Mu rubanza rwa Twahirwa na Basabose havyutse impari ku cabona

Maître André Martin Karongozi (i bubamfu) aburanira imiryango y'ababuze na Maître Jean Flamme aburanira Pierre Basabose

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Maître André Martin Karongozi (i bubamfu) aburanira imiryango y'ababuze na Maître Jean Flamme aburanira Pierre Basabose
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Urubanza rw’ejo ku wa kabiri rwa ba Banyarwanda babiri bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda ku munsi ugira 16 i Buruseli rwatanguranye impari ziturutse ku vyavuzwe na Filip Reyntjens, umwanditsi akaba n'umuhinga w'akarere k'ibiyaga binini.

Abo ku ruhande rw'abunganira abasaba indishi basavye ko vyoteshwa agaciro kuko ku bwabo vyuzuye ibinyoma n'urwanko, bakabona ko binagaragarira mu nyandiko za Reyntjens bavuga ko zihakana jenoside yo mu 1994, zitandukanye n'izindi nyandiko n'ubucukumbuzi bwakozwe n'abahinga ku Rwanda.

Bibukije ko Reyntjens ari mu bahinyanyuye ibwirizwa shingiro ryo mu 1978 kuri Prezida Juvénal Habyarimana, bakabona ko ari icerekana ko yari yegereye ubutegetsi bw'umugambwe MRND.

Ariko uruhande rw'abunganira abaregwa, mw'ijwi rya Jean Flamme aburanira Pierre Basabose, barashima ivyo Reyntjens avuga, bakabona ko vyerekana y’uko ibivugwa ku Rwanda atari ivyabaye, ahubwo ko ari ivyo FPR ishaka.

Ku bwabo, uyu mugabo arazi neza Urwanda, yakoreyemwo nk'umwigisha wa kaminuza n'umuhinga mu gufashanya mu vy'indero imbere ya 1994.

Flamme yasubiye kugaragaza agashavu katewe n’uko sentare yanse ko umwanditsi Charles Onana w'Umufaransa yamuka muri Cameroun amusǔrira (amutangira ubuhamya mu Kinyarwanda).

Sentare yahavuye ifata ingingo yo kubandanya yumviriza amasura (abatangabuhamya), aho humvirijwe abantu bane, bose bagiriza abaregwa.

Ni abagabo babiri baje bava mu Rwanda, hamwe n’abagore babiri, umwe aba mu Bubiligi, uwundi akaba yapfuye mu 2019, ivyo yagiriza aba bagabo bisanzwe biri mu nyandiko yasomwe na sentare.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwa mbere yumvirijwe ni umugore w'imyaka 53. Avuga ko yari umubanyi wa Séraphin Twahirwa, ivyo uwuregwa atahakanye, akaba yagirije Twahirwa ko yamubonye yica harimwo n'abo mu muryango wiwe.

Hakurikiye umugabo w'imyaka 61 yaje ava mu Rwanda nawe nyene avuga ko yiboneye ubwiwe Twahirwa yica abantu barimwo abo mu muryango wiwe n'ababanyi. Yemeza ko nawe nyene yahatswe kwicwa akarokorwa n'umubanyi wiwe w'Umuhutu.

Babajijwe ivya Basabose, bompi bavuga ata gushidikanya ko ari we yatanga uburyo bwo kwica kandi ko vyari bizwi.

Uwundi yumvirijwe ni umugabo w'imyaka 53 yaje ava mu Rwanda, nawe nyene ashigikira ivyagirizwa Twahirwa, ariko wewe akaba ata vyinshi yavuze kuri Pierre Basabose nka bagenziwe.

Hakurikiye ukwumviriza inyandiko yasizwe n'umugore yavutse mu 1957 akaba yapfuye mu 2019, nawe nyene akaba avuga nk’abo bandi ba mbere.

Bitegekanijwe ko ivyabona vyavuye mu Rwanda vyo mu muce wa kabiri bizokwumvirizwa gushika ku munsi wa kane, kubera impapuro z'inzira bahawe zo kuba mu Bubiligi (visa) ziri mu kurangira, gutyo babone gusubira mu Rwanda.