Ukraine-Russia: Ikimodoka c'intambara co mu Bwongereza caturiwe muri Ukraine

Insiguro ya video, Ukraine: 'Char' ya mbere yo mu Bwongereza yo mu bwoko bwa Challenger 2 yaturiwe
    • Umwanditsi, Na Thomas Spencer & Alex Murray
    • Igikorwa, BBC Verify

Videwo yahererekanywe ku mbuga hwaniro igasuzumwa na BBC Verify yerekanye ikimodoka c’intambara (char) cakorewe mu Bwongereza kiriko kirasha.

Isoko ryo mu gisata co kwivuna abansi mu burengero ryabwiye BBC ko iyi modoka y'intambara yo mu bwoko bwa Challenger-2 yakorewe mu Bwongereza, yari yarungitswe muri Ukraine, yabanje gufatwa n’igisasu gitegwa mu kuzimu (mine).

Iyo mine imaze guturika, yateje umuriro mu gikono kimwe c’ibitoro kiri inyuma, ubwo nyene abanya-Ukraine bane bariko baragikoresha baca barasohokaari bazima.

Iri soko ryo mu gisata co kwivuna abansi co mu burengero rivuga ko iyo modoka ata muntu n’umwe yari akiyisigayemwo, yahavuye mu nyuma ikubitwa n’indege yo mu Burusiya itagira umudereva (drone) yo mu bwoko bwa Lancet yariko irazunguruka, ica irayisambura.

Ni bwo bwa mbere iyi modoka yo mu bwoko bwa Challenger 2 ibonetse mu buryo bwagenzuwe ku rubuga rw’intambara kuva Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine mu 2022.

Challenger-2

Iyi videwo yerekana umwotsi uriko uduga uva muri iyi modoka y'intambara, ije inyuma y’aho abategetsi ba Ukraine batangarije ko ingabo zayo zameneye mu birindiro vya mbere vy’Abarusiya mu bumanuko bwa Ukraine.

Igisata ca BBC kijejwe guhinyuza amakuru, BBC Verify, ntikirashobora kwemeza neza na neza n'igihen'aho ibi vyabereye.

Ariko iyi videwo, ihuye n’ayandi mashusho yerekana ingabo za Ukraine zarungitswe mu karere ko mu micungararo y’ikigwati giherutse kubohozwa ca Robotyne mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Mu kwa mbere, Ubwongereza bwatangaje ko bwari kurungikira Ukraine izi modoka z'intambara 14 zo mu bwoko bwa Challenger-2. Ico gihe, umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak yavuze ko zari gufasha ingabo za Kyiv “gusubiza inyuma ingabo z’Uburusiya”.

Challenger, 'char'yahinguwe mu mpera z’imyaka ya 1990, imaze imyaka irenga 20, ariko ni imwe mu modoka z'intambara za none kandi zikomeye cane zifiswe na Ukraine, hampande y’izo mu bwoko bwa Leopard-2 zo mu Budagi.

Yatanzwe mu ntumbero yo guha Ukraine ubushobozi bwo kwivuna no kurwanya umwansi.

Mu kwa gatatu, niho abadereva ba ukraine basanzwe bagendesha imodoka z'intambara bigishwa kuzikoresha.

Challenger-2 zatanzwe mu rwego rw’imfashanyo ingana n’imiriyoni 28 z’amapawundi (amafaranga y’Ubwongereza) Ukraine yemerewe n’Ubwongereza mu ntango z’uno mwaka.