Tunisia: Abimukira 20 bapfuye bazize ubwato bwibiye mu kiyaga Mediterrane

Thousands of migrants attempt to cross the Mediterranean from north African countries to Europe every year (file photo)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira baragerageza kujabuka Mediterrane bava mu bihugu vyo mu buraruko bwa Afrika baja i Buraya buri mwaka (ifoto ya kera)

Abategetsi bavuga ko abimukira hafi 20 bapfuye inyuma y'aho ubwato barimwo bwiyubikiye mu kiyaga Mediterrane ku nkengera za Tuniziya.

Ubwato bw'abacunga inkengera z'ico kiyaga muri Tuniziya bwakuye ibiziga vyabo mu gisagara ca Sfax kiri hagati muri ico gihugu ku musi wa kane.

Haracaronderwa abandi bantu hafi 20 bataraboneka.

Batanu mu bari muri ubwo bwato batabawe.

Ubwato bagereranya ko bwarimwo abantu 45 bivugwa ko ari abo musi y'ubugaragwa bwa Sahara, bwariko buragerageza kuja mu Butaliyano.

Mu gihe bwari buremerewe hakaba n'ibihe bibi, ubwo bwato bwahuye n'imiyaga ishobora kuba yagize uruhara mu gutwarwa kwabwo, nk'uko umuvugizi w'abacungera inkegera z'ikiyaga ku rwego rw'igihugu, Ali Ayari, yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press.

Abimukira ibihumbi n'ibihumbi baragerageza kujabuka ikiyaga Mediterrane baja i Buraya buri mwaka, ibice bimwe biciye mu bihugu vya Tuniziya na Libya.

Benshi mu bimukira bava mu bihugu vyo musi y'akarere ka Sahara bahunga ubukene hamwe n'ibiza mu bihugu vyabo.

Igitigiri c'ingendo z'abimukira bava muri Tuniziya caragabanutse cane kuva mu 2011, igihe imyiyerekano yakura ku butegetsi uwahoze arongoye ico gihugu Zine al-Abidine Ali.

Ariko abajabuka hadakurikijwe amategeko bava muri Tuniziya baja i Buraya bariyongereye ku bice birenga 150% mu mezi ane ya mbere y'uyu mwaka, ugereranije n'ico kiringo nyene mu 2019, nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR.

Igisagara ca Sfax kiri hagati mu gihugu muri Tuniziya

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko abimukira 8.581bahagaritswe bariko baragerageza kujabuka Mediterrane hagati y'ukwezi kwa mbere no hagati y'ukwezi kw'icenda uyu mwaka.

Ubutaliyano bumaze igihe bugerageza guhangana n'ikibazo c'abimukira amajana n'amajana bashika buri musi mu bumanuko bw'ico gihugu, akazi kaza kugorana gusumba bivanye n'ikiza coronavirus.