Rwanda: Abagize amatohoza bemeza ko Basabose na Twahirwa bagize uruhara muri jenoside

Sentare

Ejo ku wa mbere, Sentare nkuru y’i Buruseri mu Bubirigi yasubiye gusasa ku ncuro ya gatanu yikurikiranya mu rubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa icaha ca jenoside ryo mu 1994 mu Rwanda.

Sentare yuguruye imburano yumviriza umwe mu vyabona vy'ivyabaye mu Rwanda (Témoin de contexte) Johan Swinnen yahoze aserukira Ububirigi mu Rwanda kuva mu 1990 gushika ku wa 13 Ndamukiza (4) 1994.

Swinnen ubu afise imyaka 77 yamenyesheje ko kuva mu 1993 haboneka icuka kibi hagati y'amoko cashobora gukwega ubwicanyi bw'ikivunga, aho mu 1993 bamwe mu Batutsi bishwe i Kigali bazira ibitero vya FPR, ahandi na ho abanyagihugu benshi b'Abahutu bari bahunze ibitero vya FPR mu buraruko bw'igihugu.

Swinnen yemeje ko yabwiye abamukurira ko inkumbi yashobora kugwa mu Rwanda aravye amajambo abiba urwanko rushingiye ku moko yavugwa, agashimangirwa n'ibimenyeshamakuru nka RTLM, Kangura n'ibindi vyinshi harimwo n’ibivugira leta y'ico gihe. Aha Swinnen yavuze ko na Radio Muhabura ya FPR na yo nyene itasigaye inyuma mu kubiba urwanko.

Yamenyesheje ko ikororwa ry'indege ya Habyarimana yabaye imbarutso.

Abajijwe nimba hari umugambi wo guhonya Abatutsi wari usanzwe warateguwe, yarabihakanye akavuga ko ahubwo ubwicanyi bwaturutse ku birarane vy'imvugo zibiba urwanko zashikirizwa n'abategetsi b'ico gihe n'intagondwa, na cane cane interehamwe, baterekwa amasezerano ya Arusha.

Sentare yabandanije urubanza mu kwumviriza abanyamategeko batanu bagize amatohoza kuri Basabose na Twahirwa.

Uko ari batanu bose ni Ababirigi. Mu matohoza bakoze, Valérie Migeot, Luc Ilde, Magalie Valcke, Jean Yves Grard barongowe na Ludivine Kerzman bemeza ko abo bagabo bompi basanze barakoze ivyaha vy'ubwicanyi bw'ikivunga bufatiye ku moko, kubiba urwanko n'ukugomorera Abahutu kwica Abatutsi hakiyongerako gufata ku nguvu vyagirizwa Seraphin Twahirwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo murwi wemeza ko Twahirwa yatanguye kuvugwa mu bahohotera abantu akoresheje interarahamwe.

Bavuga ko Twahirwa yatanguye kuvugwa mw'itangazo ry'umugambwe MDR utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Habyarimana ryo mu 1992 ryamudomako urutoke mu barongoye interahamwe zihohotera abantu i Gikondo, n’ivyanditswe n'ibinyamakuru Umurangi, ishirahamwe ARDHO ryaharanira agateka ka zina muntu mu Rwanda, Sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda (TPIR) n'ayandi masura ashika ku ndwi yemeza ko yari arongoye interahamwe muri segiteri ya Gikondo.

Kuri Pierre Basabose uwo umurwi wemeje ko yahoze ari umurwizatunga yagize uruhara runini mu bwicanyi bwakorewe Abatutsi na cane cane mu gutanga uburyo, kandi akaba yari afise imitahe muri RTLM yabiba urwanko.

Bemeza ko yari yegereye prezida Habyarimana nk’umwe mu basirikare bakomeye bamugendenanira.

Uno murwi w’abanyamategeko wakoze amatohoza uvuga ko yari afise imitahe ishika 120 muri RTLM yahamagarira kwica Abatutsi.

Wemeza ko Pierre Basabose mu gihe c’ihonyabwoko yatembera ataco yinona kandi yakorana n'abasirikare bo hejuru n'interahamwe mu kwica Abatutsi.

Nk’uko vyagenze mu ntango z'urubanza, mu baregwa hitavye Séraphin Twahirwa wenyene kuko Pierre Basabose bivugwa ko akitswe n'amagara.

Bitegekanijwe ko amasura menshi azobandanya yumvirizwa, yaba ayagiriza abaregwa canke ayabeza.

Twahirwa Seraphin aburana yidegemvya ariko acungishijwe ijisho kuko yambitswe umuringa bita bracelets électroniques ucungera uko yiyunguruza.

Pierre Basabose na we yahoze ari umusirikare gushika mu 1981 aho yabaye n'umwe mu ngabo zacunga ubuzima bwa Prezida Habyarimana, imbere y'uko aja mu rudandazwa akaba umwe mu bagwizatunga mu Rwanda, n'umwe mu banyamitahe ba Radio-Télévision Mille Collines.

Yahunze Urwanda mu 1994 ashika mu Bubirigi aciye mu cahoze ari Zaire (RDC ubu), Kenya, Kazakhstan, n’Ubudagi.