Jenoside - Rwanda: Sentare yumvirije ibindi vyabona vyagiriza Twahirwa

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseri
Mu masura abandanya yumvirizwa muri rwa rubanza rw'Abanyarwanda Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda rubandanya i Buruseri mu Bubiligi, sentare yaraye yumvirije batatu barimwo umwe aregura abaregwa.
Abumvirijwe ejo ku wa 25 Gitugutu (10) 2023, bari abagabo babiri n'umugore umwe, aho babiri bari bishikiye muri sentare bavuye mu Rwanda, uwundi akaba yasuye hakoreshejwe amashusho (vidéo conférence ) iyo apfungiwe mu Rwanda.
Icabona ca mbere c'uruhande rw'abaregura abaregwa kuri uwo musi wagira 12 w’uru rubanza ni umugabo w'imyaka 60, yaburanye hakoreshejwe amashusho (vidéo conférence) kubera asanzwe apfungiwe mu Rwanda, aho yaciriwe umunyororo wo guherayo yagiriwe n'ivyaha vya jenoside.
Uyo mugabo apfunzwe kuva ku wa 05 Rusama (5) 1997, avuga ko yanonosoye ivy'ubutunzi mu cahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS), akaba yarakoze ku ntwaro ya Juvénal Habyarimana nk’umuhinga yategura imigambi mu bushikiranganji bw'imigambi ya leta (ministère du plan).
Yemeje ko mu mpera z’umwaka wa 1992 ari ho yagiye kuba muri segiteri ya Gikondo yahozemu cahoze arikomine ya Kicukiro muri perefegitura ya Kigali y’ico gihe, ahaba Twahirwa Séraphin na Pierre Basabose, kuko yari yahaguze inzu.
Abajijwe kuri Twahirwa yagize ati: “Mbere ntabwo nari ndamuzi kuko ntitwari mu rugero rumwe naho numva bamuvuga ko ariwe yari perezida w’Interahamwe.”
Abajijwe ku bijanye n’ibitero vyoba vyari birongowe na Twahirwa, yavuze ko ataco abiziko. Yagize ati: “Ntabwo novyemeza kuko siho nari, nubwo Twahirwa yari Perezida w’Interahamwe, ntabwo nokwemeza ko zigiye gukora ibitero ari we yaba aziyoboye.”
Abajijwe ku bijanye na Pierre Basabose, yavuze ko ataco amuziko uretse kuba umucuruzi w'ico gihe.
Hakurikiye icabona c'uruhande rw'umushikirizamanza, uyo nawe ni icabona cavuye mu Rwanda w'imyaka 59, avuga ko yacitse kw'icumu mu kwa kane 1994 mu gitero cahitanye Abatutsi bari bahungiye kw'ishure ry'isumbuye ETO (Ecole Technique Officielle) ryari mu cahoze ari komine Kicukiro muri perefegitura ya Kigali.
Yemeje ko mu Nterahamwe zariko zirabicisha ibisasu ntezwantoke (grenades) n'inkoho yiboneye Twahirwa.
Hakurikiye icabona c'umugore w'imyaka 47 nawe nyene avuye mu Rwanda, yemeje ko yacitse kw'icumu muri Gikondo, umuryango wiwe wose ukaba wishwe n'Interahamwe zari zirongowe na Twahirwa, aho zafata ku nguvu abigeme ku mategeko yiwe na we nyene arimwo.
Yadondaguye amazina y’abafashwe ku nguvu na we arimwo, hamwe n’ay’Interahamwe zivugwa ko zabasambanya.
Yaciye asaba ko vyinshi mu vyo gufatwa ku nguvu yobivugira mu mwiherero (mu muhezo mu Kinyarwanda) abaje kwumviriza urubanza batumva, ivyo sentare yamwemereye, aho yaciye itaramura (iheza) abaje kwumviriza urubanza kugira icabona cisanzure.
Kuri uno wa kane, bitegekanijwe ko humvirizwa umurwi w'abaganga wasuzumye amagara ya Pierre Basabose ataritaba urubanza na rimwe kuva rugitangura, hamwe n'ibindi vyabona.










