Ivyabona vyagiriza Basabose guha imodoka Twahirwa yakoreshwa muri jenoside

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
Mu rubanza rwa ba Banyarwanda babiri, Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa, rubandanya i Buruseli mu Bubiligi aho basanzwe baba, ejo ku wa kabiri sentare yumvirije ahanini ivyabona bibiri vyose vyagiriza aba bagabo bompi.
Muri iyo ntahe yo ku musi wa 20 y’uru rubanza, uwa mbere yumvirijwe ni uwitwa Félix Kabandana afise imyaka 50 yavuye mu Rwanda, akavuga ko yabana na Twahirwa, kandi ko bose bari bamuzi nk'incuti y'umuryango wa Habyarimana. Ivyo ngo yaravyitwaza mu gutoteza Abatutsi baba i Gikondo.
Yagiza ati. “Ntivyari vyoroshe kubona umuntu nka Basabose, we yatanga uburyo kuko yakoresha abantu batobato bari baserukiwe na Twahirwa, ariko hari inama zimwe zimwe zabera ahitwa Nyenyeri, rimwe na rimwe yarahaza agaca agenda ariko rapporo zose Twahirwa yarazimuha”.
Yavuze ko indege ya Perezida Habyarimana imaze gukororwa, Interahamwe zirongowe na Twahirwa zari zimaze iminsi mu myimenyerezo ya gisirikare zabaye nk’ingwe zibonyeko amaraso.
Avuga ko zaciye zitangura gushinga za bariyeri, zitangura gukora ibitero mu mazu y'Abatutsi mu kwica batongora bakoresheje inkoho, ama gerenade (grenades) n’imipanga kandi bajaniranya abagore, abagabo n’abana.
N’ibigumbagumba (imbamutima mu Kinyarwanda) vyinshi n’amarira yatemba mu maso, yavuze ko mu bishe umuryango wiwe Twahirwa yari imbere kandi ko atinyegeza.
Abajijwe ivya Basabose, yavuze ko uwo yari umurwizatunga yaha uburyo Interahamwe bwo kumara Abatutsi.
Avuga ko yari yaranabahaye n’imodoka yo mu bwoko bwa Hilux yagenzurwa na Twahirwa mu kwunguruza ibirwanisho vyifashishwa mu kwica.
Hakurikiye uwundi mugabo w’imyaka 63 yasuye (yatanze ubuhamya) hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo iyo ari mu Rwanda, nawe nyene akaba yemeje ivyo uwa mbere yagirije Twahirwa.
Avuga ko Twahirwa atihisha mu guha amategeko Interahamwe yo kwica. Ariko nta vyinshi yavuze kuri Basabose kuko avuga ko yamwumva bisanzwe.
Vyitezwe ko ku musi wa gatanu Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose ari ho bazokwisigura ku vyo bagirizwa.










