Abunganira Basabose bemeza ko adashobora gukurikirana urubanza kuko amerewe nabi

Sentare

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Imbere ya sentare y'iyungururizo i Buruseli mu Bubiligi, ahifashishijwe na sentare y'abanyagihugu (cour d'assise) iburanisha Basabose na Twahirwa
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Intahe y’ejo ku wa mbere mu rubanza rwa ba Banyarwanda babiri bagirizwa ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994 yumvirije imirwi ibiri y’abaganga babasuzumye, sentare ikaba yari yabatumyeko kugira ngo basigure nimba amagara yabo abemerera gukurikirana urubanza.

Umurwi wa mbere wahawe umwanya ni umurwi w’abaganga batatu b’abahinga mu kuvura indwara zo mu mutwe basuzumye Pierre Basabose, bakemeza ko bakoze ibipimo vyari bigamije kuraba niba hari uburwayi bwo mu mutwe afise n'ingaruka zabwo.

Mu bipimo bamukoreye muri uno mwaka wa 2023, basanze agifise ibimenyetso bamusanganye mu 2021 kandi ko ingorane zigenda ziyongera.

Aba baganga uko ari batatu, umwe wese yasuzumye Basabose ukwiwe mu bihe bitandukanye, bavuga ko bamusanganye indwara y’igisukari (diabète) igeze kure, kandi ko basanze adashobora gusobanura ibintu neza mu bihe vyavyo.

Bose bemeza ko ubwonko bwiwe bwononekaye ku buryo adashobora kwiyumvira neza, kandi ko yumva bigoranye, mbere ntamenye n’ibimushikira, eka ntashobore no kwibuka.

Bavuga ko ubwenge bwiwe bwahungabanye ku buryo ata bushobozi afise bwo kwishura ivyo abajijwe kuko bisaba ko ubwonko buba bwumvise ikibazo bukagica irya n’ino. Bemeza ko wewe ubwo bubasha bwo kwumva no gutahura ivyo abwiwe atabwo agifise.

Umwe mu bacamanza bazoca urubanza yabajije nimba ivyo bibazo vyomubuza gukurikiranwa, bakaba bamwishuye ko ikigaragara ari uko ubuzima bwiwe bugenda buba nabi gusumba kuko indwara ziwe zamukongataje.

Umuganga umwe ati: "Buri kintu cose agikorerwa n'umuhungu wiwe kuko ageze habi".

Ariko umushikirizamanza ahawe ijambo, yavuze ko igihe Basabose afatwa yari agishoboye kwumva no kwishura. Ariko Jean Flamme aburanira Basabose, we avuga ko guhera mu 2021 vyagaragaye ko amerewe nabi nk’uko n’ibipimo bivyerekana.

Ati: "Ngira ngo mwabonye ko iyo muvuze, na jewe mpindukira nkaja kumubaza kugira ngo numve niba yumva neza ariko mwabonye ko bigoye.

"Ni aha sentare rero kumenya niba mwobandanya kumuburanisha. Nk’uko vyagenze kuri Félicien Kabuga, Basabose na we ni bareke kumuburanisha kuko ubwo butungane buburanisha umukehabwenge bwoba buhengamye".

Hakurikiye umurwi w’abandi baganga batatu basuzumye Séraphin Twahirwa, ubwa mbere mu 2012 hanyuma mu 2020.

Bavuze ko ico gihe ata bibazo vyo mu mutwe bikomeye bari bamusanganye uretse ihungabana risanzwe ryo mu mutwe (trauma).

Bavuga ko ico gihe yabasobanuriye ubucuti afitanye n'umuryango wa Habyarimana, kandi koko bagasanga hari amazina avuga ahura.

Bavuga ko ingorane yonyene yari afise vyari ibikomere bijanye no kutiga, kuyoberwa mw’ishure, umubano mubi n'umugore wiwe, bakavuga ko ibi vyari vyaramuteye ihahamuka.

Bavuga ko wewe ata kibazo afise kijanye no kwibuka no gusigura, kandi ko afise ubushobozi bwo kwumva no gusobanura neza ivyo abajijwe, hamwe no gukurikiza ivyo abwiwe.

Hagati aho, aba baganga bavuga ko basanze Twahirwa bimugora kwishura ku bibazo bijanye n’ivyo aregwa, mbere atagomba no kubivugako kandi ko batomuhata “kuko avuga ko bamubeshera, ivyo rero sentare iriyumvira ingingo ifata”.

Ababuranira Séraphin Twahirwa bavuga ko afise ibikomere bijanye no kutiga, kuyoberwa mw’ishure, umubano mubi n'umugore wiwe, kandi ko ibi vyamuteye ihahamuka.

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Ababuranira Séraphin Twahirwa bavuga ko afise ibikomere bijanye no kutiga, kuyoberwa mw’ishure, umubano mubi n'umugore wiwe, kandi ko ibi vyamuteye ihahamuka.

Abaserukira imiryango isaba indishi basavye ko Twahirwa na Basabose batotezurirwa “kuko amagara yabo yifashe neza”, na rirya hasigaye igihe gito rukarangira, kandi bompi bakaba bayaga hagati yabo neza, mbere batwenga rimwe na rimwe.

Sentare yoyo yemeza ko inyishu izoboneka mu misi iza nimba botezurirwa canke bakabandanya baburanishwa.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza rubandanya kuri uno wa kabiri gushika ku wa gatanu, aho hazokwumvirizwa ivyabona vy’impande zompi.