Urubanza rwa Twahirwa na Basabose: Abari abategetsi bagirije FPR ko ari yo nkwezi y'ubwicanyi

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
Intahe y’ejo ku wa kabiri mu rubanza rw'Abanyarwanda Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, yumvirije babiri mu bari abategetsi bakomeye ku ntwaro ya Perezida Juvénal Habyarimana.
Kuri uwo musi ugira 29 w’uru rubanza rubera i Buruseli mu Bubiligi, uwa mbere yari arindiriwe cane muri uru rubanza ni Jenerali-Majoro Augustin Ndindiriyimana afise imyaka 80 yumvirije nk’uwuregura ababuranywa.
Jenerali Majoro Augustin Ndindiliyimana yari arongoye ibiro bikuru vy’ abajandarume (Etat-major de la gendarmerie) mu 1994 mu Rwanda, akaba yari yishikiye muri sentare, kuko asanzwe aba mu Bubiligi n'umuryango wiwe nk’impunzi guhera mu 1994.
Nk’umwe mu bantu bari bakomeye ku butegetsi bwa Perezida Habyarimana, Jenerali Majoro Ndindiliyimana yabwiye sentare ko ivyabaye mu 1994 vyobazwa Interahamwe na FPR “kuko nayo nyene ibifisemwo uruhara na cane cane mu gusohoka ikambi aho bari begeranirijwe mu cahoze citwa CND kugira bahangane n’ingabo zarinda Perezida Habyarimana inyuma y’ikororwa ry’indege yiwe”.
Avuga ko ibi vyemezwa n’umuryango w’abapatiri b’aba Dominikano (Pères Dominicains) “babonye ingabo za FPR ziva mu birindiro vyazo zija ahari ububiko bw’ibirwanisho bwa gisirikare i Gikondo, ivyari binyuranye n’amasezerano ya Arusha, mbere bigakurura ubwicanyi”.
Abajijwe ku ruhara rwa Twahirwa na Basabose avuga ko atarwo azi kuko Twahirwa, uretse kumwumva, atari bwamubone.
Avuga ko yamwumva bamuvuga mu batwara Interahamwe muri Gikondo, nayo ko Basabose yari amuzi kuva kera akiri mu gisirikare mu myaka ya 1980.
Avuga ko no mu Bubiligi bahuye nk’impunzi, kandi ko ivyo bamwagiriza vy’uko yatanga uburyo atari vyo na gato.
Abunganira abasaba indishi bavuga ko ibivugwa na Jenerali Majoro Ndindiliyimana bitohabwa agaciro, bakavuga ko yari arongoye umurwi watwara igihugu inyuma y'ikororwa ry’indege ya Perezida Habyarimana (Comité de Crise) ryatumye abantu bicwa.
Babona ko “ahishira abaregwa kuko vyinshi babikoranye”, kubera anasangiye umushingwamanza na Twahirwa, ari we Maître Vincent Lurquin, bakemeza ko ari we yanamwunganira igihe yarengutswa na sentare mpanavyaha yari yashiriweho Urwanda i Arusha.
Ariko Jenerali Majoro Ndindiliyimana arabihakana, akavuga ko sentare yamwejeje kuko babona ko ataco yagira (ata caha camuhama), nayo ko gusangira umushingwamanza na Twahira ari ibisanzwe.
Avuga ko yahawe amabanga yo kurongora umurwi wari ujejwe guhosha ibintu inyuma y’urupfu rwa Habyarimana, ari uko ari we yari afise uburambe mu kazi kuko yatwaye ubushikiranganji butatu.
Ati: “Hanyuma ku vyaha vya jenoside nagirizwa, sentare yashiriweho Urwanda, TPIR [Tribunal Pénal International pour le Rwanda] yarampagaritse hanyuma ingira umwere, ndagaruka mu Bubiligi mu muryango wanje.
"Ububiligi ntibwari kundeka ngo ngaruke buzi ko nagirizwa ivyaha. Ico niyemeje ni ukuvuga ukuri ku vyabaye”.
Jenerali Majoro Ndindiliyimana yemeza ko vyari bigoye ko abajejwe umutekano, nk’abajandarume, bari guhagarika Interahamwe zari zirwiriyemwo Abahutu, “kuko zasa n’izikomeye, zishigikiwe n’umugambwe MRND wari ku butegetsi, na cane cane ko zari zirwiriyemwo insoresore zari zahungiye mu makambi y’impunzi mu nkengera za Kigali zahunze ibitero vya FPR hagati mu gihugu”.
Ati: “Interahamwe zari zifise ibirarane vy’ishavu n’inzigo ku Batutsi na FPR kuko benshi bari bahunze abaroberi ba FPR. Zashinga ama bariyeri, zigatera ingo z’Abatutsi kandi ntawe zatinya”.
Avuga ko yasavye umubonano na Perezida Habyarimana akamwereka ko Interahamwe zariko zirarengera amategeko, kandi ko na we nyene yemeye ko zariko zirarenza urugero zihungabanya umutekano.

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
Abajijwe ku ruhara rw’abajandarume mu kwica Abatutsi, yabihakanye, akavuga ko bitari gushoboka. Yemeza ko mu bajandarume harimwo ubwoko bwose Abahutu n’Abatutsi.
Avuga ko Interahamwe zafashijwe cane n’abasirikare karuhariwe bacungera Perezida Habyarimana bita aba GP (Garde Présidentielle) mu kwica Abatutsi mu kivunga.
Abajijwe ku gitero kivugwa ko cahitanye Abatutsi kw’ishure ryisumbuye rya ETO Kicukiro, avuga ko kitabayeho, ko abapfuye bapfiriye ahandi.
Ku bwiwe, na FPR yobazwa ubwicanyi bwabaye “kuko iri mu batumye amasezerano ya Arusha atubahirizwa”.
Hakurikiye Docteur Jean Baptiste Ndarihoranye yari yishikiye muri sentare, nawe nyene yaregura abaregwa, akavuga ko yabaye umushikiranganji w’amagara y’abantu mu 1993, kandi ko yanajejwe n’ayandi mabanga menshi mu bushikiranganji bw’indero.
Dr Ndarihoranye avuga ko yari mu mugambwe wari ku butegetsi MRND wa Perezida Habyarimana, ariko akavuga ko abakweze ubwicanyi ari FPR “kuko yari yaranse gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha yo kuvanga igisirikare n’inzego”.
Uyo mugabo yemeza ko n’indege ya Habyarimana ari FPR yayikoroye “kubera itashaka ko hoba kuvanga igisirikare”.
Agira ati: “Jewe mbona ahanini ubwicanyi bwakwezwe na FPR kandi si jewe gusa ndabivuga kuko benshi barabigarutseko, harimwo uwitwa Abdul Ruzibiza yahoze ari intwazangabo ya FPR.
“Ibi ndavyemeza neza kuko narabibona kuko nari mfise amabanga mu gihugu, narabona ko FPR itashaka amahoro, ahubwo yashaka intambara”.
Ibi birego reta y’Urwanda yamye ibihakana, ikavuga ko jenoside yari yarateguwe n‘ubutegetsi bwariho bwa Perezida Habyarimana.
Mu ntahe yo kuri uno wa gatatu, bitegekanijwe ko mu bo sentare yumviriza haza kuba harimwo abana babiri ba Twahirwa.










