"Turemeza ko Basabose na Twahirwa bakoze jenoside" – Umushikirizamanza i Buruseri

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC News - Brussels
Umushikirizamanza kizigenza wa Sentare Nkuru ya Buruseri mu Bubiligi yashinzwe kuburanya abo banyarwanda babiri bagirizwa ivyaha vya jenoside yo 1994 yavuze ko yemeza neza ko bakoze jenoside.
Kuwa gatatu, ku musi ugira kabiri w'uru rubanza Séraphin Twahirwa niwe yitavye wenyene kuko Pierre Basabose bivugwa ko akitswe n'amagara, akaba yaserukiwe n'abashingwamanza biwe mu kurindira icegeranyo c'abaganga.
Sentare yabajije abunganira abaregwa ko boja mu rubanza rwo mu mizi (ido n'ido) n'aho umwe mu bagirizwa ivyaha atitavye. Abaregwa n'ababunganira baravyemeye, urubanza rubona gutangura. Sentare yaciye iha ijambo umushikirizamanza kugira asomere abaregwa ivyaha abagiriza.
Mu kiringo c'amasaha atanu umushikirizamanza afatiye ku masura yabajijwe arenga 30 yavuzwe amazina - yemeza ko yatanze intahe mu matohoza. Yavuze ko bose bemeza ko Séraphin Twahirwa yahoze ari mu barongoye urwaruka rw'umuhari w'Interehamwe na Pierre Basabose yahoze ari umusirikare agendanira uwari President Juvenal Habyarimana imbere y'uko aja mu rudandazwa akaba umwe mu bagwizatunga bakomeye mu Rwanda.
Yemeje ko Séraphin Twahirwa yiyiciye ubwiwe Abatutsi benshi muri segiteri ya Gikondo, ahandi agahagarikira ubwicanyi muri ako gace. Aha ubwicanyi bwagarutsweko ni ubwabereye kw'ishure ryitwa Ecole Technique Officielle rya Kicukiro mu cahoze ari préfecture ya Kigali.
Pierre Basabose wewe ngo uruhara rwiwe kwari gutanga uburyo, aho yari afise imitahe myinshi muri Radio Télévision Libre des Mille Collines (RTLM).
Umushikirizamanza yemeje ko bano bagabo bakorana mu kwica Abatutsi, mu guhimiriza, gutanga ibirwanisho no kwica kuko ico gihe bavuga rikijana kandi ibirwanisho vyabikwa iwabo.
Aba bagabo ntaco barashikiriza kuri ivyo bagirizwa.
Intahe yaheze mw’ijoro
Intahe yo ku wa gatatu yitabwe n'abantu benshi barwiriyemwo Abanyarwanda baba i Buraya cane cane abacikacumu, n'imiryango y'abagirizwa, abashingwamanza na bamwe mu Babirigi bishikiye kwumviriza.
Intahe yahavuye ihagarikwa isaha zibiri z'ijoro kubera amasaha, humvirijwe umushikirizamanza wenyene. Bitegekanijwe ko ruzobandanya uyu musi ku wa kane, aho humvirizwa abaserukira abagirizwa (abaregwa).
Imiryango y'ababuze irashima ko abo bagabo bashengejwe kuko vyerekana ko atawuhunga icaha.
Icibonekeje muri urwo rubanza ni uko umutekano wari ucunzwe bikomeye haba hanze n'imbere muri sentare.
Twahirwa na Basabose ni ba nde?
Ivyabona bishika 40 bizova mu Rwanda bishike i Buruseri aho bizumvirizwa muri uru rubanza ruzoburanishwa gushika mu kwezi kwa Kigarama (12), nk’uko vyamenyeshejwe mw’itangazo ry’ubuserukirizi bw’Ububirigi i Kigali.
Pierre Basabose w’imyaka 76, yahoze ari umusirikare wo mu ngabo zacungera umukuru w’igihugu akaba n’umugwizatunga mu rudandazwa rwo kuvunja amafaranga. Yari n'incuti y’umuryango wa Prezida Habyarimana bivuye kuri Col Elie Sagatwa yabanje kubera umushoferi – uwo nawe yari muramu wa Habyarimana akaba n’umunyamabanga bwite wiwe.
Hagati y'imyaka ya 1980 na 1990, Basabose yabaye umurwizatunga avunja amafarabga muri Kigali. Itangazo ry’ubuserukirizi bw’Ububirigi rimenyesha ko “yakoresheje igice c’ubutunzi bwiwe kugira abe umunyamitahe agira kabiri muri RTLM.
Yahunze Urwanda mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire (RDC ubu), Kenya, Kazakhistan, n’Ubudagi.
Séraphin Twahirwa batazira “Kihebe” w’imyaka 65 ni muvyara wa Agathe Kanziga – umupfakazi w’uwari Prezida Habyarimana – kimwe na Basabose nawe ngo yaba hafi ya depo ya MAGERWA i Gikondo nk’uko itangazo ry’ubuserukizi bw’Ububirigi ribivuga.
Twahirwa, bivugwa ko yari umukuru w’Interahamwe i Gikondo, nawe yahunze mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire na Uganda. Nta burenganzira afise bwo kuba mu Bubirigi, nk’uko iryo tangazo ribivuga.













