US: Lisa Montgomery niwe mugore wa mbere agiye kunyongwa mu myaka yababa 70

Ahavuye isanamu, Reuters
Sentare yo muri Amerika yatanze uburenganzira bwo kunyonga umugore umwe rudende arindiriye igihano c'urupfu.
Lisa Montgomery yaranize umugore yari yibungenze muri reta ya Missouri imbere y'uko amubaga akanyuruza umwana wiwe mu 2004.
Mu gihe yoramuka anyonzwe, yoba abaye umupfungwa wa mbere w'umugore anyonzwe mu myaka hafi 70.
Itariki Montgomery yari kunyongerwako yari yashinzwe mu kwezi guheze, ariko rero bikaba vyabaye ngombwa ko babanza kurindira inyuma y'aho abamuburanira banduriye Covid-19.
Mu nyuma igisata kijejwe ubutungane catanze isango rishasha ryo ku wa 12 z'uku kwa mbere ko ari wo musi uyu mukenyezi azonyongwa. Ariko abamuburanira babanje kunana ko iri sango bataryemeye kubera ingingo yo guhagarika inyongwa ryiwe itari bwavanweho.
Sentare yabanje gushigikira ivyavuzwe n'aba bashingwamanza biwe, maze bahagarika itegeko ryatanzwe n'umukuru w'ibiro bikuru vy'amabohero ku bijanye n'umunsi yongongerwako.
Ariko rero, ejo ku wa gatanu, umurwi w'abacamanza baremeje ko ingingo y'uyu mukuru w'ibiro vy'amabohero ijanye n'amategeko, maze batanga uburenganzira bwo kunyonga uyu mugore.
Ababuranira Montgomery bavuga ko bagomba basohore urwandiko basabe abacamanza ngo basubiremwo iyo ngingo.
Umugore wa nyuma yaheruka kunyongwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari Bonnie Heady, yishwe ashizwe mu cumba kirimwo ivyuka vyica i Missouri nyene mu 1953, nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe gutanga amakuru y'ibihano vy'urupfu.
Amerika yari yahagaritse imanza zo kunyongwa mu kiringo c'imyaka 17 yose, imbere y'uko Perezida Donald Trump ategeka ko zibandanya mu ntango z'umwaka uheze.
Mu gihe imanza z'urupfu zisigaye zoshirwa mu ngiro, Perezida Trump yoba ari we mukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika anyonze abantu benshi mu myaka irenga ijana.
Uko bitegekanijwe, Montgomery azonyongwa imbere y'uko umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden ashikirizwa amabanga.
Inyuma y'imyaka mirongo yamaze ashigikiye igihano c'urupfu igihe yari umukenguzamateka wa Delaware, Biden avuga ko amaze gushikirizwa amabanga azorondera ko ibihano vy'urupfu muri Amerika bihagarara.
Montgomery ni nde ?
Itangazo ry'ubunyamabanga bujejwe ubutungane ryavuze ko mu kwa 12 kw'umwaka wa 2004, Montgomery yavuye muri reta ya Kansas aja ku muhana wa Bobbie Jo Stinnett, muri reta ya Missouri, avuga ko agiye kugura imbwa.
Iri tangazo rivuga riti: "Amaze gushika kuri uwo muhana, Montgomery yaciye afata mu kanigo umupfasoni Stinnett yari afise imbanyi y'amezi umunani, gushika aho uyu nyakwigendera ata ubwenge".
Montgomery yaciye abaga Stinnett akurayo uyo mwana aca aramutwara mu ntumbero yo kumwiyitirira ko ari rwiwe.
Mu 2007 umurwi w'abacamanza basanze Montgomery yarakoze icaha gikomeye co kunyuruza cavuyemwo urupfu, bose ata wuvuyemwo baca bemeza igihano c'urupfu.
Ariko abamuburanira bavuga ko umukiriya wabo yari afise ibibazo vyo mu mutwe kubera inkoni yakubiswe akiri umwana, baca basaba ko ico gihano cofutwa.










