Umugore wa Twahirwa yisubiyeko ku vyo yagirije umugabo wiwe 'atewe ubwoba n'Urwanda'

Séraphin Twahirwa (iburyo) n'umwunganizi we Maître Jean Flamme

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Séraphin Twahirwa (iburyo) n'umwunganizi wiwe Maître Jean Flamme (ifoto yo mu bubiko)
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Ku wa kane, mu rubanza rw’Abanyarwanda Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, ubuhamya bw'umugore wa Twahirwa bwateye uruhagarara muri sentare.

Kuri uwo munsi ugira 27 w'urubanza, Primitive Uwimana yari yitezwe cane kugira atange umuco, naburya yari yabwiye umurwi w’amatohoza ko umugabo wiwe yamufashe ku nguvu imbere y’uko amurongora, kandi ko yari umuntu ateye ubwoba.

Kandi ntivyoroshe kugira yitabe sentare. Mu gihe yari yitezwe mu gitondo, yitavye ijoro rigiye, kuko sentare yabanje kumurindira ikamubura bitazwi iyo yakamanganiye ku mvo ziwe bwite.

Vyabaye ngombwa ko sentare isohora umutahe wo kumurondeza kugira yitabe.

Intahe yo ku wa kane yatanguranye impari nyinshi.

Abunganira abaregwa n’umushikirizamanza basavye ko yokwumvirizwa icese (mu ruhame) nkuko amategeko abitegekanya, ivyo uwo mutangabuhamya aterekwa.

Uwimana, w'imyaka 53, yaje avuye muri Kenya aho avuga ko aba kuva mu 2005, yavuze ko hari inzitizi nyinshi zirimwo abamutera ubwoba bari muri sentare baje bava mu Rwanda.

Umukuru wa sentare yabajije umushikirizamanza ko hari ingorane afise y’umutekano ariko arabihakana, avuga ko uwo mugore abesha.

Ati: "Ikibazo afise ni umugabo wiwe aguma amutera ubwoba kugira amuvugire ivyo ashaka, rero twaraye twatse amatelefone Twahirwa kugira turabe nimba avugana n’umugore wiwe."

Sentare yahavuye ija mu mwiherero kugira irabe ko ubwo buhamya bwokwumvirizwa icese (mu ruhame) canke mu mwiherero.

Inyuma y’isaha ica iragaruka isohora ingingo (umwanzuro) ko ata nzitizi zotuma atumvirizwa icese. Ariko bamuhamagaye kugira yumvirizwe baramubura.

'Nategetswe kwagiriza umugabo wanje'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Barondeye n'aho aba baramubura, biba ngombwa ko sentare isohora umutahe (mandat d’amener) kugira aronderwe, naburya ari ubutungane bw’Ububiligi bwari bwamutumyeko.

Igipolisi c’Ububiligi caciye kija kumurondera kimutora inyuma y’umutaga, aca atangura kwumvirizwa inyuma y’isaha cumi na zibiri z’ijoro (18:00) zirenga.

Sentare yatanguye imubaza ko umugabo wiwe Twahirwa koko yamufashe ku nguvu kugira amurongore, nk'uko yabibwiye umurwi w’amatohoza, canke ko yari inkozi y’ikibi, nk'uko benshi babigarutseko nawe arimwo.

Yarabihakanye, avuga ko yabivuze kugira acungure agatwe kiwe.

Ati: "Nabivuze kubera ubutungane bw’Urwanda bwaguma buntelefona ku mwanya ku mwanya bumbwira ngo nagirize umugabo wanje ivyaha, baranantumyeko n’abamaneko [...]

"Ndababwize ukuri, umugabo wanje ntiyamfashe ku nguvu nta na gato. Ivyo navuze mubiteshe agaciro. Twarakundanye, turanumvikana ko twokwubakana, nta wabintegetse barabesha.

"Narabishaka, twarubakanye kuko yaransavye irembo, aratanga n’inkwano turaja no kwandikwa imbere y’amategeko. Ico tutakoze n’ubugeni bwo mw’isengero, kandi yari umuntu w'intore amfyinisha [antetesha] umwanya wose, yanyita 'chérie'."

'Hari Interahamwe zaba muhira'

Sentare yamuhase ibibazo, imubaza nimba hari Interahamwe zaba iwe canke ko hari ibirwanisho vyabikwa iwe.

Asubiza ko hari Interahamwe zibiri zaba mu rugo, avuga ari izo umugabo wiwe yari yarazanye kugira zicungere umutekano igihe hari hatanguye imigambwe myinshi.

Ku vy'ibirwanisho, yavuze ko ata vyari bihari kandi "n’umugabo wanje ntavyo namubonanye, ntazi no kurasa".

Zimwe mu nyankamugayo zizoca urubanza zamubajije nimba koko barubakanye imbere y’amategeko na Twahirwa, ko yoba yibuka italiki y’ubugeni bwabo imbere y’amategeko. Avuga ko atavyibuka.

Zanamubajije ko yoba azi ico umugabo wiwe yagirizwa, n’ico abivugako.

Yavuze ko yumvise ko yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994, vyo gufata abakenyezi ku nguvu no gukoresha igitugu, n’ivyaha vyo gukangurira ubwicanyi mu Rwanda.

Uwimana yavuze ko ivyo vyaha umugabo wiwe aregwa atavyemera, "kuko imyaka twabanye nta munsi wa rimwe nigeze mbona yica umuntu, afata abagore ku nguvu".

Yabajijwe nimba yarasohoka akabona ibikorwa vy’ugushinga ama bariyeri no kwigisha Interahamwe abatangabuhamya benshi bavuga ko vyakorwa n’umugabo wiwe.

Yishuye ko wewe atava mu rugo, ko na ka butike yari afise kari karugaye, ko yari umugore wo muhira ivyabera hanze vyinshi atabizi.

Abajijwe ku vya Basabose yavuze ko atawe azi kuko wewe atasohoka.

Intahe yarangiye mu masaha akuze y'ijoro. Bitegekanijwe ko urubanza rubandanya uno munsi, humvirizwa ibindi vyabona.