Ukraine-Russia: Putin yagendeye giturumbuka Mariupol yigaruriye n'ingabo ziwe

Insiguro ya video, Raba Putin ariko aragendesha imodoka mu rugendo yaraye agize i Mariupol muri Ukraine

Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bitangaza ko Perezida Vladimir Putin yagendeye Mariupol giturumbuka, igisagara ca Ukraine co ku nyanja cigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya zibanje kugisambura hafi cose.

Videwo yerekanye Putin ariko aragendesha imodoka mu mabarabara mw’ijoro avugana n’abasanzwe bahaba. BBC ntiyashoboye guhinyuza neza aho hantu.

Rwoba ari rwo rugendo rwa mbere rwa Putin mu turere tw’ubutaka bwa Ukraine buherutse kwigarurirwa.

Itororokanirizo ry’amakuru Tass rivuga ko yagiye na kajugujugu.

Muri iyo videwo ari kumwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya Marat Khusnullin, asigura ingene iki gisagara kiriko kirasanurwa.

Putin kandi aboneka nk'uwuri mu nyubakwa ya Philharmonic Hall yakoreshejwe mu gucira imanza ingabo za Ukraine zarwanira uruganda rw’icuma rwa Azovstal, uruganda runini cane rwarwaniwe bikomeye n’ingabo za Ukraine igihe kitari gito imbere yo kumanika amaboko.

Mariupol imaze amezi arenga cumi igenzurwa n’Uburusiya inyuma yo gutabagurwa muri imwe mu ntambara zamaze igihe kirekire kandi yatikiriyemwo abatari bake muri runo rugamba. Ukraine ivuga ko abantu barenga 20.000 biciwe muri ico gisagara.

Umwihwezo w’ishirahamwe ONU werekana ko inyubakwa zigera kuri 90% zabomowe, abantu bababa 350.000 nabo bateshwa izabo, mu gihe ico gisagara cari gisanzwe gituwemwo n’abantu bababa 500.000 imbere y’intambara.

Umurwi w’abanyagihugu baba muri ico gisagara wabwiye BBC ko Uburusiya buri mw’isekeza risaba uburyo bwinshi ryo gusanura iki gisagara no kwigarurira imitima n’ivyiyumviro vy’abanyagihugu. Intumbero ni ukwiyegereza Mariupol no kuyigira iy’Uburusiya. Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko abantu 300.000 ubu ari bo baba muri ico gisagara.

Putin

Ahavuye isanamu, Reuters

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri iyi ntambara, Uburusiya bwakoze igitero ku nyubakwa yo muri Mariupol yari ituwemwo amajana n’amajana y’abasivire. Iyi nyubakwa yarabomotse, bikavugwa ko abantu nibura 300 bahapfiriye.

Ukraine n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko iki gitero ari icaha co mu ntambara.

Ishirahamwe ONU rivuga ko ibi biri mu bintu bishobora gutuma Putin n’ubutegetsi bwiwe bakurikiranwa imbere y’amategeko.

Ku wa gatanu, sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye/The Hague yasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, imwagiriza uruhara rwo gutwara ku nguvu mu Burusiya abana b’abanya-Ukraine. Ibi bisigura ko ubu ashobora guhagarikwa muri sentare iyo ari yo yose mu bihugu 123 biri muri ino sentare.

Ku wa gatandatu, Putin yakoze urugendo rutamenyeshejwe mu karere ka Crimée/Crimea, mu guhimbaza isabukuru igira icenda yo kwibuka igihe Uburusiya bwihagira aka karere bukonkoye kuri Ukraine.

Abategetsi ba Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) bararahira bakarengwa ko bazoruhira kubohoza uturere twose twigaruriwe n’Uburusiya, harimwo na Crimée yihagiwe n’Uburusiya mu 2014.

Bivugwa kandi ko mu rugendo rwiwe, Putin yabonanye n’intwazangabo za gisirikare nkuru muri Rostov-on-Don, igisagara c’Uburusiya kiri mu buseruko bwa Mariupol.