CPI/ICC ntijugumizwa n’umutahe umukuru wayo yasohorewe n’Uburusiya

Umukuru wa CPI Karim Khan yagize uruhara rukomeye mu gusohorera umutahe Vladimir Putin mu kwa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa CPI Karim Khan yagize uruhara rukomeye mu gusohorera umutahe Vladimir Putin mu kwa gatatu
    • Umwanditsi, Sam Hancock
    • Igikorwa, BBC News

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI/ICC, ivuga ko “itajugumizwa” n’uko Uburusiya bwashize umushikirizamanza wayo mukuru ku rutonde rw’abaronderwa.

Ibi bibaye amezi abiri inyuma y’aho Karim Khan wa CPI asohoreye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.

Mw’itangazo ry’ejo ku wa gatandatu, iyi sentare yatangaje ko iyo ngendo ari iyo kugerageza gutesha agaciro “inshingano zayo ihabwa n’amategeko yo gukurikirana ivyaha vy’agahomerabunwa”.

Uburusiya bwavuze ko uwu mutahe wo guhagarika Putin ataco uvuze, na rirya atari umunywanyi w’iyi sentare.

Khan, umunyamategeko w’Umwongereza, yasohoye umutahe wo guhagarika Putin mu kwa gatatu. Uvuga ko yakoze ivyaha vyo mu ntambara, ukaba ushingira cane cane ku vyo gutwara abana ba Ukraine mu Burusiya.

Umutahe kandi warasohorewe komiseri ajewe gateka k’abana Maria Lvova-Belova ku birego nk’ivyo.

Abana barenga 16.000 nibo bazwi ko batwawe ku nguvu mu Burusiya bakuwe muri Ukraine kuva intambara itanguye, nk’uko abategetsi ba Ukraine babivuga.

Ico gihe, CPI yavuze ko hariho ivyemezo nyavyo vy’uko Putin n’umupfasoni Lvova-Belova bompi bari babifisemwo uruhara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwihora, komite yo mu biro vy’umukuru w’igihugu (Kremlin) ijejwe amatohoza yatangaje muri ino ndwi ko igiye gutangura amatohoza kuri Khan ku caha co "gukurikirana mu butungane umuntu azwi ko ari intungane”.

Mw’itangazo ry’ejo ku wa gatandatu, iyi sentare ya La Haye yavuze ko yari “izi kandi ifise impungenge nyinshi ku ngingo z’igitsure zivugwa ko zafatiwe abakozi ba CPI”.

Mu kuvuga ko izi ngingo “zitemewe”, iyi sentare ivuga ko idashobora kubuzwa kubandanya “gukora akazi kayo mu bwigenge”.

Khan ntaco arashikiriza kuri ino ngingo yafatiwe n’Uburusiya.

Hagati aho, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe abana n’ibibazo vy’intambara, Virginia Gamba, yagizweko amakenga inyuma y’aho bivugiwe ko yabonanye na Lvova-Belova i Moscou.

Uyu murusiyakazi yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters avuga ko vyari ibiganiro “vyiza kandi ngirakamaro”.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’abategetsi baravyiyamirije, mbere bamwe banavuga ko uwo mubonano utari ukwiye kuba.

"Abanya-Ukraine bakorewe amabi bakeneye kubona Lvova-Belova ari mw’ibohero i La Haye, atari kubonana n’abategetsi bo hejuru ba ONU", bivugwa na Balkees Jarrah, umwe mu barongoye Umugambi w’Ubutungane Mpuzamahanga mw’ishirahamwe Human Rights Watch.

Mu kw’icenda, umupfasoni Lvova-Belova yavuze ko bamwe mu bana bakuwe muri Mariupol "bavuze nabi [Umukuru w’igihugu c’Uburusiya], bavuze bibi kandi baririmba indirimbo y’igihugu ca Ukraine”.