Jenoside – Rwanda: Urubanza rwa Basabose na Twahirwa rwadutsemwo impari

Sentare
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseri

Ejo ku wa mbere igenekerezo rya 23 Gitugutu (10) 2023 urubanza rw'Abanyarwanda babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, rwabandanije ku munsi ugira cumi i Buruseri mu Bubiligi.

Mu vyabona vyumvirijwe harimwo James Gasana w'imyaka 67 yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi gushika mu 1993, akaba yumvirijwe hakoreshejwe ubuhinga bw'amasanamu (Vidéo conférence ) ari aho asanzwe aba mu Buswisi.

Gasana avuga ko ibintu vyagumye biba bibi mu ntango ya 1993 kubera intagondwa zagomba ko leta y'imfatakibanza ivaho, ariko agahakana ko ata mugambi wo gutegura jenoside yo mu 1994 wabayeho.

Avuga ko ahubwo ubwicanyi bwaturutse ku cuka kibi cari mu gihugu n'imvugo zibiba urwanko zatuma imirwi y'insoresore ica yiha inkumbi.

Uwo yahoze ari umushikirangaji wo kwivuna abansi yavuze ko intagondwa zo muri leta y'ico gihe zakoresha Interahamwe mu gutera ubwoba. Gasana yemeje ko yagomvye guhagarika ibikorwa vy'Interahamwe ariko intangondwa ziramunaniza.

Gasana ati: "Kari akajagari, Interahamwe zarahabwa ibirwanisho zigakoreshwa, kandi kuzihagarika ntivyakunda”, ivyo bikaba ngo vyaratumye atanga imihoho mu kwa 6 mu 1993.

Hagati aho, Gasana yemeje ko mu bishe harimwo FPR, aho yemeje ko umukuru w'igihugu ubwiwe w'uno munsi, Paul Kagame, yatanze itegeko ngo bice nyina (wa Gasana) n'abamwegereye mu kwa 5 mu 1994, kandi ngo abifitiye ivyemezo, aha akaba yatanze kimwe mu vyabona yitwa Abdoul Ruzibiza yahoze ari mu basirikare bakomeye ba FPR avuga ko bayaze imbonankubone. Ariko mu nyuma yahavuye apfa.

Abajijwe nimba azi Twahirwa na Basabose, yavuze ko mu maraporo yaronka Séraphin Twahirwa yari mu barongoye Interahamwe zica muri Gikondo, akavuga ko yanabibwiye abamukurira ariko ntihagira igikorwa. Abajijwe kuri Basabose yavuze ko ata vyinshi amuziko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwundi yumvirijwe ni umugore w'imyaka 57, yaje ava mu Rwanda, aho yavuze ko yabana na Twahirwa muri segiteri ya Gikondo, akemeza ko Twahirwa yica agakiza yifashishije Interahamwe yari arongoye, aho yemeje ko yamubonye ahagararira ubwicanyi bw'Abatutsi mu kwa 4 mu 1994.

Ariko, aremeza ko yamutabaye Interahamwe zigira zimwice kubera ubucuti bari bafitaniye n'umugore wiwe, ngo ivyo bikemeza ko Twahirwa yahitamwo abicwa n'abasigara.

Bitegekanijwe ko ivyabona bibandanya kwumvirizwa kuri uno wa kabiri.

Nk’uko vyagenze kuva uru rubanza rutangura, mu baregwa hitaba Séraphin Twahirwa gusa kuko Pierre Basabose abamuburanira bemeza ko akitswe n'amagara.

Hagati aho, urubanza rw’ejo ku wa mbere rwategerezwa gutangura isaha 3 zo mu gatondo (9h), ariko rwaracerewe amasaha 3 yose biturutse ku mpari hagati ya sentare n'abunganira abaregwa, co kimwe n'abasaba indishi.

Abashingwamanza Jean Flamme na Vincent Lurquin bunganira Basabose na Twahirwa bavuga ko hariho inzitizi ziturutse ku kuntu sentare itabaha uburenganzira bwo kubaza bikwiye ivyabona vy'uruhande rw'umushikirizamanza n'abasaba indishi.

Bavuga ko ivyo biteye kubiri n'ingingo ya 6 y'amasezerano ya Buraya aharanira agateka ka zina muntu (Convention Européenne des Droits de l'Homme) kimwe n'ingingo ya 300 igenga uko imanza ku vyaha bikomeye ziburanishwa mu Bubiligi.

Sentare yaciye ihagarika intahe kugira impari zicurehe ica ija mu mwiherero kugira ifate ingingo ko urubanza rwobandanya.

Yagarutse ivuga ko kugira urubanza ntirudindire kandi amasura ari menshi, ifashe y’ububasha bwayo ko ababuranyi boreka amasura akisanzura , hagize umushingwamanza ari n’ico adashimye azobizane mu mwanya wagenewe umwihwezo w'ivyavugiwe mu ntahe (commentaires ) canke babishire mu nyandiko sentare izobifatireko mu guca urubanza. Gutyo urubanza rubona kubandanya.

Rukaba rwagiye gusubira gutangura isaha 6 n'iminota 12 (12h12) humvirizwa ivyabona.