Lisa Montgomery: US yanyonze wa mugore umwe rudende yari ku rutonde rw'abaciriwe urwo gupfa

Ahavuye isanamu, Reuters
Lisa Montgomery - wa mugore umwe rudende yari ku rutonde ruhari ubu rw'abaciriwe urubanza rwo gupfa muri Amerika - yahavuye anyongwa ku caha caha c'ubwicanyi.
Yatewe urushinge rwica mw'ibohero ry'ahitwa Terre Haute muri reta ya Indiana inyuma y'uko sentare nkuru y'igihugu ikuriyeho ingingo yo ku munota wa nyuma yo kwigiza inyuma iryo nyongwa.
Uru rubanza rwari rumaze igihe kirekire rukurikiranwa cane n'abantu benshi kubera abashingwamanza biwe bavuga ko yari arwaye mu mutwe kubera ihohotera yagiriwe akiri umwana.
Uyu mugore yari afise imyaka 52 yanize umugore yari afise imbanyi hanyuma aramusatura maze anyuruza umwana yari yibungenze muri reta ya Missouri mu 2004.
Uyu muvyeyi Bobbie Jo Stinnett yari afise imyaka 23 ico gihe yaravuye amaraso menshi bimuviramwo gupfa.
Montgomery ni we mugore wa mbere anyonzwe na reta ya Amerika mu myaka 67.
Nk'uko bivugwa n'ababibonye, umugore yari ahagaze iruhande ya Montgomery igihe yagira anyongwe, yamwambuye igitambara cari kimupfutse mu maso hanyuma amubaza nimba hari ijambo rya nyuma afise avuga.
Montgomery yishuye ati "oya", nta rindi jambo yasubiye kuvuga.
Yatangajwe ko yamaze gupfa isaha indwi n'igice zo mw'ijoro mu masaha yo muri iyo reta, ni ukuvuga isaha zibiri n'igice zo mu gitondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda.
Umwunganirizi wiwe, Kelley Henry, avuga ko umuntu wese yagize uruhara mu kunyonga uyu mugore "akwiye kwumva isoni".
Mw'itangazo yasohoye yavuze ati: "Reta ntaco itakoze mu kurondera kwica uyu mugore yari yarononekaye. Iyicwa rya Montgomery nta butungane na buto bwagiyemwo".
Iyicwa ryiwe ryarungurujwe incuro zibiri zose - ubwa mbere kubera Covid-19, mu nyuma ryunguruzwa n'umucamanza - gushika aho sentare nkuru ya Amerika itangiye uburenganzira bwo kumunyonga mu masaha ya kare cane kuri uyu wa gatatu.
Mu gikorwa kitoroshe cabaye mu masaha yo ku mugoroba wo ku wa mbere, umucamanza wo muri Indiana yarashoboye guhagarika inyongwa ryiwe gushika habaye urubanza rwo kwihweza nimba koko yari akomeye neza mu mutwe.
Abashingwamanza biwe bagumye bavuga ko uyu mugore yavutse adakomeye neza kandi ko yari arwaye cane mu mutwe ku buryo atategerezwa kwicwa.
Abanyamuryango biwe bavuga ko igihe yari akiri umwana, yafashwe ku nguvu aranahohoterwa na se wiwe, maze nyina wiwe nawe aramudandaza.
Abunganirizi biwe bavuga ko yahohotewe birenze urugero.
Abamuburanira bemeza ko igihe akora ico caha, Montgomery atari akomeye mu mutwe, kandi ko atari azi ivyo yariko arakora.
Ibi vyemezwa n'abahoze ari abashingwamanza hamwe n'abakiri bo bashika 41, hamwe n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu, nk'akarorero ishirahamwe Inter-American Commission on Human Rights.
Hagati aho, abanyamuryango n'incuti z'uyu muvyeyi yishwe bavuga ko icaha cakozwe na Montgomery cari ico agahomerabunwa ku buryo yategerezwa kwicwa, ata kuraba amagara yiwe yo mu mutwe.
Montgomery yishe umupfasoni Stinnett wo muri Missouri yari afise imyaka 23, inyuma y'ukumugira umugenzi bahujwe n'imbwa yari yakunze.
Montgomery yahavuye afata urugendo rumushikana muri reta ya Kansas ku muhana wa Stinnett, muri reta ya Missouri, avuga ko agiye kugura iyo mbwa.
Ashitse mu nzu ya Stinnett, Montgomery yaciye afata mu kanigo uyo mupfasoni yari yibungenze,, amunigisha umugozi, maze aca aramusatura akuramwo umwana.
Igiporisi cagiye kubona Montgomery areze uruhinja yavuga ko yari yavyaye. Inkuru yiwe imaze kumenyekana, yahavuye yemera ko yakoze ubwo bwicanyi.
Sentare yagiye kumukubita intahe mu gahanga mu 2007, bukeye aca acirwa urubanza rwo gupfa.
Kuva mu 2008, Montgomery yari apfungiwe mw'ibohero rya Texas risanzwe ripfungirwamwo abagore bafise ibibazo, aho yaguma akurikiranirwa.
Kuva amenyeshejwe itariki yo kunyongerwako, yaciye ashirwa mu cumba ca wenyene aho yabandanya akurikiranwa kugira ntahave yiyahura.
Umwunganirizi wa Montgomery , Kelley Henry, avuga ko abamuburaniye ubwa mbere ataco bakoze, kuko batari bashoboye kwerekana ihohoterwa yakorewe, ihahamuka yagize hamwe n'indwara yo mu mutwe yahavuye yanduriramwo.
Umugore wa nyuma yaheruka kunyongwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari Bonnie Heady, yishwe ashizwe mu cumba kirimwo ivyuka vyica i Missouri nyene mu 1953, nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe gutanga amakuru y'ibihano vy'urupfu.
Amerika yari yahagaritse imanza zo kunyongwa mu kiringo c'imyaka 17 yose, imbere y'uko Perezida Donald Trump ategeka ko zibandanya mu ntango z'umwaka uheze.










