Uko vyagenze ngo haze icabona kitari co mu rubanza rwa Basabose na Twahirwa

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
Urubanza rw’abagabo babiri b’Abanyarwanda Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda rwabandanije ku munsi ugira 24 i Buruseli mu Bubiligi.
Mu ntahe yo ku wa kabiri, abunganira abaregwa bagirije sentare guhengama mu kubahindurira ivyabona (abatangabuhamya) vyategerezwa kubaregura. Bavuze ko basavye uwitwa Kalisa ariko bakabahindurira babazanira uwitwa Bwanakweri Jean Bosco ataco apfana n'uwo basavye. Vyateye impari muri sentare hagati y’ababurana.
Ico cabona (umutangabuhamya) yari gusūra hakoreshejwe ubuhinga bwa video ari Kigali. Amaze guseruka ku mboneshakure yari muri sentare akavuga umwidondoro wiwe, abunganira abaregwa baciye bamwiyamiriza bavuga ko babahinduriye.
Maitre Vincent Lurquin yunganira Twahirwa yavuze ko uwo yasavye yitwa Kalisa kandi ari umukozi w’imana, ari naco gituma bari bamwikozeko kugira aregure, bakabona ko wewe atobesha nk’ibindi vyabona biba vyateguwe na leta ya Kigali, nk'uko babivuga.
Maitre Lurquin yagize ati: "Mwankabiye jewe kuko icabona muzanye yitwa Bwanakweri Jean Bosco ariko jewe nasavye uwitwa Kalisa. Nta mpamvu n'imwe isigura igituma twumviriza Bwanakweri mu gihe jewe nasavye Kalisa.
Ati: ''Uwo twasavye ni Kalisa, twababwiye aho aba, n'ivyo akora, sentare yategerezwa kumurondera, akabwira sentare ivyo azi muri uru rubanza''.
Umukuru wa sentare nawe yishuye abunganira abaregwa ko ku rutonde afise, uwitwa Kalisa ataho aboneka, ko hoba habaye akabazo.
Sentare ibajije umushikirizamanza ivyo uruhande rw'abaregwa rushikiriza, yishuye ko mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka wa 2022 igihe bahura n’abunganira abaregwa, Maitre Lurquin yavuze ko yifuza icabona citwa Kalisa yaba i Gikondo, ariko ko atiyigeze avuga irindi zina ry’uyu mugabo. Yavuze ko mu nyuma yaho inzego z’ubutungane z’Urwanda zavuze ko zabonye uwitwa Jean Bosco Bwanakweri batazira Kalisa, ari nawe yahamagawe kugira abwire sentare ivyo azi.
Ariko Maitre Lurquin aburanira Twahirwa ashigikiwe na Maitre Jean Flamme aburanira Basabose bavuze ko iryo ari irementanya.
Maitre Flamme yavuze ko ata mpamvu yotuma icabona Bwanakweri ahabwa umwanya wo kwumvirizwa kw’izina rya Kalisa ata n'ico bapfana.
Umwe mu bunganira abasaba indishi wewe yasavye ko yokumvirizwa kuko ikosa ari abunganira abaregwa batatanze amazina yose y’uwo bashaka, akabona ko mu gihe hasigaye iminsi mike ngo urubanza rurangire, kuzana ibindi vyabona mu rubanza rurenza imyaka 8 ruri mumatohoza bigoye. Ariko abunganira abaregwa bararahiye bararengwa, baca basaba ko ruhagarara gushika uwo basavye abonetse.
Sentare yaciye ihagarika urubanza kugira ije mu mwiherero ifate ingingo ko rubandanya canke ruhagarara. Yagiye kugaruka inyuma y’umutaga isohora ingingo ko ibirego vy’abunganira abaregwa bidafashe kuko batatanze umwidondoro ukwiye w'uwo bashaka kugira aronderwe aze gusūra nk'uko bavyipfuza.
Yaciye itegeka ko urubanza rubandanya ku mugoroba w’ijoro humvirizwa ibindi vyabona. Ariko ico cabona coco cari cazanywe, sentare yaciye ifata ingingo ko gikurwa mu rubanza.
Bitegekanijwe ko urubanza rubandanya gushika ku munsi wa gatanu mu gihe hagisigaye kwumvirizwa ivyabona birenga 34 kugira urubanza rurangire.










