Bujumbura: Ibituro vy’imodoka zahora zigira uruja n'uruza hagati y'Uburundi n'Urwanda vyarugaye

Mu kiringo c'umwaka wari uheze Uburundi busubiye kwugurura urubibe buhana n'Urwanda uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu ku mpande zose rwari rwasubiriye ukuri kwamye, ariko ubu imbibe zose zirugaye.
Umwe mu bakokayi bakorera ku bituro bitandukanye vy’imodoka zikura abantu mu gisagara ca Bujumbura zibajana mu gihugu hagati, canke mu bihugu bibanyi avuga ko igihe hafatwa ingingo yo kugara imbibe ibiro vya Volcano vyaciye vyugara.
Agira ati: "Igihe bugara [Volcano], ni igihe hatangajwe ko imipaka [y’Uburundi n’Urwanda] yugawe. Ni wo musi Vocano itasubiriye gupakira".
Abandanya agira ati: "Umusi Volcano zugara, ku vyo nabonye n’amaso, hari abari batabuje [tike] baca bababwira ko imipaka yugaye. Vyaciye biba ngombwa ko basubiza ama tike, baca babasubiza amafaranga yabo. Baciye basubira bamwe bamwe muhira, abandi bagenda kw’izo nzira numva zo guca i Tanzaniya".
Ugeze kuri ivyo bituro biri impande y’isoko benshi bita kuri COTEBU, mu gisagara ca Bujumbura, usanga hariko haraba ibikorwa vyo gupakira abaja mu mihingo itandukanye.
Yamara, si ko biri ku cicaro ca sosiyete Volcano isanzwe ijana abantu mu Rwanda. Ho harugaye. Hariko n’amagufuri.
Mbere n’ivyapa biranga ico kibanza barabikuyeho. Nta modoka n’imwe y’iyo sosiyete uhasanga. Eka nta n’umukozi.
Impande y’aho uhabona abanyagihugu badandaza utuntu dutandukanye, badashima kuvugisha ibinyamakuru.

Ingingo yo kugara imbibe yavuye kuki?
Kw’igenekerezo rya 11 nzero uwu mwaka, reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwugara imipaka ico gihugu gisangiye n’Urwanda.
Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro no gufasha mu vy’uburyo umuhari wa RED-TABARA wiyemereye ko ari wo wagize igitero co kw'itariki 22 z'ukwezi kwa Kigarama (12) mu mwaka uheze, cahitanye abantu 20 muri zone Gatumba iri muri komine Mutimbuzi.
Iyi ngingo yatumye abanyagihugu b’ibihugu vyompi badashobora kubandanya bagenderanira.
Yagize kandi ingaruka ku barundi bafise imirimo basanzwe baja kurangurira mu gihugu c’Ubuganda.
Umwe mu ngenzi zikunze gufata urugendo rwo kuja i Kampala mu gihugu ca Uganda yasiguye ingorane bagira.
Yagize ati: "Ubu duca muri Tanzaniya, ariko ntivyoroshe. Amabarabara si meza".
Uwo musore asigura ko n’ibiciro vyo kwiyunguruza vyaciye biduga kubera muri Tanzaniya ari kure cane. Agira ati "Kare twahora duca mu Rwanda. Twahora turiha ibihumbi 130 ariko ubu turiha 150. Ibiciro vyaciye biduga. Kandi n’amafaranga mu nzira ni menshi turiha harya tugongesha (guteza ibidodo mu mpapuro z'inzira) muri Tanzaniya.
"Mu Rwanda twarengana neza. Kandi haba hagufi. Hari amakaburimbo hose. Ariko muri Tanzaniya amabarabara ni mabi, ni ayo ivyondo, y’ibivu.
"Dusaba ko mu Burundi bosubira bakatwugururira, tugasubira tukahaca vyotworohera. Hariho n’abahora basigara mu Rwanda. Urumva ubu biragoye kugira uje mu Rwanda".
Izo ngenzi zisaba abarongoye Uburundi n’Urwanda kuganira kugira batorere inyishu ivyo badahurizako, ku neza y’abanyagihugu b’ibihugu vyompi.
Mu kiganiro n'abanyagihugu mu mpera z'umwaka uheze, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yatangaje ko umuhari RED-TABARA wasasitse inganda mu Burundi watse indaro mu gihugu c’Urwanda.
Ariko Urwanda rurabihakana.
Si ubwa mbere Uburundi bwugaye imipaka buhana n’ico gihugu. Bwari bwabikoze muri 2016.
Ico gihe bwagiriza Urwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkuruniza [yahoze arongoye Uburundi ] muri 2015.
Evariste Ndayishimiye yamukoreye mu ngata ashitse ku butegetsi muri 2020, yahavuye yugurura iyo mipaka muri gitugutu 2022, mu ntumbero y’utwigoro two kugerageza gutorera inyishu amatati yari hagati y’ibihugu vyompi.
Ubu rero bisa n’aho ibintu biriko bisubira i buti.










