Jenoside – Rwanda: Abaregwa mu Bubiligi bavuga ko Sentare ihengamiye uruhande rumwe

Inyubako ya sentare i Buruseli mu Bubiligi
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Urubanza rw'abagabo babiri b'Abanyarwanda, Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa, bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994 rwabandanije ku wa kane i Buruseli mu Bubiligi.

Ku munsi ugira 13, sentare yumvirije ivyabona (abatangabuhamya) bibiri bivuye mu Rwanda hamwe n'umuhinga w'akarere k'ibiyaga binini akaba n'umumenyeshamakuru w'Umubiligikazi Colette Braeckman, aho bose bagirije abaregwa ivyaha vya jenoside.

Ku wa kane, sentare yatanguye ihindura ikirangaminsi c'imburano kubera ubwinshi bw'ivyabona cane cane bivuye mu Rwanda.

Umukuru wa sentare, Elisabeth de Saedeleer, yasavye ivyabona biba ku mugabane wa Bulaya n'abahinga, gutenyenya kubera ubwinshi bw'ivyabona cane cane bivuye mu Rwanda vyababa cumi, kubera uburenganzira vyahawe bwo kuba ku butaka bw’Ububiligi (visa) buzorangira kuri uyu wa gatandatu, aho bitegekanijwe ko bazofata indege ibasubiza i Kigali.

Haciye hatangura kwumvirizwa icabona c'ivyabaye, uyo nawe ni umumenyeshamakuru Colette Braeckman, asanzwe ari n'umwanditsi n'umuhinga w'akarerere k'ibiyaga binini. Uwo mugore, w'imyaka 77, yaba mu Rwanda gushika mu kwezi kwa gatatu mu 1994.

Braeckman yamenyesheje ko hari ibimenyetso simusiga vyerekana ko ihonyabwoko ry'Abatutsi rizoba.

Yagarutse kw'isekeza ry'ivanguramoko ryakorerwa Abatutsi, kubahiga buhongo no kubakumira vyakorwa n'Interahamwe na bamwe mu bo muri leta y'ico gihe ya Perezida Juvénal Habyarimana, aho yadomye urutoke ku ruhara rw'igihugu c'Ubufaransa caha ibirwanisho leta y'ico gihe, iyo nayo ngo ikabinyanyagiza mu nsoresore z'Interahamwe.

Abajijwe ko jenoside yoba yarateguwe, yagize ati: "Kuva mu kwa gatanu mu 1994 narasubiye mu Rwanda nk'umumenyeshamakuru, ivyo niboneye n'agahomerabunwa, aho abantu bicwa bazira uko bavutse kandi ivyo naravyiboneye ndemeza ko vyari vyateguwe."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bahaye ijambo uruhande rw'umushikirizamanza n'abunganira abasaba indishi, bashimye ivyo ico cabona cashikirije.

Uruhande rw'abunganira abaregwa bavyamiriye kure.

Mu majambo make, Maître Jean Flamme aburanira Pierre Basabose, n'agashavu kenshi, yagize ati: "Ivyavuzwe vyose muri runo rubanza nta kindi bigamije atari ugucinyiza Abahutu mu kwerekana ko Abatutsi na FPR bera mu vyabaye."

Hakurikiye umugabo w'imyaka 55 yaje ava mu Rwanda. Uwo mugabo yemeje ko yavukiye muri Gikondo, ahaba Twahirwa. Yemeje ko yamwiboneye arongoye Interahamwe mu kumara Abatutsi, aho yanabaja imbere akabaha n'ibirwanisho ariko akaba ata vyinshi azi kuri Pierre Basabose.

Bahereje ku mugabo w'imyaka 47 yemeje ko ari umumenyeshamakuru mu Rwanda. Uwo mugabo yemeje ko mu 1994 yaba i Gikondo.

Mu buhamya bwiwe, yemeje ko yahoze ari Interahamwe, arongowe na Séraphin Twahirwa, kandi ko yabagirisha imyitozo yo kwica ngo akabaha n’amategeko.

Aremanga kandi uruhara rwiwe mu kwica Abatutsi, ko nawe yaciriwe igipfungo na sentare za Gacaca c'imyaka 15 ahamwe n'ivyaha vya jenoside, mu nyuma akagirirwa imbabazi na Perezida w'u Rwanda Paul Kagame.

Bitegekanijwe ko amasura ava mu Rwanda abandanya yumvirizwa gushika kuri uyu munsi wa gatanu.