Intambara muri Ukraine: Abategetsi bavuga ko Kyiv yatujije igitero gikomeye c'amadrone y’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Laurence Peter
- Igikorwa, BBC News
Mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu, Kyiv yatewe na za ndege zitagira abadereza (drones) z’Uburusiya, ibisigarira bikaba vyaguye mu turere tutari duke, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Ukraine, ariko ntibavuga nimba hari abapfuye canke bakomeretse.
Ibiturika nibura cumi vyumvikanye ku mugwa mukuru maze inzamba zo kugabisha zirasamirana kugira abanyagihugu binyegeze. Haciye akanya hasamiranye inzamba zimenyesha ko ibintu vyarangiye.
Umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare ku mugwa mukuru Kyiv, Serhiy Popko, avuga ko ibisigarira vyateje umuriro ku nyubakwa ituwemwo n’abanyagihugu, ariko ukaba wazimijwe.
Si bwo bwa mbere Kyiv iterwa n’ama-drone.
Muri iki gitero co kuri uno wa Mungu, abarongoye igisagara bavuga ko uturere twatewe ari Podilskyi, Sviatoshynskyi na Shevchenkivskyi, twose turi hafi yo hagati mu gisagara. Igisata kijejwe gukingira ikirere ca Kyiv cerekanye ubuhinga mu gushobora gukorora amadrone hafi yose y’Uburusiya n’ibisasu vya misire vyatewe kuri iki gisagara.
Popko avuga ko indege hafi 20 zitagira abadereva zo mu bwoko bwa Shahed zahinguriwe muri Irani zakorowe kuri uno wa Mungu. Avuga ko zarungitswe mu kirere ca Kyiv ziri mu mirwi zivuye mu mpande zitandukanye.
Ibisigarira vyazo hafi vyose vyaguye mu turere tutagira abantu, nk’uko abivuga, ariko ko bimwe vyononye amamodoka hamwe n’intsinga zikoreshwa mu kunyonga amamodoka akoresha umuyagankuba.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, Uburusiya buvuga ko bwasambuye amadrone umunani yarungitswe na Ukraine mu kirere c’Ikiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) hafi y’akarere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya kuva mu 2014.
Amadrone avugwa ko ari aya Ukraine aramaze kurungikwa hagati mu Burusiya, harimwo no mu ntara ya Moscou, akaba mbere aherutse kurasa indege ku kirindiro c’ingabo zirwanira mu kirere ahitwa Pskov. Ariko abategetsi ba Ukraine basanzwe batemeza canke ngo bahakane ko ari bo baba bakoze ibi bitero.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga kandi ko ubwato bwabwo bw’intambara bwasambuye amato matomato atatu y’igisirikare ca Ukraine yariko atera aja muri Crimée. Buvuga ko aya mato yahinguriwe muri Amerika akaba yari atwaye abasirikare barwanira mu kirere, yatewe ageze mu buraruko bushira ubuseruko bw’Izinga ry’Inzoka (île des Serpents/Snake Island).
BBC ntirashobora guhinyuza ano makuru aje inyuma y’imisi Uburusiya butangaje ko bwari bwasambuye amato mato mato ya Ukraine hanze ya Crimée.
Imbere y’aha, umushikiranganji mushasha wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi Rustem Umerov yari yasavye incuti zabo z’Uburengero kudacika intege maze babandanye babarungikira ibirwanisho kugira ngo batsinde ino ntambara.
Ati: "Turashima imfashanyo zose zimaze kurungikwa…turakeneye ibindi birwanisho bikomakomeye. Turabikeneye uyu musi. Tubikeneye ubu nyene”.
Muri aka kamo kiwe, avuga ko “abarwanyi ba Ukraine uno musi bariko batanga ubuzima bwabo barwanira indangagaciro shingiro za demokarasi n’ubwigenge” rero ko “bakeneye ko mubafata mu mugongo.










