Brandon Bernard: Igihano co gupfa muri US mu misi ya nyuma ya Trump cashizwe mu ngiro

Ahavuye isanamu, EPA
Igihano co gupfa c'umunyororo Brandon Bernard cashizwe mu ngiro mu ntara ya Indiana inyuma y'aho sentare nkuru ya Amerika yankiye ku munota wa nyuma ivyasabwa ko yogirirwa ikigongwe.
Bernard w'imyaka 40, yaciriwe urubanza mu 1999 yagirizwa ubwicanyi, akiri muto, akaba yabaye umuntu muto cane aciriwe urubanza nk'urwo mu myaka yababa 70.
Bernard yabwiye imiryango yiciwe abantu ko asavye ikigongwe, imbere y'uko yicwa atewe urushinge ku musi wa kane.
Bitegekanijwe ko ibindi bihano vyo gupfa bine bishirwa mu ngiro imbere y'uko Donald Trump ava ku butegetsi.
Mu gihe ivyo bihano vyose vyoshirwa mu bikorwa, Trump azoba abaye umukuru w'igihugu wa mbere ahagarikiye ishirwa mu ngiro ry'ibihano vyo gupfa vyinshi mu kiringo kirenga ikinjana. Akaba ashikanye abagera 13 kuva mu kwezi kw'indwi.
Amajambo yiwe ya nyuma imbere yo kwicwa
Vyamenyekanye ko Bernard yapfuye isaha zitatu n'iminota 27 z'ijoro za Amerika ku musi wa kane, mw'ibohero rya Terre Haute.
Imbere yo gupfa, yabwiye amajambo imiryango y'abiciwe abayo, avuga atekanye mu kiringo c'iminota itatu.
Nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press, yavuze ati: "Ndasavye ikigongwe. Aya ni yo majambo yonyene nshobora kuvuga, mu gusigura uko numva merewe ubu n'ingene n'iyumvise ico gihe."
Ishirwa mu ngiro ry'ico gihano co gupfa ryacerewe amasaha arenga abiri, inyuma y'aho abashingwamanza ba Bernard basabiye sentare nkuru kugihagarika - ariko ico cipfuzo camiriwe kure.
Urubanza rwa Brandon Bernard
Bernard yaciriwe urubanza rwo gupfa azira uruhara yagize mu rupfu rwa Todd na Stacie Bagley mu kwezi kwa gatandatu mu 1999.
Ni umwe mu basore batanu bagirizwa kwiba abo bantu babiri, babategeka kwicara inyuma mu modoka yabo i Texas.
Barashwe amasasu muri iyo modoka na mugenzi wabo w'imyaka 19, Christopher Vialva, imbere y'uko Bernard aca aturira iyo modoka.
Abamuburanira bavuga ko abo bantu babiri bapfuye imbere y'uko iyo modoka iturirwa.
Umuhinga yigenga yahamagawe n'ababuranira Bernard yavuze ko Stacie yari yamaze gupfa imbere y'uko imodoka iturirwa.
Ariko, abashikirizamanza ba reta bavuga ko n'aho Todd Bagley yapfuye bukwi na bukwi, Stacie yari agihema, bakavuga ko yapfuye azize guhema impwemu zirimwo umwotsi, atazize igikomere c'urusasu.
Abashingwamanza ba Bernard bavuga ko yagize ubwoba bw'ivyomushikira mu gihe yari kwanka ivyo ategetswe na Vialva, yishwe mu kwezi kw'icenda.
Abandi bagize uruhara muri ubwo bwicanyi bahawe ibihano vyo gupfungwa ubuzima bwabo bwose kuko bari bafise imyaka iri musi ya 18 baca bafatwa nk'abana.
Ababuranira Bernard bavuze ko yohabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, kandi akaba ata kigongwe yopfa yaragiriwe, kubera igihe cose amaze mw'ibohero, azwi neza kandi yarahaye n'inyigisho abantu kugira ntibaje mu bugizi bwa nabi.
Ni nde yamuburaniye?
Umushikirizamanza wa republika yari yasabiye igihano co gupfa Bernard, yasavye ko ico gihano cohindurwa ico gupfungwa.
Mu gice canditsemwo ico abantu biyumvira mu kinyamakuru ca Indianapolis Star, Angela Moore yanditse at: "Inyuma yo kubona vyinshi kuva mu mwaka 2000 vyerekeranye n'ingene ubwonko bw'umuntu bugenda burakura, no kubona Brandon ingene ari umuntu akuze yicisha bugufi, yicuza kandi ashobora kubandanya aba mw'ibohero, twovuga gute ko ari mu mugwi muto w'abicanyi bategerezwa kwicwa?"
Abashikirizamanza batanu kw'icenda bakiriho barasavye Trump ngo ahindure igihano cahawe Bernard, apfungwe gusa.
Abandi bantu ibihumbi n'ibihumbi baratakambiye prezida ngo agirire ikigongwe Bernard, harimwo abakenguzamateka Richard J Durbin na Cory Brooker.
Ku musi wa kane, abashikirizamanza bakuru Allen Dershowitz na Ken Starr na bo barifatanije n'umugwi w'abashingwamanza bamuburanira.

Ahavuye isanamu, COURTESY BERNARD DEFENSE TEAM
Rurangiranwa ku mboneshakure Kim Kardashian West, yaratanze ubutumwa bwinshi ku rubuga rwa Twitter bwerekeye urubanza rwa Bernard ku bamukurikirana, igihe yariko arajanwa kwicwa, abasaba ko boja hamwe mu kwiyamiriza ico gihano.
Kardashian West ariko arigira kuba umushingwamanza i California, akaba amaze gufasha mu manza zerekaranye n'ubugizi bwa nabi.
Mu kwezi kwa gatatu yaragiye ku kirimba c'umukuru w'igihugu ari kumwe n'abapfasoni batatu, igipfungo cabo cahagaritswe ku kigongwe c'umukuru w'igihugu Donald Trump.










