Rwanda-Jenoside: Séraphin Twahirwa arahakana ivyo yagirizwa

- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC News - Brussels
Ejo wa gatanu igenekerezo rya 13 gitugutu (10) 2023, Séraphin Twahirwa yinjiye muri sentare amwenyura yambaye ikoti ya kaki, ishati yera n’ikaruvati yirabura, ari ari kumwe n'uwumwunganira, Vincent Lurquin. Pierre Basabose wewe ntiyitavye ku mvo z'indwara.
Umukuru wa Sentare Isabelle de Sadeleer yibukije Twahirwa ivyaha yagirizwa, ari vyo imvugo zibiba urwanko, kwica yabiteguye abo mu bwoko bw'Abatutsi, guhagarira ubwicanyi bw'Abatutsi yifashishije umuhari w'interahamwe yari arongoye mu gace ka Gikondo, hakiyongerako gufata abagore ku nguvu.
Twahirwa yahakanye ibi birego vyose, aho yarahiye ararengwa ko atigeze aja mu mugambwe n'umwe, atigeze atwara n'interahamwe, ko atanazi n’uko zakora, kandi ko n’ivya jenoside ataco abiziko kuko yari afise umugore w'umututsikazi, akavuga ko yabaye mu ba mbere bahunze ku wa 07 Ndamukiza (4) 1994 ahungishije umuryango wiwe.
Kathleen Grosjean umushingwanza kizigenza yamubajije ivy’amabariyeri avugwamwo yari acungerewe n’interahamwe muri Gikondo, aho yishuye ati: "Narinze mva mu Rwanda ntabonye bariyeri n'imwe y'interahamwe uretse iz’abasirikare n’abajandarume”.
Ababuranira imiryango yabuze bamubajije nimba igihe yahunga atabonye bariyeri, aho yishuye ko atobimenya kuko atari azi gutandukanya interahamwe n'abasirikare.
Bamubajije nimba yari atunze ibirwanisho nk’uko biri mu birego, arabihakana akavuga ahubwo ko atazi no kurasa. Aha abashingwamanza bagarutse ku vyo umugore wiwe bwite, Primitive Uwimana, yavuze mu matohoza, ko umugabo wiwe yari atunze inkoho kandi ko hari n’iyo yagendana. Twahirwa yishuye avuga ko ivyo atazi ico umugore wiwe yabikuyeko, akibaza ko yaremerewe na leta ya Kigali yamutegetse kwagiriza uwo bubakanye bamusanze aho yahungiye muri Kenya.
Vincent Lurquin yunganira Twahirwa wewe yemeje ko ivyo uwo aburanira avuga ari ukuri kuko agendana ubumuga kuva 1981, aho yagize isanganya ryatumye bamuca ukuguru.
Umukuru wa Sentare yahagaritse gato imburano isaha zitandatu, isubira kwugurura isaha umunani aho herekanywe ireresi yitwa "Rwanda Autopsie d'un génocide" ivuga ku bwicanyi bwo 1994. Ibiri muri ino reresi vyiyamirijwe n'umwe mu baburanira abaregwa, Maître Jean Flamme, aho avuga ko benshi mu bakoze amareresi ku Rwanda bakoreye ku binyoma vya FPR.
Uwundi yumvirijwe ni umuhinga azi ku vyabaye ku Rwanda Joseph Matata yahoze ari umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ryaharanira agateka ka zina muntu, ARDHO (Association Rwandaise pour la Defense des Droits de l'Homme ), rimwe mu mashirahamwe ya mbere yakoze amatohoza mu 1994. Yemeje ko izina Twahirwa ryavuzwe mu batwara Interahamwe mu 1994 n'imbere ya jenoside mu matohoza bakoze muri segiteri ya Gikondo.
Bitegekanijwe ko amasura menshi azokwumvirizwa, harimwo n’ayavuye mu Rwanda, bose hamwe barenga 50 harimwo abahinga n'abanditsi ku Rwanda.
Twahirwa Seraphin aburana yidegemvya ariko acungishijwe ijisho kuko yambitswe umuringa bita bracelets électroniques ucungera uko yiyunguruza.
Pierre Basabose nawe, naho atitavye urubanza, yaratezuriwe abanje gutanga ingwati, akaba yarahawe uburenganzira bwo kuba impunzi mu Bubiligi. Yahoze ari mu gisirikare gushika mu 1982 imbere y'uko aja mu rudandazwa, aho yari mu barwizatunga bakomeye b'Urwanda. Yari n'umwe mu banyamitahe ba RTLM.
Hagati y'imyaka ya 1980 na 1990, Basabose yabaye umurwizatunga avunja amafarabga muri Kigali. Itangazo ry’ubuserukirizi bw’Ububirigi rimenyesha ko “yakoresheje igice c’ubutunzi bwiwe kugira abe umunyamitahe agira kabiri muri RTLM.
Yahunze Urwanda mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire (RDC ubu), Kenya, Kazakhistan, n’Ubudagi.










