Melissa Lucio: Inyongwa ry'uyu mugore wa mbere w'umu Hispanic muri Texas ryarindirijwe

Ahavuye isanamu, Melissa Lucio
- Umwanditsi, Na Rafael Abuchaibe
- Igikorwa, BBC News Mundo
Ku wa 27 Ndamukiza (4), Melissa Lucio yari yiteze gupfa.
Ariko hasigaye imisi ibiri ngo uyu mugore w'imyaka 53, nyina w'abana 14, anyongwe, yahawe amahirwe ku ncuro igira kabiri.
Lucio amaze imyaka 14 arindiriye kunyongwa ku rupfu rw'umwana wiwe w'umukobwa, Mariah, mu 2007, ico gihe yari afise imyaka ibiri.
Ariko yagumye ahakana ko ata caha afise, akavuga ko umwana wiwe yapfuye kubera isanganya akorotse akagwa, akavuga ko atigeze amukubita no kumuboreza igufa, nk'uko abashikirizamanza ba Texas babimwagirije.
Abana biwe bakiriho - umwana wiwe w'umuhungu mukuru akaba ari we abikazemwo cane - barashikirije ikibazo ciwe igihangange Kim Kardashian, yigize umwunganirizi.
Imbere y'uko inyongwa ryiwe rihagarikwa habonetse ibindi vyemezo, BBC yavuganye n'umuryango hamwe n'abamushigikiye.
'Isanganya'
Hari mu 2007, Melissa yari mu buzima butoroshe n'umugabo wiwe ico gihe, Robert Antonio Alvarez, hamwe n'abana biwe 12, igihe asama inda y'amahasa.
Uyo muryango wari mu bukene budasanzwe, nk'uko umushingwamanza wiwe Sandra Babcock yabibwiye BBC.
"Barakatiwe umuyagankuba, bakaba bimutse incuro zababa 26 mu myaka itanu. Mu kiringo kanaka, kugira baronke amazi bitura ababanyi canke paruwase."
Ni igihe kimwe muri ivyo bihe - ku wa 15 Ruhuhuma (2) 2007 - umukobwa wa Melissa yari afise imyaka ibiri yakomereka.
Nk'uko Melissa yabibwiye igipolisi, uyu mwana w'umukobwa yari wenyene ata muntu akuze bari kumwe mu gihe abavyeyi bariko barwana n'ubuzima.
Ico gihe, uyo muryango waba mu kazu gatoya k'ivyumba bibiri, kw'igorofa ya kabiri.
Mu nyuma, Melissa yabwiye igipolisi ko amaze kubona ko Mariah atari mu nzu, yaciye aja kumurondera, ariho yamusanga ku ngazi ariko ararira, afise n'amaraso make mu kinyigishi co hasi.
Abonye ataho yakomeretse, Melissa avuga ko yabandanije yikorera ibikorwa.
Haciye imisi ibiri, niho se wiwe yahamagara igipolisi abonye Mariah vyanse giturumbuka ko ahema.
Yari yaryamye ku gitanda c'abavyeyi biwe, ariko ntiyasubiye kwikangura. Mu nyuma ibipimo vyerekanye ko uyo mwana muto yari yakomeretse mu mafyigo no mu mahaha, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vy'ako karere.

Ahavuye isanamu, Melissa Lucio
Kwagirwa n'icaha
Haciye igihe bumvise urupfu rw'umukobwa wiwe, igipolisi carasambishije Melissa mu kiringo kirenga amasaha atanu, atandya, ata kinyobwa, ata n'akaruhuko.
Abashikirizamanza bavuga ko yemeye icaha inyuma yo gusambishwa n'igipolisi, umwe muri bo agashinga intahe "yemeza" ko yakoze icaha, bafatiye kandi no ku bikomere Mariah yari afise igihe asandaba.
Ariko abashingwamanza n'abandi bakunzi ba Melissa bavuga ko yatewe igitsure kugira yemere ivyo yagirizwa.
"Baramuriye umutima, baramuturubika, baranamutuka gushika aho yemera ivyo bariko bamutegeka kwemera ko yakoze icaha co kugirira nabi umwana", niko umupfasoni Babcock yavuze, akabona ko habaye "ukwihuta" mu kumutako icaha.

