Ukraine: ‘Umunyagwangara Putin ntashobora kudukanga’ - Biden

Joe Biden avuga ko mugenziwe w'Uburusiya adashobora gukanga Amerika n'incuti zayo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Joe Biden avuga ko mugenziwe w'Uburusiya adashobora gukanga Amerika n'incuti zayo

Perezida Joe Biden agabisha Uburusiya ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitazokangwa n’iterabwoba ataco rimaze inyuma y’aho Vladimir Putin yihagiye intara zine yigaruriye muri Ukraine.

Putin aboneka ko akangisha gukoresha ibirwanisho vy’ubumara mu ntumbero yo gukingira uturere yigaruriye.

Yaraye atangaje ko kuva ubu utu turere ari ubutaka bw’Uburusiya.

Umunyamabanga wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg avuga ko ukwigarurira utu turere ari “ukwunyura ibintu ku rugero rutari bwigere rubaho kuva iyi ntambara itanguye”.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu c’Uburusiya yatangaje ko abanyagihugu ba Kherson, Zaporizhzhia, Luhansk na Donetsk batoye bakemeza ko baja “hamwe n’abantu babo, igihugu cabo”.

Aha yariko avuga ico yise amatora ya kamarampaka aheruka muri utwo turere, ariko Ukraine n’ibihugu vy’uburengero bikaba vyiyamiriza aya matora vyita ko ari amanyanga.

Ariko ahanini Putin yakoresheje ijambo ryiwe mu kwifatira mu gahanga Uburengero.

Yavuze ko Amerika ari yo “ntandaro ya vyose” mu gukoresha ibirwanisho vy’ubumara ku Buyapani mu mpera z’intambara ya kabiri y’isi yose, igisa c’icateye ubwoba isi yose.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu ndwi iheze, Putin yavuze ko igihugu ciwe “igifise ibirwanisho bitandukanye vyo gutikiza inganda” kandi ko azokoresha “uburyo bwose dufise”, yongera ko ati “si ndiko ndayayata”.

Kremlin iratomora neza ko igitero ico ari co cose ku turere dushasha iherutse kwihagira kizofatwa nk’igitero ku butaka bw’Uburusiya, ibishobora gutuma ibintu vyunyuka muri ino ntambara.

Perezida Biden ariyamiriza “amajambo n’iterabwoba vy’umunyagwangara” ashikirizwa na mugenziwe w’Uburusiya, ariko akongerako y’uko Putin adashobora kubakanga.

Perezida Biden ati: "Amerika n’incuti zayo ntibashobora gukangwa”.

Yaciye abwira umukuru w’igihugu w’Uburusiya amuhanga, mu gutuma urutoke muri kamera.

"Amerika iriteguye neza, iri kumwe n’incuti zayo za OTAN gukingira n'insentimetero imwe gusa y'ubutaka bwa OTAN”, niko avuga, ashaka kuvuga rwa rurani rw’ukwivunira umwansi hamwe ruhuza ibihugu vy’uburengero.

"Putin, ntuhave utahura nabi ivyo ndiko ndavuga: n'isentimetero imwe gusa".

Inyuma y’aho gato, umutegetsi mukuru mu vyo umutekano mu butegetsi bwa Biden yavuze ko n’aho hariho igihamana kibi ko Moscou ishobora kwikora ku birwanisho vy’ubumara, biboneka ko atari ivy’ubu.

Vladimir Putin ashikiriza ijambo abaynagihugu i Moscou, hejuru ku kiyo c'imboneshakure handitse ngo "Turi hamwe twese imyaka yose"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin ashikiriza ijambo abaynagihugu i Moscou, hejuru ku kiyo c'imboneshakure handitse ngo "Turi hamwe twese imyaka yose"

Ukraine yaciye itanguza urundi rugamba, ku muvuduko munini, rwo kwinjira muri OTAN, ubwo nyene inyuma y’ijambo rya Putin.

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko mu bisanzwe Ukraine yamye ari umunywanyi w’iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, anagiriza Moscou ko iriko irasambura imbibe “ikoresheje ubwicanyi, gutyoza, gufata nabi abantu n’ibinyoma".

Stoltenberg wa OTAN ariko yirinze kugwa mu mutego, mu kuvuga ko ingingo izofatwa n’ibihugu 30 vyene iri shirahamwe.

Abanywanyi b’uru runani “ntibemera kandi ntibarota bemera” ko agace ako ari ko kose kavuye kuri Ukraine ari akarere k’Uburusiya, nk’uko Stoltenberg yabibwiye abanyamakuru, aca yagiriza Putin ko “ariko arakangisha ibirwanisho vy’ubumara atiyumviriye”.

Avuga ko ukwihagira utu turere ari “igihe gikomeye” muri ino ntambara.

Umukuru w’Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen avuga ko "ingingo iteye kubiri n’amategeko yo kwihagira ubutaka bwa Ukraine yatangajwe na Putin nta na kimwe izohindura”.

"Uturere twose twihagiwe n’Abarusiya bateye igihugu ni ubutaka bwa Ukraine kandi tuzoguma twegukira iki gihugu cigenga”.

Mu gihe Putin yariko arashikiriza ijambo, ku birometero 750 uja mu bumanuko, ingabo ziwe zariko zirakikuzwa n’ingabo za Ukraine mu gisagara ca Lyman, igisagara ngirakamaro mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko – kamwe mu turere twihagiwe n’Uburusiya.

Ukraine

Igisirikare ca Ukraine cagumye kinyegeza amakuru y’ingene ingabo zayo ziriko zirasatira muri ako karere, ariko videwo imwe yakwiragijwe ku mbuga hwaniro isa n’iyerekana ingabo za Kyiv ziri hagati mu gisagara ca Yampil kiri ku birometero 16 gusa mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Lyman.

Ni mu gihe mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatanu umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yatangaje ko ingabo z’igihugu ciwe zigaruriye ikigwati ca Drobysheve kiri ku birometero umunani mu buraruko bushira uburengero bwa Lyman.

Mu vyabereye ahandi, abanyagihugu bababa 30 mu ntara ya Zaporizhzhia barishwe mu gitero ca roketi ku mamodoka ya gisivire.

Ico gihe nyene, Uburusiya bwatesheje icemezo c’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano cari kwiyamiriza ingingo yabwo yo kwihagira uturere tune bwigaruriye. Umuserukizi wa Moscou, Vasily Nebenzia, yavuze ko ari ibintu bitabaho kurondera kwagiriza igihugu ntayegayezwa muri iyo nama.

Mu gihe Kremlin yaburizamwo iki cemezo, Ubuhindi n’Ubushinwa vyovyo vyahisemwo kutagira aho bihagaze.

Insiguro ya video, 'Russia! Russia!' - indirimbo zarangije ijambo rya Putini kuri Ukraine