Rwanda-Jenoside: Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa batanguye kuburanywa mu Bubirigi ku vyaha baregwa

    • Umwanditsi, Florentine Kwizera
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
Sentare y'i Buruseri aho urubanza rwabereye

Abanyarwanda babiri, Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa, kuri uyu wa mbere batanguye kwitaba sentare mu urubanza baregwa uruhara muri genocide yabaye mu Rwanda mu 1994.

Urwo rubanza rubera mu Bubirigi bitegekannywa ko ruzoburanishwa gushika mu mpera z’umwaka. Ruzokwitabirwa n’ivyabona (abatangabuhamya) 56 ku mpande zompi, barimwo abazoba baturutse hanze y’Ububirigi, barimwo abacitse kw’icumu rya jenoside, abakoze ubushakashatsi, abanditsi batandukanye.

Abajewe intwaro mu Bubirigi bateguye uburyo bwo kuzana ivyabona mirongo ine bivuye mu gihugu c’u Rwanda bije kwagiriza aba baregwa.

Abo bazokwumvirizwa gushika mu mpera z’uku kwezi kwa Gitugutu (10), imburano zikomeze gushika mu kwezi kwa Kigarama (12).

Mu ntahe y’icese yo ku wa mbere harengutse Seraphin Twahirwa, yavuze ko yavukiye mu yahoze ari komine Giciye, préfecture ya Gisenyi, mu 1958. Yitavye ari kumwe n'uwumwunganira mu mategeko, Maître Vincent Lurquin.

Maitre Jean Flamme
Insiguro y'isanamu, Umushingwamanza Jean Flamme yunganira Basabose yashikirije zimwe mu ntambamyi abona

Nayo Pierre Basabose ntiyashoboye kwitaba, akaba yari ahagarariwe n'uwumwunganira mu mategeko, Maître Jean Flamme.

Uwo mushingwamanza yasavye sentare ko ikibazo c’amagara y’uwo aserukiye cokwihwezwa, anasobanura ko gituma atanabasha kurondera ivyabona bimuregura.

Yibukije ko na Joseph Matata yari yaronse, ari ku rutonde rw’ivyabona bifatiye ku bumenyi n’ubuhinga bwabo (abo bise témoins de contexte), nawe arwaye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Maitre Jean Flamme yasavye ko Joseph Matata asubirizwa n’uwari ambassadeur w’Ububirigi mu Rwanda Jonah Swinnen.

Ivyo, Michèle Hirsch, ari mu baburanira abarega, yavuze ko atari akwiye kubigarukako kuko sentare yabifatiye ingingo kandi ikanavyemera.

Maître Jean Flamme yanasavye kandi ko mu vyabona hokongerwamwo na Colonel Luc Marchal, bavuga ko yari i Kigali igihe indege yari ireruye perezida w’Urwanda Juvénal Habyarimana na mugenzi we w’Uburundi, Cyprien Ntaryamira, yakororwa.

Ikindi kibazo Maître Jean Flamme na Maître Vincent Lurquin bahurizako, ni umwitwarariko bafise wo kubona hari ivyabona vyumvirizwa ku buhinga ngurukanabumenyi aho kuza mu Bubirigi aho urubanza ruriko rubera.

Ariko ababuranira abarondera indishi barimwo maître Michèle Hirsch, basubije kuri ico kibazo ko aho bishoboka, bazana ivyabona, ariko ku bo bidashoboka, ubu buhinga bwifashishwa. Basiguye ko atari n’ubwa mbere, kuko hari izindi manza zimaze kuburanishwa, mu Bubirigi n’ahandi hanze y’Urwanda, aho ubwi buhinga bwifashishijwe.

Ikindi ababuranira abaregwa bavuze ni zimwe muri filime zizokwifashishwa.

Maître Flamme yavuze ko muri filime zategekanijwe kwerekanwa hokongerwamwo n’izindi, atanga akarorero ku yitwa "Congo, Le Silence des Crimes Oubliés" hamwe na Hotel Rwanda.

Madame Grosjean
Insiguro y'isanamu, Madame Grosjean, umushikirizamanza muri uru rubanza

Kuri ivyo bibazo bine vyose umucamanza yashikirije ingingo zafashwe yemera ko bikwiye ko amagara ya Basabose asubira gusuzumwa kandi hagatangwa icegeranyo cotuma bamenya igikwiye gukorwa ku vyasabwe n’abamuburanira.

Ariko ku bindi bibazo bitatu , kwongera abandi ku rutonde rw’ivyabona, guhagarika ikoreshwa ry’ubuhinga bwa vidéo conférence canke gushiramwo izindi filime mu zategeganijwe kwerekanwa, ivyo abagize intahe ntibavyemeye.

Uretse abagize intahe batatu n’abashingantahe berenga 20 bari ku ruhande bafasha kwumviriza uru rubanza, abashingwamanza bunganira impande zose, mu cumba ca sentare habonetse abantu baje gukurikira runo rubanza, barimwo abavugira Abanyarwanda barokotse genocide canke bayiburiyemwo ababo, hamwe n'abasaba indishi y'akababaro (parties civiles).

Urubanza ruzosubira kwumvirizwa ku munsi wa gatatu inyuma y’umutaga.