko arufata nk’uko yoba ari ucucuruzi.

Avuga ati: “Sindaba ko ari umuryango canke umuntu umwe, umuntu wese ariha amafaranga angana n’ayo abandi.

“Urugendo rwo gushika Bwongereza rusaba amadorari 17.000 [mu mafaranga y’Uburundi arenga 34.000.000] muri rusangi.

None asigura gute ingene ashira ubuzima bw’abantu mu kaga mu kubajabutsa mu buryo bubangamye mu bwato budafashe?

Avuga ati: “Amasanganya arashobora gushika. Turagerageza kubatera ubwoba kugira tubace intege.

“Ndababwira nti, ‘Iyo nzira irabangamye cane, ntakwigerezako. Mushobora gupfa. Nkabibwira nyina, nkabibwira na se.’”

Yatweretse urupapuro - buzuza kugira bemere ko ataco azobazwa, kandi bemere ko bazi ko birimwo ingeramizi.

Urupapuro rwo kwuzuza
  • 1. Abaduhuza n'abaduserukira nta na kimwe babazwa hagize igishika nko gupfa, gufatwa, gutakara mu mazi mu gihe c'urugendo. Ntitwizeza ko ruzoba urugendo rutagira ingorane
  • 2.Shirako umukono (sinya) niba wemeye
  • 3. Umukono, itariki

Istambul ni mu masanganiro hagati ya Asia, Uburasirazuba bwo hagati, Afrika na Buraya- kandi uru rudandazwa rwo mu kinyegero rurateye imbere cane ngaha.

Kuronka abakiriya ni ihiganwa. Ku mbuga hwaniro, abinjiza abantu mu kinyegero batanga ibiciro bitandukanye bivanye n’iyo umuntu ashaka kuja.

Hariho impapuro z’inzira za megendo (passports) n’impusha zo gutwara imodoka z’Ubwongereza zigurishwa.

Hariho mbere n’ibibazo vy’ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe intwaro yo hagati kugira bategure abaja kurondera ubuhungiro kwimenyereza kuvyishura.

Istanbul mw'ijoro
Insiguro y'isanamu, Mw'ijoro, abo barondera ubuhungiro burizwa imiduga bava Istanbul bajanwa mu misozi , bagaca bagenda n'amaguru gushika ku kiyaga Mediterranee

Uwo ajana abantu mu kinyero akura abakiriya biwe mu mazu akorera mu kinyegero muri iki gisagara, gisanzwe kirimwo impunzi zishika ku 5.000.000.

Barundanirizwa mu twumba duto duto, aho bashobora kurindirira amezi mu gihe urugendo rwabo ruba ruriko ruratunganywa. Abakozi biwe barabazanira ivyo kurya baguze mu masoko ya kijambere (supermarkets) yo ngaho.

Asigura ati: “Tubashira mu nzu tukarindira ko vyose bitungana. Vyose bikwiye, duca tukaba ama terefone yabo kugira abaporisi ntibamenye ivyacu.”

Abo barondera ubuhungiro baca burizwa imodoka mw’ijoro kuva Istanmbul bakajanwa mu misozi. Bagenda mu migwi y’abantu batandatu batandatu canke cumi cumi, gushika ku kiyaga Mediterranee, kuri bumwe mu bwato bw’uyo abajana mu kinyegero. Aho baca berekeza mu Butaliano canke mu Buguriki.

Reta yavuze ko intumbero ari uguca intege urwo rudandazwa rw’abinjiza abantu mu kinyegero no guhagarika ingendo zibangamye zo kujabuka ikiyaga Manche (English Channel).

Gushika ubu muri uyu mwaka, abantu barenga 30.000 baramaze kujabuka n’ubwato, abo bahakwa kungana n’abajabutse mu mwaka uheze wose.

Uwo muntu arungika abantu mu kinyegro arungika amajana mu Bwongereza. Ntateba kwemera ko urwo rudandazwa rwiwe rwinjiza amafaranga menshi kandi ko arufata nk’uko yoba ari ucucuruzi.

Avuga ati: “Sindaba ko ari umuryango canke umuntu umwe, umuntu wese ariha amafaranga angana n’ayo abandi.

“Urugendo rwo gushika Bwongereza rusaba amadorari 17.000 [mu mafaranga y’Uburundi arenga 34.000.000] muri rusangi.

None asigura gute ingene ashira ubuzima bw’abantu mu kaga mu kubajabutsa mu buryo bubangamye mu bwato budafashe?

Avuga ati: “Amasanganya arashobora gushika. Turagerageza kubatera ubwoba kugira tubace intege.

“Ndababwira nti, ‘Iyo nzira irabangamye cane, ntakwigerezako. Mushobora gupfa. Nkabibwira nyina, nkabibwira na se.’”

Yatweretse urupapuro - buzuza kugira bemere ko ataco azobazwa, kandi bemere ko bazi ko birimwo ingeramizi.

 Uwo ukora urwo rudandazwa arabihakana, ariko biravugwa ko hari uwapfiriye mu bwato bwiwe.

Abarondera ubuhungiro barokowe igihe imoteri y'ubwato bwabo yahagarara mu kwezi kwa gatanu mu 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abo ni abaja kurondera ubuhungiro barokowe igihe imoteri y'ubwato bwabo yahagarara bari hagati mu kiyaga Manche (Channel), muri Rusama 2022

Aratwereka amwe mu ma video -abantu bakiri bato baharurwa mu mirongo buzuye ubwato bazungagiza ibiganza, basemerera, bamushimira. Ivyo ni icemezo ko bajabutse.

Amafaranga baba barishe urwo rugendo aba afiswe n’abantu bari hagati y’uwo mudandaza n’abo barungikwa, akaba atangwa ari uko imiryango ibonye ko bashitse amahoro. Uwo mudandaza aranafise n’ingene arungika abifise bashobora kuriha menshi kuruta.

Abo barondera ubuhungiro rero baca bafata inzira baca i Buraya gushika ku nkengera z’uburaruko bw’Ubufaransa, hanyuma bamwe, bagaca bajabuka Manche (English Channel) kugira bashike mu Bwongereza. Hari urufatangane rw’abantu bakwiragiye ku 100km mu micungaro ya Calais bo gufasha uwo ajana abantu mu kinyegro wo muri Turkia kujabuka imitego ya nyuma.

Avuga ati: “Tugura ubwato butoya. Butwara hagati ya $10.000 na $20.000.

“Umwe mu babugendamwo aca aronka urugendo rwa gusa kuko yemeye kubutwara. Baca bagenda ata handi baciye, bashitse bagaca bishikana ku giporisi.”

Asa n’uwufise amakenga, abamucungera bibaza ko bahava bamenyekana.

Iryanyuma nabonye uwo atwara abantu mu kinyegero yariko aragura ubundi bwato nk’ubwo kugira bajabuke. Urundazwa rwiwe, aho gusamburwa, ruguma rukomera.

Ibitigiri vy’abantu bajabuka biguma vyiyongeraa kurusha, mu gihe reta y’Ubwongereza yasubiye muri sentare gusigura ko umugambi wo mu Rwanda ata kibazo uteye kandi uhuye n’amategeko. Ingingo ya sentare yo kumenya niba iyo reta yotangura kurungika abo bantu mu Rwanda yitezwe mu kwezi kuza.

Uwo mukenyuro wa reta hari ico uzohindura? Ndamubajije.

Ati: “N’aho borungika abantu 1.000 mu Rwanda buri munsi, abantu ntibazohagarika canke ngo bahindure ingingo yabo.

“Niba badatinya gupfa, ntibazotinya kurungikwa mu Rwanda.”