Urubanza rwa Basabose na Twahirwa: Ibi ni ivyashikirijwe n’impande zompi

Me Jean Flamme aburanira Basabose inyuma y'urubanza kuwa kane
Insiguro y'isanamu, Me Jean Flamme aburanira Pierre Basabose inyuma y'urubanza kuwa kane
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC News - Brussels

Urubanza rwa Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vy'ihonyabwoko ryo mu 1994 rwabandanije ku musi ugira gatatu ejo kuwa kane i Buruseri mu Bubiligi humvirizwa ababuranira abaregwa.

Séraphin Twahirwa niwe nanone yitavye wenyene kuko Basabose akitswe n'amagara na cane cane indwara zo mu mutwe zituma yibagira.

Sentare yatanguye guha ijambo umushikirizamanza kizigenza kugira asozere ivyagiriji, uyu yishimikiye ku vyabona yongeye kwemeza ko Twahirwa na Basabose bateguye bakanshira mu iyicwa ry'Abatutsi.

Urubanza rurabandanya kuwa gatanu humvirizwa ivyabona co kimwe na Séraphin Twahirwa, umwe mu bagirizwa.

Twahirwa na Basabose ni ba nde?

Ivyabona bishika 40 bizova mu Rwanda bishike i Buruseri aho bizumvirizwa muri uru rubanza ruzoburanishwa gushika mu kwezi kwa Kigarama (12), nk’uko vyamenyeshejwe mw’itangazo ry’ubuserukirizi bw’Ububirigi i Kigali.

Pierre Basabose w’imyaka 76, yahoze ari umusirikare wo mu ngabo zacungera umukuru w’igihugu akaba n’umugwizatunga mu rudandazwa rwo kuvunja amafaranga. Yari n'incuti y’umuryango wa Prezida Habyarimana bivuye kuri Col Elie Sagatwa yabanje kubera umushoferi – uwo nawe yari muramu wa Habyarimana akaba n’umunyamabanga bwite wiwe.

Hagati y'imyaka ya 1980 na 1990, Basabose yabaye umurwizatunga avunja amafarabga muri Kigali. Itangazo ry’ubuserukirizi bw’Ububirigi rimenyesha ko “yakoresheje igice c’ubutunzi bwiwe kugira abe umunyamitahe agira kabiri muri RTLM.

Yahunze Urwanda mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire (RDC ubu), Kenya, Kazakhistan, n’Ubudagi.

Séraphin Twahirwa batazira “Kihebe” w’imyaka 65 ni muvyara wa Agathe Kanziga – umupfakazi w’uwari Prezida Habyarimana – kimwe na Basabose nawe ngo yaba hafi ya depo ya MAGERWA i Gikondo nk’uko itangazo ry’ubuserukizi bw’Ububirigi ribivuga.

Twahirwa, bivugwa ko yari umukuru w’Interahamwe i Gikondo, nawe yahunze mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire na Uganda. Nta burenganzira afise bwo kuba mu Bubirigi, nk’uko iryo tangazo ribivuga.