Uburusiya burahakana ko Ukraine ata ntambwe yateye ku rubuga rw’intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Antoinette Radford
- Igikorwa, BBC News
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi burahakana amakuru atangwa n’abashigikiye Uburusiya ko ingabo za Ukraine zateye intambwe ku rubuga rw’intambara mu buseruko.
Yevgeny Prigozhin, umukuru w’umurwi w’abacangero Wagner barwana ku ruhande rw’Uburusiya, yagiriza ingabo z’igihugu c’Uburusiya guta ibirindiro vyazo mu micungararo ya Bakhmut.
Abandika ku mbuga ngurukanabumenyi z’igisirikare c’Uburusiya banditse ko ingabo za Ukraine zateye intambwe canke zikaboneka mu turere tutari duke ejo ku wa kane.
Imbere y’aha, umukuru w’igihugu ca Ukraine yatangaje ko hatari bwagere ko igitero co kwivuna umwansi gitangura.
"Ndavye ivyo dufise, turashobora kubandanya kandi nibaza ko vyogenda neza”, niko Perezida Volodymyr Zelensky yavuze mu kiganiro n’ibinyamakuru vyegamiye reta bihurikiye mu citwa Eurovision News, nka BBC.
"Ariko twotakaza abantu benshi. Nibaza ko ibi atawovyemera. Rero ni ngombwa ko turindira. Turakeneye gufata akandi kanya”.
Igitero gitegekanijwe gishobora kuba rurangiza, kigahindura imbibe z’urwasiro zimaze amezi atari make zidahinduka.
Kizoba kandi ikintu nyamukuru co kwerekana ubushobozi bwa Ukraine yipfuza kwerekana ko ibirwanisho n’ibikoresho yahawe n’Uburengero bishobora gutanga akarusho gakomeye ku rubuga rw’intambara.
Mw’itangazo, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya buvuga buti: "Amajambo avugwa n’abantu kuri Telegram ko hari ‘intambwe’ ku birindiro bitari bike ku rubuga rw’intambara si ay’ukuri”.
Bwongerako buti: "Muri rusangi, ibintu vyifashe neza mu karere kariko kaberamwo kino gikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.
Nk’uko bivugwa na Prigozhin, ibintu biriko bibandanya biba nabi nk’uko vyanugwanugwa “ku mpande “ za Bakhmut, igisagara casambuwe n’intambara z’urutavanako zimaze amezi atari make.
Ati: "Ubutaka twagiye twigarurira mu mezi atari make amaraso abanje guseseka n’abagenzi dusangiye urugamba bakahatikirira, tugenda imetero mirongo canke amajana, ubu buriko buratabwa n’abari kudufatira umuriro, ata no kubanza kurwana”.
Umunyamakuru w’Umurusiya yegamiye Kremlin asanzwe akurikirana amakuru y’intambara Sasha Kots avuga ko igitero ca Kyiv co kwivuna umwansi camaze gutangura.
Ibimodoka vy’intambara vya Ukraine vyari kw’ibarabara rizunguruka Kharkiv bitera bija ku rubibe rw’Uburusiya, nk’uko abivuga, asubiramwo amasoko “yizeye”. Ivyo avuga ntivyashoboye guhinyuzwa n’uruhande atahwo rwegamiye.
Kots yongerako ati: "Mu vyarimwo, hari amakamyo muri uwo murongo yikoreye ibimodoka vy’intambara vy’Uburengero."
Ati: "Mu yandi majambo, Kiev yafashe ingingo yo kwunyura ibintu ku rwasiro rwo mu buraruko, bifatanye n’ibitero vyatanguye ku mpande za Artyomovsk [Bakhmut]."
Uwundi munyamakuru w’Uburusiya akurikirana amakuru y’intambara, Alexander Simonov, yanditse kuri Telegram ko ingabo za Ukraine zameneye hafi y’ikigwati ca Bohdanivka cegereye Bakhmut, maze zikisubiza "ubutaka butari buto”.

Umuhinga wa gisirikare wo muri Ukraine Oleksandr Musivenko avuga ko Kyiv yemeza ko iki gitero co kwivuna gishobora kudatsinda Uburusiya “mu turere twose bwigaruriye”.
Yabwiye iradiyo NV yo muri Ukraine ko binashoboka ko intambara ibandanya gushika mu mwaka uza.
Ati: "Vyose biva ku kungene intambara izogenda. Ntidushobora kwizeza ukungene iki gitero co kwivuna kizogenda”.
Umutegetsi wo hejuru mu gisirikare ca Amerika atavuzwe izina yabwiye imboneshakure CNN ko ingabo za Ukraine ziriko zitegurira igitero rurangiza co kwivuna, mu gutera ibibanza bikomakomeye nk’ububiko bw’ibirwanisho, ibigo bibamwo abahagarariye intambara hamwe n’ibirindiro bibitse ibirwanisho bikomakomeye mu ntumbero yo gucira inzira ingabo zizoba ziriko zirasatira.
Igitero co kwivuna co ku mpeshi ya 2022 mu turere two mu bumanuko no mu buraruko bushira ubuseruko catanguriwe n’ibitero vyo mu kirere mu guca inzira.
Ariko ibitero vyo guca inzira bishobora gufata imisi itari mike imbere y’uko igitero gitegekanijwe gitangura, nk’uko bitangazwa na CNN isubiramwo uyu mutegetsi wo hejuru mu gisirikare ca Amerika.
Abategetsi b’Uburengero bavuga ko ingabo z’Uburusiya ziri hagati ya 20.000 na 30.000 zimaze kwicwa canke zigakomereka muri Bakhmut, ariko n’igisirikare ca Ukraine na co nyene kirahatakariza bikomeye.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya buvuga kandi ko bwazibiye ibitero bitari bike vya Ukraine ejo ku wa kane kandi ko intambara zibandanya hafi ya Malynivka, mu buseruko bwa Donetsk, zirimwo ingabo zirwanira mu kirere hamwe n’izikoresha vya muzinga.
Kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma umwaka uheze, ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire n’abarwanyi baramaze kwicwa canke bagakomereka, ibisagara biracika umunyota muri ino ntambara, nayo imiriyoni hafi 8.2 z’abanya-Ukraine bakaba bahungiye i Bulaya, muri bo imiriyoni 2.8 bakaba bari mu Burusiya.










