Ukraine - Russia: Ni nde ariko aratsinda intambara?

Ingabo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Muri ino misi ya vuba, ingabo za Ukraine zateye intambwe zikomeye ku muvuduko udasanzwe, aho zabohoje uturere tutari duto twari mu minwe y’Uburusiya.

Uburusiya buvuga ko buriko buriyubaka – mu gihe ingabo zabwo zikigenzura hafi ica gatanu c’igihugu cose.

None intambara yahindutse gute?

Uburusiya bwateye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) uno mwaka, zigota umugwa mukuru Kyiv.

Bwakoze ibitero kandi mu bumanuko, mu buseruko n’uburengero bw’igihugu.

Mu ntango z’ukwa kane, ingabo za Ukraine zisubije uturere tunini two mu micungararo ya Kyiv, inyuma y’aho ingabo z’Uburusiya vyankiye ko zisatira gushika ku mugwa mukuru.

Kuva ico gihe, ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya vyibanze mu bumanuko, mu buseruko no mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, maze zigarurira uturere tutari duto.

Hagati aho, ibintu vyagiye guhinduka cane mu ntango z’uku kw’icenda.

Mu gitero gikomeye co kwivuna mu buraruko bushira ubuseruko, ukraine yomoye ingabo z’Uburusiya.

Ivuga ko yabohoje ubutaka bungana na kirometero kwadarato 3000 mu micungararo y’igisagara ca Kharkiv honyene.

Muri rusangi, Ukraine ivuga ko imaze kwisubiza ubutaka busumba kirometero kwadarato 8000 bwari mu minwe y’Uburusiya muri kuno kw’icenda – ubu bukaba ari bwo butaka bunini ibohoje kuva intambara itangura.

Kharkiv

Izyum na Kupiansk, ibisagara Ukraine ivuga ko yabohoje ku wa 10 z’uku kw’icenda, vyari ibirindiro bikomeye vy’Uburusiya mu gushikana uburyo ku ngabo zabwo.

Nico gituma iyi ari intambwe ikomeye kuri Ukraine.

Ingabo za Ukraine ziri mu ntambara yo kurondera kwiganzura umwansi mu micungararo y’intara ya Kherson mu bumanuko bw’igihugu.

Ikigo cigisha ibijanye n’intambara (Institute for the Study of War, ISW) kivuga ko ingabo za Ukraine “zakubise bikomeye” ingabo z’Uburusiya.

Justin Bronk wo mu kigo Royal United Services Institute avuga ko ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya muri Kharkiv “vyasenyutse rwose”.

Avuga ko, kuva zivuye muri Kyiv mu kwa kane, ubu ari bwo bwa mbere ingabo z’Uburusiya zitsinzwe bikomeye zigasubira inyuma.

Uburusiya buvuga iki?

Uburusiya bwaremeje ko ingabo zabwo zavuye muri Izyum na Kupiansk.

Buvuga ko zavuyeyo mu ntumbero yo “gusubira kwiyegeranya”.

Buvuga kandi ko buzobandanya bukora ibitero vya gisirikare kuri utu turere.

Igisirikare c’Uburusiya gisa n’icataye ibirwanisho n’amasasu vyinshi mu gusubira inyuma.

Ubutaka bukiri mu minwe y’Uburusiya bungana gute?

Ikigo ISW kivuga ko Uburusiya bukigenzura hafi ibice 20% vya Ukraine.

Utu turere turi cane cane mu karere ka Donbas kari mu buseruko, hamwe n’akarere ko mu bumanuko bwa Ukraine, ukongerako n’akarere ka Crimée/Crimea bwigaruriye mu 2014.

UBUMANUKO BWA UKRAINE

Donbas ni akarere karwiriyemwo abavuga ikirusiya, mbere igihe Uburusiya bwigarurira Crimée mu 2014, inyeshamba zishigikiwe n’Uburusiya zigaruriye ibice birenga ica gatatu c’aka karere.

Bwaciye bushinga ivyitwa ama Repubulika muri ako karere.

Uturere two mu burengero, harimwo Lviv twaracucagiwe ibisasu vya misire ariko ingabo z’Uburusiya ntizahavuye ngo zigerageze gufata no kwigarurira ubutaka.

Uburusiya bushaka iki neza na neza?

Uburusiya ntibwemera ko igitero bwakoze ari intambara, bwo bukaba bwivugira ngo buri mu “gikorwa ca gisirikare kidasanzwe” muri Ukraine.

Kremlin ivuga ko ibi bikorwa vya gisirikare bizobandanya gushika “intumbero shingiro zayo” zishitsweko.

Igihe agomora ingabo mu kwa kabiri, Perezida Vladimir Putin yavuze ko intumbero kwari “ugusambura igisirikare ca Ukraine”.

Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Imwe mu ntumbero kwari ugushaka kubuza ko Ukraine yijira mu runani rw’Uburengero rwo kwivunira umwansi hamwe, ruzwi nka OTAN/NATO.

Intego ya mbere y’Uburusiya kwari ukwigarurira Ukraine bugasenyura reta yayo.

Ariko, busa n’uko bwasubije amero inyuma ubu bukaba busa n’ubushaka kwigarurira ubutaka mu buseruko n’ubumanuko bwa Ukraine.

Ukraine yoyo ishaka iki?

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko intumbero nyamukuru ari ukwirukana ingabo zose z’Uburusiya, “tukisubiza ubutaka bwacu bwose”.

Perezida Zelensky abandanya asaba ayandi mafaranga n’ibindi bikoresho kugira ngo ishobore kugumya uturere yabohoje twari mu minwe y’Abarusiya.

Ibirwanisho bitangwa n’ibihugu vy’Uburengero birakoreshwa cane n’ingabo za Ukraine.

Hamaze gupfa abangana iki?

Impande zompi ziratakaza, n’aho ata ruhande na rumwe rutanga ibiharuro vy’ukuri.

Ukraine ivuga ko imaze kwica ingabo z’Uburusiya zirenga 50.000, mu mpera z’uw’umunani ikaba yvuzeko yari imaze gutakaza abasirikare hafi 9000 kuva intambara itanguye.

Uburusiya ni gake butangaza ibiharu vy’ingabo bumaze gutakaza.

Ibiharuro biheruka ni ivyo mu kwa gatatu, aho bwavuga ko ingabo z’Ubrusiya 1.351 ari zo zari zimaze gupfa kuva butanguye iki gitero.

ingabo za Ukraine ziri guhamba uwabo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu kw’indwi, abategetsi ba Amerika bavuze ko abasirikare b’Abarusiya bababa 15.000 ari bo bari bamaze gupfa.

Eka n’abasivire na bo nyene barapfa. Kuva mu ntango z’ukw’icenda, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaremeje abarenga 5700 bari bamaze gupfa.

Ariko, rivuga ko igitigiri gishobora kuba cariyongereye cane muri kino gihe.