Ingabo za Ukraine zateye intambwe mu bumanuko zitera zisugereza Kherson

Ingabo za Ukraine zikoresha vya burende (blindés) ziriko zirasatira iz'Uburusiya mu turere tutari duke

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ukraine zikoresha vya burende (blindés) ziriko zirasatira iz'Uburusiya mu turere tutari duke

Ingabo za Ukraine zatoboye ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya ku ruzi Dnieper mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Kherson, igisagara ngirakamaro ku ngabo z’Uburusiya zikigenzura, mu bumanuko bwa Ukraine.

Igisirikare c’Uburusiya n’abategetsi bashizweho n’Uburusiya nyene muri ako karere nibo batangaje aya makuru y’iyi ntambwe yatewe nabasirikare ba Ukraine, bakavuga ko ingabo z’Uburusiya zihanganye nabo bikomeye.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko “hari uduce dushasha twabohojwe mu turere tutari duke”.

Mu buseruko, ingabo za Ukraine zarasatiriye gushika mu ntara ya Luhansk iri mu minwe y’Uburusiya.

Perezida Zelensky avuga ko "intambara zikomeye zibandanya mu turere twinshi", aho hari mw’ijambo yama ashikiriza buri mugoroba ku gihugu, ariko nta nsiguro yatanze.

Ku wa gatandatu, ingabo ziwe zarabohoje igisagara gikomeye ca Lyman mu buseruko, kikaba kiri hafi y’urubibe rw’intara ya Luhansk.

Uburusiya bwari bwagize Lyman ikirindiro co gushikizamwo uburyo nkenerwa bw’urugamba..

Abarwanyi begamiye Uburusiya mu ntara ya Luhansk bemeza ko ingabo za Ukraine zinjiye ibirometero bikeya hagati mu ntara ya Luhansk.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amakuru avuga ko abanya-Ukraine bariko batera basatira ibisagara biri mu minwe y’Uburusiya vya Kremenna na Svatove muri Luhansk.

Mu bumanuko, Vladimir Saldo, umukuru wa Kherson yashizweho n’Uburusiya, avuga ko ingabo za Ukraine zatoboye zigashika hafi ya Dudchany, igisagara kiri ku ruzi Dnieper, ku birometero hafi 30 uvuye ahahora habera urugamba.

Abanya-Ukraine uru ruzi barwita Dnipro.

Saldo ati: "Hari ibigwati biri mu minwe y’ingabo za Ukraine”. Ni mu gihe hari amakuru amwe avuga ko abanya-Ukraine ubu bafashe Dudchany.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi, Igor Konashenkov, avuga ko vya bimodoka ntamenwa “vyinshi kudusumba vyinjiye hagati”, mu bumanuko bwa Zolota Balka, ikigwati cahoze kiberamwo urugamba ku ruzi Dnieper.

Avuga ko Abarusiya bishe abasirikare ba Ukraine hafi 130 muri iyo ntambara.

Nk’uko Saldo abivuga, ibatayo (bataillons) zibiri za Ukraine zagerageje kwinjira ku rugomero rw’umuyagankuba rwa Kakhovka, ku birometero hafi 70 mu buseruko bwa Kherson. Uru rugomero ruri mu gisagara ca Nova Kakhovka kiri ku nkengera.

Kherson

Ingabo za Ukraine ziriko zisatira mu ntumbero yo kuraba ingene zozibira amayira ajana uburyo ku ngabo zishika 25.000 z’Uburusiya ziri mu burengero bw’uruzi Dnieper, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Utera uva mu buraruko bushira uburengero bwa Kherson, vya muzinga vya Ukraine vyononye cane ikiraro ca Antonivsky, ikiraro gikomeye ku ngabo z’Uburusiya ziri muri ico gisagara.

Kherson na Luhansk ziri mu ntara zine Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya aherutse gutangaza ko zegukira Uburusiya, inyuma y’icitwa amatora ya kamarampaka yiyamirijwe na Kyiv n’intuci zayo zo mu Burengero. Uburusiya ntibugenzura intara n’imwe yose muri izo zine.

Ibintu vyagiye gukomerana igisirikare c’Uburusiya inyuma y’amasaha make gusa y’ijambo rya Putin ryo ku wa gatanu hamwe n’ibirori bikomeye mu kibanza c’amakoraniro (Place Rouge/Red Square ) i Moscou mu kwigina intambwe Uburusiya bwari buhejeje gutera yo kwihagira ubutaka bwa Ukraine.

Ukraine

Kyiv yariyemeje ko izoruhuka ibohoje ubutaka bwose bwihagiwe n’Uburusiya, harimwo mbere na ka karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya mu 2014.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bumenyesha ko abanditswe kugira ngo binjire mu gisirikare ku kamo katewe na Putin mu kwezi guheze ubu bariko bahabwa imyimenyerezo ya gisirikare y’urutavanako mu turere tugenzurwa n’Uburusiya tw’intara za Luhansk na Donetsk. Kremlin itegura kwinjiza izindi ngabo zababa 300.000 – n’aho Putin ata gitigiri ntabanduka yashinze.