Ahavuye isanamu, Melissa
Nk'umugore w'umukene ava mu nkehwa muri Texas y'ubumanuko, nta mahera yari afise yo kuriha umushingwamanza ahubwo akaba yahawe umunyamategeko yagenywe na sentare, uyu nawe akaba yavyitwayemwo nabi bituma uyu mugore acirirwa urubanza rubi, nk'uko bivugwa n'abashingwamanza b'ubu ba Melissa.
Ivyemezo vyari gufasha Melissa, nk'icemezo c'abahinga hamwe n'abana biwe bandi, ntivyigeze bishirwa mu rubanza rwa mbere. Nta bipimo vya ADN vyakoze, nta n'abahinga mu vyo amategeko baburanira abantu bahawe ijambo muri urwo rubanza.
Harabaye kandi n'ibirego vyo kurya igiturire ku ruhande rw'ubushikirizamanza, ibi bikaba bitigeze bigaragara muri urwo rubanza. Armando Villalobos, umushikirizamanza w'akarere yashikirije ibirego ubu arapfunzwe yagirizwa ibiturire bidafitaniye isano na Lucio, ariko akaba yari mu bafatiye ingingo uyo muvyeyi.
"Uravye neza urabona ko ari urubanza rw'abashikirizamanza barya ibiturire, ni ikibazo c'akarenganyo".
Villalobos ntiyabonetse ngo agire ico abivugako.
Igihe itangaza ko inyongwa ryiwe rihagaritswe, sentare mpanavyaha y'iyungururizo yavuze ko urubanza rwa Melissa rwari rukeneye gusubira kwihwezwa kubera amakosa yakozwe mu gihe aburanywa ubwa mbere, hamwe n'amakuru mashasha yaje mu myaka cumi n'itanu iheze igihe yari apfunzwe.
Umwihwezo mushasha
Abarwanira agateka ka Melissa bafashe urubanza rwiwe nka rumwe mu manza za ngondagonge.
Umunyarwenya John Oliver, yaragarutse kuri uru rubanza mu gakino kajanye n'imanza za ngondagonde mu rukurikirane rwiwe rw'ibiganiro acisha ku mboneshakure ruzwi nka HBO (Home Box Office) mu kwezi guheze, nayo Kim Kardashian mu ntango z'uku kwezi akaba yaracishije ku rubuga rwa Twitter ikete ryarungikiwe Buramatari wa Texas riteweko igikumu n'abana icenda ba Melissa, basaba ko ubuzima bwiwe bwozigamwa. Abanyaporitike batari bake bava mu mpande zompi baramushigikiye.
Uru rubanza ntirubonwa kumwe - abenshi mu bana biwe bakiriho baramushigikiye ingene yiregura ko ata caha yakoze, mu gihe batanu mu bacamanza bamuciriye urubanza bamye berekana ko batishimiye ico cemezo.
Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, hari abandi bafata ko uko bigenda kwose yakoze icaha - Melissa muri kahise yarigeze kunywa ibiyayuramutwe kandi bamwe mu bana biwe barigeze gutwarwa mw'irerero, nk'uko abacamanza babibwiwe - n'aho ata vyemezo vyerekana ko yari yariganziwe n'ibi biyayuramutwe.
Ariko rero ukuntu uru rubanza rwakurikiranywe vyatumye hihonekeza amakosa yakozwe bituma iryari kuba inyongwa rya mbere ry'umugore w'umu Hispanic muri Texas mu bihe vya none rihagarikwa.
Agahengwe ariko si inyishu ya nyuma
Amaze kumenya ko inyongwa ryiwe ryarindirijwe, Melissa yasohoye itangazo avuga ati: "Ndanezerewe kubona Sentare yampaye amahirwe yo kubaho nkerekana ko ata caha kinyagira. Mariah ari mu mutima wanje uno musi n'imyaka yose. Ndanezerewe ko ndonse iyindi misi yo kuba nyina w'abana banje na inakuru w'abuzukuru banje".
Harabaye ingaruka nyinshi mu muryango wa Melissa. Imbere y'ibi vyose, "twari umuryango munini kandi twari twunze ubumwe cane", niko umuhungu wiwe mukuru, John, yabwiye BBC.
Ati: "Kuva iryo sanganya ribaye, twaracanyemwo cane hagati yacu. Ibintu vyarabaye nabi mu myaka 15 iheze".
Igihe nyina wiwe ahagarikwa, John yari afise imyaka 17. Ubuzima bwiwe bwose nk'umuntu akuze abumaze mu rugamba rwo kumurekuza.
Ati: "Igihe ibi vyose biba, umuryango wacu warasambutse". Batoyi biwe baciye batwarwa na bavyara babo, kandi benshi baravyifashemwo neza bavuye mu mashure. Ariko abana bari bakuze ntiborohewe.
N'umubabaro, avuga ati: "Abari bakuze, twari dufise imyaka itari mike, twarahomvye. Kuba ari we ukuze ntivyoroshe, si kubera gusa amabanga uba ujejwe, ariko kubera mba nshaka kubona umuryango wacu wongeye gusubirana".

Ahavuye isanamu, John
Ku myaka 32 ubu, John yabandanije arwana n'amategeko, ariko yaragerageje gusanasana ubuzima bwiwe: yarasubiye kw'ishure, atangura no kwiruka ku ntera ndende.
John arategura amakoraniro arondera ko nyina wiwe yorekurwa kandi avuga ko azobandanya urugamba.
Ati: "Si ndi ng'aha ngo ntere induru. Ndi ng'aha gusa kugira ngo nkorere mama igishoboka cose".
N'aho aguma ku rutonde rw'abategerezwa kunyongwa, urubanza rwiwe rwitezwe gusubirwamwo.










