Abunganira Twahirwa na Basabose bavuga ko 'imanza nk'izi zishaka kwibagiza amabi Abahutu bakorewe'

Maître Jean Flamme (i bubamfu), ari kumwe Twahirwa

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Maître Jean Flamme (i bubamfu), aha ari kumwe na Twahirwa, avuga ko imanza nk’izi ari izo kugira Abahutu ntihagire ico babaza ku mabi avuga ko bakorewe na FPR
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Ejo ku wa mbere, rwa rubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994 rwarabandanije ku musi ugira 23 i Buruseli mu Bubiligi, aho sentare yibanze ku vyabona bibiri vy’umushikirizamanza vyose biri mu mvuto mu Rwanda.

Muri ibi vyabona vyumvirijwe hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, uwa mbere ni umugabo w’imyaka 73 avuga ko yitwa Setiba Joseph apfungiwe icaha ca jenoside kuva mu 1997, akavuga ko kuva kera yari mu mugambwe MRND, wari ku butegetsi, kandi ko no mu gihe ca jenoside yawugumyemwo.

Avuga ko yinjiye mu Nterahamwe mu 1991, anahabwa amabanga (inshingano mu Kinyarwanda) mu buyobozi bwazo, nka Perezida wazo ku rwego rwa Segiteri ya Kigali.

Avuga kandi ko mu nyuma yahawe ayandi mabanga mu buyobozi bw'Interahamwe mu cahoze ari Komine Butamwa mu nkengera za Kigali, aho yari ashinzwe 'mobilisation' (kwegeranya) y'urwaruka rw'Interahamwe.

Sentare imubajije ivya Twahirwa yagize ati: "Muri ico gihe cose jewe Séraphin [Twahirwa] namufata nk’umuntu yari kw’isonga ry’ivya gisirikare. Ibibazo twagira vyose twategerezwa kubimushikiriza.

“N’igihe twatangura kurwanya FPR kugira ntiyinjire i Kigali ngo idutware uduce twari twagumyemwo twa Rebero, Karambo, Gisozi, Shyorongi, twategerezwa kubaza Twahirwa ingene twovyifatamwo”.

Bamubajije uruhara rwiwe n’abayobozi bakuru b’igihugu, yavuze ko Twahirwa yari incuti idasanzwe ya Félicien Kabuga, akavuga ko yari umwe mu bantu bari batinyitse kandi ko “yamugendera kenshi kuko yakunda ukuntu arinda kandi atagira ikinya”.

Sentare imubajije ivyo yavuze mu matohoza ko Twahirwa yagenda gutora amafaranga kwa Kabuga yo guhemba Interahamwe, yabihakanye, akavuga ko Interahamwe zitahembwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abajijwe ku ruhara rwa Basabose muri jenoside, yishuye ko yari umurwizatunga bahurira mu manama, banahurira i Bukavu iyo bari barahungiye, kandi ko yari umwe mu bafasha Interahamwe.

Ku ruhande rwabo, abunganira abaregwa bamirira kure ibivugwa n’ivyabona.

Maître Jean Flamme yunganira Basabose ntarya umunwa mu kwemeza ko urwo rubanza ata kindi rugamije atari gucinyiza Abahutu bari bakomeye kuri reta ya Habyarimana.

N’ijwi riri hejuru, yabwiye sentare ati: “Muribagiye ko hari ibihumbi vy’Abahutu biciwe muri Congo bahunze bakicwa na FPR? Rero imanza nk’izi ni izishaka kwibagiza amabi Abahutu bakorewe, kandi ubiravye neza na bo barakorewe jenoside.

"Uwo nunganira nta kindi ariko arazira atari uko yari umwe mu Bahutu bari bifise mu Rwanda, kandi imanza nk’izi ni ukugira Abahutu ntihagire ico babaza, nayo ivyo vyabona muzana bipfunzwe kuva mu 1997 nta kindi biza kubabwira bitandukanye n’ivya reta ya FPR.

"Jewe nanka kubabesha, aba bari ngaha nta kindi bazira atari uko ari Abahutu bari bazwi imbere ya 1994".

Ku bwa Maître Jean Flamme, abagirizwa nta jenoside bakoze, ni ukubabeshera, “vuba bazohabwa ijambo muzokwibonera ko ivyo bagirizwa ari ibinyoma”.

Avuga ko n’abasemura (interprètes) mu gifaransa babishira mu Kinyarwanda ivyo bavuga bidahura neza, agasaba mbere ko bahindurwa.

Haciye haduka impari muri sentare hagati y’ababuranira abaregwa n’umushikirizamanza, sentare ikaba yaciye ihagarika imburano n’icabona ca kabiri cari i Kigali kidasuye kugira ngo isukemwo mabisi.

Imburano yaciye izishira kuri uno wa kabiri, aho baza kubandanya bumviriza ivyabona.