Imyaka 70 iraheze Hiroshima irimbutse

Ahavuye isanamu, AP
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe, yasavye ko ibirwanisho vyo muri ubwo bwoko ruhonyanganda vyokurwaho hose kw'isi.
Abantu bose muri ico gihugu bafashe umunota w'agacerere, kw'isha ihuye n'igihe indege za Amerika zakorora ibisasu ku Buyapani mu 1945.
Ivyo bisasu vyarimbuye abantu baharurwa ku bihumbi ijana na mirongo ine, muri ico gihugu.






