Putin avuga ko Ukraine iriko irananirwa mu gitero cayo co kwivuna

Putin

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko igitero ca Ukraine co kwivuna ataco kiriko kirashikako, mu gihe igisirikare cayo kiriko kirahatikirira bikomeye.

Yabwiye abanyamakuru bashikiriza amakuru y’intambara ko ivyo Kyiv iriko iratakaza biriko biregereza “akaga katagira izina”.

Ibi ntibirahinyuzwa, kandi na Perezida Zelensky wa Ukraine arahakana ibi bivugwa ko igitero co kwivuna kiriko kiranka.

Mw’ijambo yaraye ashikirije nijoro, Zelensky yavuze ati: “Hari intambwe ibandanya”.

Yashimiye ingabo za Ukraine ku “ntambwe imwe imwe, n’imetero imwe imwe yose ya Ukraine iriko irabohozwa mu minwe y’umugome w’Umurusiya”.

Ibi vyasubiwemwo na Valery Zaluzhny, umukuru w’ingabo z’igihugu, aho yanditse ku rubuga rwa Telegram ko hari “intambwe zatewe, turiko turashira mu ngiro integuro zacu, dutera tuja imbere”.

Igitero ca Kyiv co kwivuna kiri ku ntango, kandi hari intambwe ntonto zatewe mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko, hamwe no mu ntara ya Zaporizhzhia iri mu bumanuko bushira ubuseruko. Perezida Zelensky avuga kandi ko hari n'intambwe zatewe muri Bakhmut.

Ariko ibintu ntibisobanutse neza ku rugero rw’amajambo yashikirijwe na Kyiv mu ntango z’ino ndwi avuga ko iriko irabohoza ubutaka bwayo.

Ejo ku wa kabiri, BBC yaremerewe gushika mu bice bimwe bimwe vya mbere mu buseruko bwa Donetsk aho ubu ibendera rya Ukraine ririko rirahungabana.

Vyinshi muri ibi bice biragaragara, kandi muturere tumwe tumwe ingabo z’Uburusiya zirivuna.

Umukuru wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg avuga ko, n’aho iki gitero co kwivuna kikiri “ku ntango”, hari intambwe iriko irashikwako mu kwirukana ingabo z’Uburusiya.

Mu nama muri Maison Blanche/White House, yabwiye Perezida Joe Biden wa Amerika ati: "Uko abanya-Ukraine bazogenda bigarurira ubutaka, niko bazoba bariko barongereza inguvu ku meza y’ibiganiro”.

Perezida Putin avuga ko abanya-Ukraine batakaje ibimodoka vy’intambara (chars) birenga 160 mu gihe Uburusiya bwatakaje 54.

Avuga kandi ko ingabo za Ukraine zimaze kwicwa zisumba incuro cumi iz’Uburusiya – agashimangira ko Kyiv ata karere na kamwe barashobora kugira ico bashitseko.

Amajambo yiwe yiyamirijwe n’umutegetsi wa Amerika atashatse kwivuga izina, aho yabwira itororokanirizo ry’amakuru ko ayo majambo atari yo, anagabisha abohava baha uburemere ivyemezwa na Moscou.

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yarongoye inama n'abanyamakuru b'Uburusiya bakora inkuru z'intambara ejo ku wa kabiri i Moscou

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yarongoye inama n'abanyamakuru bakora inkuru z'intambara ejo ku wa kabiri i Moscou
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N’aho amajambo yose yavuze mu mubonano yagiranye n’abanyamakuru bakora inkuru z’intambara yasa n’ayo kwikeza, aremera ko abategetsi ba Moscou bari gutegerezwa gukinga ibitero biheruka mu Burusiya bivuye muri Ukraine.

Putin yavuze kandi ko Uburusiya bukenye "ibirwanisho ntahusha, ibikoresho vy’itumatumanako, indege, amadrone n’ibindi” – n’aho mu mwaka uheze ibikorwa vyo guhingura ibirwanisho vyiyongereye.

Ukraine imaze igihe kirekire ifise impungenge ku bushobozi bw’Uburusiya bwo guhingura ibirwanisho.

Ejo ku wa kabiri, Zelensky yongeye gusaba ko hofatwa ibihano bikomeye mu ntumbero yo kuzibira ibikoresho nkenerwa mu guhingura ibirwanisho, bimwe bimwe avuga ko bihingurwa n’ibihugu vy’incuti.

Avuga ko Uburusiya bukoresha ibi bikoresho mu guhingura ubwoko bw’ibisasu vya misire vyatewe ku nyubakwa zituwemwo n’abanyagihugu hamwe n’iz’ububiko ejo ku wa kabiri mu karere ka Kryvyi Rih, bigahitana abantu 11, bigakomeretsa n’abandi baharurwa muri mirongo.

Ejo nyene, Amerika yatangaje ko izorungikira Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 325 z’amadorari y’abanyamerika.

Mu yandi makuru, Perezida wa Biélorussie /Belarus Alexander Lukashenko avuga ko igihugu ciwe kiriko kiraronswa n’Uburusiya ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara “bisumvya incuro zitatu inguvu “ vya bibombe vyaterwa muri Hiroshima na Nagasaki.

Ntavuga nimba baramaze kwakira ibirwanisho canke bitarabashikira, ariko akavuga ko irungikwa ryavyo i Minsk (umugwa mukuri wa Biélorussie) ryari ngombwa kugira ngo ntihagire uwohava avogera igihugu ciwe.

Mu ntango z’uku kwezi, Uburusiya bwatangaje ko bwari kurungika ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara ku butaka bwa Biélorussie kuvamu kw’indwi – ibi bigafatwa nk’ukugabisha Uburengero bubandanya bwongereza imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine.