Jenoside - Rwanda: Abavukanyi ba Twahirwa bavuga ko badatahura ivyagirizwa mukuru wabo

Twahirwa

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Abavukanyi ba Séraphin Twahirwa (ari na we ari kuri ino foto) ntibatahura ivyo yagirizwa, bakavuga ko yari umuntu yigenza neza
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Mu ntahe y'ejo ku wa gatanu, umunsi ugira 27 w’urubanza rwa ba Banyarwanda babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, sentare yumvirije ivyabona biri mu baregura abaregwa, abo nabo ni abavukanyi ba Twahirwa bahamagawe na sentare bavuye mu Rwanda.

Bose bavuga ko badatahura ivyo yagirizwa, bakavuga ko yari umuntu yigenza neza.

Uwa mbere yumvirijwe yitwa Esperance Nyirasafari afise imyaka 54 yemeza ko ari mushiki wa Twahirwa yari yavuye mu Rwanda. Yabwiye sentare ko amuheruka kera cane mu 1986 ariko amuzi nk’umuntu w’intungane yitaho umuryango wiwe kandi yigenza neza.

Bamubajije ko azi umugore wiwe, Primitive Uwimana, yishuye ko amuzi neza, ko ivyo yabonesha amaso bari babanye neza kandi ata ngorane.

Sentare imubajije nimba ivyaha yagirizwa abizi yavuze ko avyumva nk’abandi bose ariko ko baherukana kera, kandi ko uko amuzi vyogora kwemeza, akavuga ko atigeze amubona mu bukozi bw’ikibi gushika mu 1986 aho amuherukira.

Hakurikiye Jean Batiste Nkuyinzira na we nyene akaba ari mutoyi wa Twahirwa. Yemeje ko azi neza mukuruwe naho batagiye barabonana cane, akavuga ko yari umuntu w’akarorero yitaho umuryango wiwe.

Ntatahura ivyo yagirizwa, akemeza kandi ko yari yubakanye neza n’umugore wiwe kuko rimwe na rimwe baja kubaramutsa aho baba basa n’abantu bumvikana.

Abajijwe nimba yoba yarakoze ivyaha yagirizwa, yishuye agira ati: “Jewe si ndi ubutungane, namba yarabikoze arabihanirwa, ubutungane burakora akazi kabwo kuko sinomuhishirira, ariko jewe igihe ndamuherukira n’aho ari kera, yari umugabo w’akarorero twishimira mu muryango.

“Rero vyongora gutahura ko yoba yarahindutse”.

Uwa gatatu ni Brigitte Uwineza, yavutse 1982, yari yavuye mu Rwanda, akavuga ko ari umurimyi kandi mushiki wa Twahirwa. Sentare imubajije imyaka Twahirwa amurusha, yishuye ati: "Ni imyaka myinshi, ntayo nibuka, irenga 25 kuko ni jewe ndi mutoya cane kuri we".

Uwineza yabwiye sentare ko, mu gihe gito yabonye Twahirwa, yamubonye yarubatse “aje kuturamutsa ari mu modoka, azananye n’umugore wiwe basa n’ababanye neza”.

Nayo ku vyaha musaza we yagirizwa, avuga ko yumvise nk’abandi ko yagirizwa ivyaha vya jenoside, rero ko atovyemeza canke ngo abihakane kuko batabana cane, ariko ko yari azwi neza mu muryango wabo.

Bose uko ari batatu babajijwe Pierre Basabose bavuze ko batamuzi bataramukubita n’ijisho.