Urubanza rwa jenoside yo mu Rwanda: Umugore wa Twahirwa yari mu vyabona, yaranzwe n'amarira

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
Intahe y'ejo ku wa gatatu ku musi ugira 25 w’urubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, yibanze ku vyabona bibiri harimwo umugore wa Séraphin Twahirwa.
Muri uru rubanza rubandanya i Buruseli mu Bubiligi, uwa mbere yumvirijwe ni umugabo w’imyaka 71 yavuye mu Rwanda, akaba avuga ko yari umubanyi (umuturanyi, mu Kinyarwanda) wa Basabose, kandi ko yamubonye ahagarariye Interahamwe ziriko zishinga amabariyeri.
Avuga ko Basabose yaha uburyo Interahamwe kandi ko hariho nyinshi zaba iwe. Abajijwe nimba hari uruhara rugaragara yagize muri jenoside yishuye ati:
“Jewe yaba ku metero 50 y’iwanje, twese twari Abahutu; nagira ndakubwire ko hari ababanyi babiri b’Abatutsi bishwe n’Interahamwe Basabose araba, kandi ntaco yigeze avuga.
"Ntiyigeze anatabaza kandi yari asanzwe azi abo bariko baricwa, wumva uwo muntu yari yoroshe mu vyariko birakorwa?”
Yongeyeko ko Basabose yari akingiwe cane n’Interahamwe, mbere ko yari yarazigabiye zimwe mu modoka nyinshi yari afise.

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
Hakurikiye uwari yitezwe cane, uyu na we akaba ari umugore wa Twahirwa, Uwimana Primitive. Ni umugore w’imyaka 53, yari yishikiye mu rubanza amwenyura, avuye muri Kenya aho avuga ko asanzwe aba kuva mu 2005.
Sentare yatanguye ibaza impande z’abaregwa nimba uno mugore yohabwa ijambo akavuga ivyo azi abanje kurahira ko avugisha ukuri.
Uruhande ruserukira abaregwa rwaravyemeye ariko uruhande rw’abaserukira abasaba indishi rurabihakana, bakavuga ko “bigoye ko umugore w’uwuregwa yovugisha ukuri ijana kw’ijana ku muntu bavyaranye”.
Abashingwamanza baburanira abasaba indishi n’abacikacumu bavuga ko ata wimena igihute, bakavuga ko Twahirwa na Uwimana bamaze imyaka 18 batabana ariko ko bakivugana.
Babona ko ata cobuza ko asūrá [atanga ubuhamya] muri runo rubanza, ariko ko ivy’indahiro vyokwihozwa.
Umushikirizamanza nawe nyene yashimangiye ivyo abunganira abasaba indishi bashikirije.
Sentare yaciye ifata ko uwo mutangabuhamya yōsūrá atifashije indahiro.
Umukuru wa sentare yatanguye kumubaza igihe baheruka kuvugana na Twahirwa, akaba yishuye ko ari kera cane.
Sentare yamubajije aho bahuriye na Twahirwa kugira bamenye nimba yarafashwe ku nguvu nk’uko abagiye barumvirizwa bagumye babivuga ariko umugabo wiwe akaba abihakana.
Kuri kino kibazo, amarira yamutanze hasi, arunama, bimwanka mu nda, ariko arinanata (ariyandayanda, mu Kinyarwanda) avuga ko umugabo wiwe Twahirwa bakundanye, bahitamwo kurushinga kuko bahuriye i Gikondo aho yaba kwa mukuru we.
Sentare ntiyanyuzwe, ica iguma imusatiriza ibibazo ishaka kumenya nimba koko barakundana vy’ukuri, hanyuma akamusaba biciye mu mategeko.
N’amarira menshi, imbere ya sentare yaguma imusaba gutanga umuco ariko na we bikamwanka mu nda, Uwimana yaciye avuga ko hari ibintu adashobora kuvugira mu ruhame, aca asaba ko abaje mu rubanza bosohoka.
Sentare yaciye ifata ingingo ko abaje kwumviriza urubanza hamwe n’abamenyeshamakuru bosohoka urubanza ruca rubandaniriza mu mwiherero.
Biciye ku babunganira, abaregwa basavye sentare ko yobaha umwanya bakisigura ku vyo bagirizwa, ariko yabishuye ko botenyenya kugira ngo ivyabona bibanze biheze kwumvirizwa.










