ANC yahagaritse Julius Malema

Julius Malema

Ahavuye isanamu, BBC World Service

Insiguro y'isanamu, Julius Malema

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, wahagaritse umukuru w'urwaruka, Julius Malema, imyaka itanu ahorwa kudindiza umugambwe.

Umugwi ujejwe inyifato mu mugambwe wahamagariye bwana Malema gutanga imihoho mu kibanza c'umukuru w'urwaruka rwa ANC.

Uwo mugwi wemeje ko bwana Malema yadindiza, akagira inyifato itabereye kandi ngo akaba yarateje amacakubiri mu mugambwe.

Yaragirijwe gutuka umukuru w'igihugu Jacob Zuma hamwe no gutoteza igihugu kibanyi ca Botswana.

Bwana Malema yavuze ko azokwunguruza kuri iyo ngingo.